Uku kwezi kwa Gitugutu turangije, ni ukwezi Abarundi twaburiyemwo incungu zibiri : Melchior Ndadaye hamwe n’umuganwa Rudoviko Rwagasore. Ni kwo kwezi nyene kurimwo umusi mpuzamakungu wahariwe umwigisha. Uyu mwanditsi wa Yaga akaba afashe akaryo ko gushima inyifato y’umwe mu bigisha biwe, Haruna Nkunduwiga, yabaye intwari mu kubuza ko ubwicanyi bwakurikiye igandagurwa rya Malchior Ndadaye butandukira ishure rya Rumeza yigishako. Intahe.
Wari umugoroba mubi cane kw’ishure ryisumbuye rya Rumeza. Ico gihe ryitwa “collège”, bitandukanye na “collège comunale” kubera ryari rifise indaro. Mw’ijoro ry’umuzimiza, ata wubona uwundi, aho mbunze numva igitima kididagizwa. Abanyeshure b’ “Abahutu” n’ “Abatutsi” babaye ibishirira bagira bicane. Buri mugwi wari ufise ivyuma bavunaguye ku bitanda, amabuye, imbugita, ibihiri n’ibindi. Nta n’umwe yavuga. Kari agacerere.
Aho hose abo bitwa Abatutsi bumvise ngo Abahutu bashaka kubica, Abahutu nyene ngo babwiwe ko Abatutsi bashaka kubica. Babibwiwe na nde ? Ntumbaze kuko rwari urunwarunwa gusa. Duhejeje gufungura, nta wasubiye mu cumba. Abahutu bari baherereye amaja mu burengero, Abatutsi mu buseruko, ari na ho hari uburiro.
Haruna aca arahaseruka
Haheze umwanya, bamwe bose bipanze habuze gato ngo ibara rigwe, Haruna Nkunduwiga, yari ajejwe ivyigwa (préfet des études) aba arahashitse. Ng’uwo abagiye hagati. Yari atinyitse cane, tukanamukunda nawe akadukunda.
Atangura kuvuga amazina y’abanyeshure bakunda kwita imbere mu kwigarisha ngo barakaze, kandi yavuga abo mu mpande zose. Ivyo ntivyamugora kuko abanyeshure bashobora kuba bashika 400 ngira abo atari azi amazina, canke amatazirano bari imparurwa. Ni ho rero amaze guhetura amazina n’amatazirano y’abanyeshure benshi cane yaheza akabereka ububi bw’ivyo barimwo. Kubera kumusonera nta n’umwe yari kwubahuka ngo atere ibuye arimucishe hejuru canke ngo amwishure. Gusa warumva aha canke hariya hari uwaduka akimyoza, ahiga.
Nanje ku myaka 15 yanje nari mu w’umunani, nari mbunze inyuma y’abo bitwa “Abatutsi” nitirirwa, ahari ubwogero mugabo bumaze imyaka mirongo ata n’ima ry’amazi rihaje. Erega yagumye avuga harahera uwanya munini cane, adusigurira ububi bw’ivyo bintu, ineza yo kubana neza n’ibindi. Vyabaye kera tubona haje abajandarume, batwiraramwo baduha inkoni tumaramara tuja kuryama. Dusubira kurara hamwe ata winuba uwundi.
Igikundiro catumye aduhuza
Uwo mwigisha mwiza cane, yarakunda gukina umupira, akitaho ibikorwa vy’ishure nka vyose. Yararaba ingene dufungura, akadusuzumira imoteri y’umuyagankuba. Hageze ibibazo, ni we yagwiza impapuro z’ibibazo vy’amashure yose, akoresheje ikimashine citwa “stincileuse”. Yamara umusi wose akoresha inguvu ahotora asubira, kanatsinda « photocopieuses” ntizari bwagwire ngo zoroshe ibintu. Wasanga mbere ajana n’imodoka i Bujumbura akaza apakiye ibifungurwa, naho vyinshi PAM yaba yabitanze. Aho simvuze gukwirikirana abakinyi, bibaye ngombwa akaba ari we anyonga imodoka bagiye gukina ku rindi shure.
Yakunda gukina “volleyball”, abanyeshure batoya bagashengerera, batanganwa gutora imipira, akaba akaryo ko “guhaba”. Akabaraba yitwengera. Ntitwamenya ko yaba ariko araraba inyifato zacu. Ndibuka umusi umwe azanye imodoka y’ishure bayigongoye yari imaze imisi igonze, abanyeshure bamuhundayeko bamugwa mu nda. Nawe yaciye “atudodesha” apakira bakebake abazungurakana ikibuga, abasigaye hasi bavyina, abashikiriwe bakurira. Ukabona ko abana baryohewe. Ukumwiyumvamwo nk’umuvyeyi ni vyo vyatumye acuresha iryo bara. Yari asanzwe yigisha icigwa ca “Chimie”. Birumvikana ko abo mu w’7 no mu w’8 atabigisha, mugabo yari abazi na bo nyene.
Abigisha nagize benshi cane kandi beza, kuva mu wanyigishije mu wa mbere gushika ku wo mperukirako. Ibango bafise ni ntangere. Noneho hariho abatafatanya ibango n’ibanga, ibikorwa vyabo ni intashikirwa. Ariko Nkunduwiga yabaye umurezi abiba imbuto y’Ubumwe, adatinya ko vyomuhitana.

Imana izobimuharurereko nkukugororoka ibihere impera uruvyaro rwiwe uko ruzogenda rukwirikirana
Votre lecture est très intéressant
Intwari. Com
❤️❤️❤️❤️
Imana izobimuhembere n’uruvyaro gwiwe. Intwari zoba nkizo. Amashule yose yaciyeko za Gisenyi nabandi barashima