article comment count is: 1

Bugendana: “Twibuka kugira turuhuke tubashe gusubiza hamwe”

Buri wa 20 Mukakaro, imiryango y’ababuriye ababo i Bugendana mu 1996, incuti, abagenzi, ababanyi bashigikiwe n’intwaro barahurira hamwe bakibuka. Uwo mugirwa si ugusubira kwibuka gusa, ahubwo ni n’inzira yo gukira ku mutima no gukomeza umushinge w’ukunywana. Uyu mwaka, bibutse ku ncuro ya 29. Umwanditsi wacu arabituyagira.

 Ivyabaye mu gitondo co ku wa 20 Mukakaro 1996, vyasize intuntu, amarira n’agahinda ku mpunzi zari zahungiye muri “site” ya Bugendana. Abegera ku 648 barishwe bunyamaswa bazira ubwoko bwabo.

Abakuze, abana, eka n’inzoya nta we bwasize inyuma. Ingaruka mbi z’ubwo bwicanyi ni umurengera: impfuvyi zabaye nyinshi, ba ntahonikora babaye umurengera, hamwe no gukomereka ku mutima no ku mubiri ku batari bake.

Naho ubwo bwicanyi bwahitanye ubuzima bwa bamwe, hari intwari zatabaye ziranyegeza abariko barahigwa buhongo. Bamwe mu bacitse kw’icumu bari baje kwibuka bakaba bazisabira umuhezagiro wo kuramba no kuzobona umusi ukuri, ubutungane n’ukunywana bizoganza mu Burundi.

Akaryo ko kuremuruka

Bamwe mu bitavye ico gikorwa c’uyu mwaka, bavuga ko kwibuka bifise agaciro kanini. Me Pascal Ntahompagaze  aserukirana ARGEBU(Association des rescapé du Genocide de Bugendana) yagize ati: “Kwibuka si inzikira ahubwo ni guha agaciro ubuzima, ni kwamirira kure ivyabaye ntibizosubire”.

Ivyo bigashimangirwa na Oswald Ntirampeba arongoye “site” y’abateshejwe izabo y’i Bugendana. Ku bwiwe abona ko bigaragaza ukuri kw’ivyabaye, abo vyashikiye bakavyemera hama bagafata umwanya wo kwiyakira kugira bije birabavamwo bukebuke.

Ariko, nk’uko abandanya abivuga, n’ababikoze canke abari ababanyi babo ku mitumba nabo birabafasha kwiyugurura bakaza gufashanya gutera ivyatsi ako kabi kabishe.

Inzira yo kunywana irashoboka

Bamwe mu bacitse kw’icumu muri ubwo bwicanyi, baramenyesha ko naho bakomeretse ku mutima no ku mubiri, barashima intambwe bagezeko. Umwe mu bakenyezi yagize ati: “Naho mu muryango batwiciye abantu batandatu, twaramaze kuvyakira kandi dutegerezwa kubana na benewacu”.

Padiri Vianney Nizigiyimana yahereje inkuka y’imisa, akabona ko igihe nk’iki gifasha kuzirikana ubumwe no kwirinda ivyiyumviro vy’ubugizi bwa nabi. Mu migirwa ya Ekleziya, no kwubaha abapfuye ni igihango c’icubahiro.

Ivyo kandi bishimangirwa n’indogozi aho bemeza ko hari abamaze kunywana kuko hari ibimenyetso bivyerekana: gusabirana abageni, kwivunira akanyota hamwe, gutumirana mu manza no kurabira hamwe umutekano.

Hakizimana Dieudonné, ni umuhanuzi wa musitanteri ajejwe imibano muri komine Bugendana, akagira ati: “Abantu muri rusangi bariko baranywana, ubumwe, umutekano biruzuye mu mitima yacu, turengere ivyatubayeko, turamurire igihugu”.

Amwe mu mashirahamwe aserukira abiciwe ababo, aripfuza ko abakoze ubwo bwicanyi borengutswa imbere y’intahe maze bagahanwa hisunzwe amategeko. Babona ko Reta ikwiye kubaburanira mu gusaba sentare mpuzamakungu, hisunzwe amasezerano mpuzamakungu yeteyeko umukono akumira ivyaha vy’ihonyabwoko.

Ico gikorwa co kwibuka citabwe n’amashirahamwe AC Génocide, SOBU na AR Kibimba casozerewe no gushikiriza imfashanyo ba ntahonikora bo muri site ya Bugendana zigizwe n’ibikoresho vy’ishure ku bana 80 hamwe n’amakarata 60 yo kwivuza.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. hama merci kudusangiza ivyabaye ibugenda;vyaratubabaje cane.ikindi turashimiye abavyeyi bagiye baranyegeza abo badasangiye ubwoko;ubwo ni ubumwe budasanzwe.hama nawe turagushimiye kumpanuro wagiye urashiramwo .merci