Inyuma y’imyaka 30 habaye ubwicanyi mw’ikambi y’abateshejwe izabo i Bugendana, haherutse kuba umugirwa wo kwibuka abahasize ubuzima. Hambavu yo kwibuka, habaye n’ihimiriza ryo kwiyubaka biciye mu kunywana, kurengera agatima k’amacakubiri hamwe no mu kwitezimbere.
Adronis Mbazumutima
Bugendana: “Twibuka kugira turuhuke tubashe gusubiza hamwe”
Buri wa 20 Mukakaro, imiryango y’ababuriye ababo i Bugendana mu 1996, incuti, abagenzi, ababanyi bashigikiwe n’intwaro barahurira hamwe bakibuka. Uwo mugirwa si ugusubira kwibuka gusa, ahubwo ni n’inzira yo gukira ku mutima no gukomeza umushinge w’ukunywana. Uyu mwaka, bibutse ku […]