Urukundo ruragoye gusigura. Rurimwo ibinyegezwa vyinshi ku buryo, umwe wese usanga akunda canke agakundwa ukwiwe. Nta muntu yovuga ngo bakunda uku canke kuriya. Igikuru ni ukumenya ko umuntu yakunze canke ahimbarwa n’ukubona umuntu ka naka, na vyo birashika. Eka mbere hari n’abo usanga bama baryamana mugabo ata kariro k’urukundo bafitaniye. None womenya gute ko wakunze canke wakunzwe koko ?
Urukundo ruratera ibigumbagumba mu mubiri, ukumva akariro ; nk’uko bigenda ku bijanye n’ugusharwa. Uko umuntu yiyumva mu vy’urukundo bivana n’imyaka aba agezeko, bikavana n’uwo mukundanye, kandi bikavana n’ico uwo muntu nyene ari. Aha rero, ni ukumenya itandukaniro riri hagati yo gukunda umuntu ukamwiyumvamwo no kumushuhira gusa.
Umuntu wumvira akariro k’urukundo, ni harya kuva mu ntango y’ukugendana kwanyu ubona vyose iwe ari vyiza gusa, na kare ba sokuru barayamaze ngo : « amaso akunda, ntabona neza ».
Iyo ugeze kuri iyo ntambwe, biravuna umutima, mu gihe uwo ushuhiye nawe atakwiyumvamwo. Birashobora kuba ari ibishobisho mu ntango, mugabo bukebuke, uko imisi igenda, bigatera bishinga imizi mu mutima ; ukumva anyuze umutima wawe. Aho rero, ca umenya ko umukunda.
Urukundo rurakura, uko imisi igenda. Kandi, uko bigendera umwe, si ko bigendera uwundi. Mugabo kenshi, usanga bitangura mu kwumvira akariro uwundi. Mu nyuma, hakaza ibisa n’indoto, ukarengerwa n’uko kuntu wiyumva. Mu nyuma rero, haraheza hakaza kwiyumvanamwo ; na vyo birakura, uko igihe kigenda. Biraheza bikamara imyaka n’iyindi, canke mugasaza mwikundanira, mutebura.
Ibimenyetso vy’urukundo biriho
Iyo ufise uwo ukunda, uguma umwiyumvira umusi wose. Ico ari cose canke ico akoze ubona ari ciza cane. Erega uwuri mu rukundo ntaho afatwa. Ashobora kwumva ko ari umuntu ahambaye, mugabo akongera ukumva afise ibibazo vyinshi mu mutima, asa n’uwihebuye. Usanga ari amayobera.
Ukibonye uwakunyuze, uja wumva umutima ngo kwa! Umengo ufashwe n’inyonko, ukagira ubushuhe. Hari n’abamererwa nabi mu nda, hari abaguma bamwenyura buri mwanya… Mu kuvuga ntumenya iyo uhera n’iyo uhereza, ugasanga ugomvye kuguma uvuga kugira ngo umuhimbare. Ivyo urwaruka rw’ubu rwita « kumwemeza ». Ivyo rero, ni ibimenyetso vyerekana ko ukunda umuntu koko.
Abahinga baragerageje kuraba ibiba mu bwonko bw’umuntu iyo yakunze. Basanze umubiri w’umuntu hari inkabuzo zimwezimwe uca ukora ku bwinshi. Muri izo, hari iyo bita « ocytocine »; bakunze kuyita “inkabuzo y’urukundo.”
Amabanga y’abubatse canke imibonano mpuzabitsina ?
Hari abantu usanga bahereye aho bohereje, bagashaka guhereza aho botanguriye. Urashobora kubona umuntu ahuye n’uwundi rimwe, bagaca baryamana. Bwaca, umwe akihenda ngo arakunda uwundi.
Mugabo, abahinga bavuga bati: « amabanga y’abubatse ni yo ntambwe ya nyuma abakundanye bashikako, mu ntumbero yo kugaragaza urukundo. » Aha rero, ni ugutandukanya imibonano mpuzabitsina n’amabanga y’abubatse. Vyitwa amabanga y’abubatse iyo ari hagati y’umugabo n’umugore bubakanye.
Ikindi na co, ni ugutandukanya gukundana n’ukugira imibonano mpuzabitsina. Ababigira bose si ukuvuga ko baba bakundana. Haba na mba! Birashika, ugasanga ari ukwironderera akaryoheramubiri gusa.
merci ako kantu karumutse kbsaa.
Murakoze cane kunyigisho mwama muduha buri gihe,turashimishwa nimirimo yanyu,mukomere kubikorwa natwe tubari inyuma,turabakunda kndi turabashigikiye,mudukora kumutima tugatahura tukumva tunyuzwe,Imana ibakomereze amaboko
ivyo ni vyo kweli.gusa hari naho ushobora kuvugako ukundanye n’umuntu ariko ataruko akokariro kakurimwo.nk’akarirero,murashobora kuyaga n’umuntu muhuriye nkomurubanza n’ukuvugako atavyinshi ubumwitezeko ariko munyuma akaguma akurondera kandi akubonye mukaganira ariko wewe yibaza KO hari urukundo nahonamba
Commentaire *hahaaa ni dander
Commentaire *Bonne idée!
Murakoze
Hari ikintu ntemeye muri make itandukaniro mwatanze hagati yurukundo nyarwo nurukundo rwo gushuhira umuntu ntiryanyemeje vyose birasa mugabo mwakoze kuvuga kuri ivyo bibiri
Mbaje kubashimira kukuntu mutwitaho,hama vyukuri gukunda vyobabibaho canke nikurya burimuntu habaharicaronfera kuwundi
(Profit)kuko nibaba gukunda vyabaho woheba cute umuntu mudashwanye?
Murakoz!
Nukuri ndabashimiye cane ibibintu binyeretse vyishi mpora niyunvira nkabura uwondabibwira cank uwotwobiyaga nukuri ayomabi nsanze qrimenshi kand akogwq kensh ariko rero abakora n,abqyakoregwa tugiy kubiraba twosanga bose babishiramwo uruhara nivyokuyaga abarikumwe
Nihatari.
Eg Vrt Nivyo!Murkoz
murakoze kunyigisho
nivyo ivyo
Murakoz kutwigis
merc!!bcq
MURAKOZE KUNYIGISHO
Nibaza Yukurukundo Nyakuri Kwatarukurangura Iyo Mibonano Mpuzabitsina?Arik Kimwe Gusa Harurukundo Rwibishobisho Rer Imana Yadutegetse Dukundane Murukundo Nkurwo Yadukunze Mugihe Tugiyukobitabereye Ntakib Gisigaye Atarukurindira Wamuriro Uzorigata Inkozi Zibib Murakoz
asante sana
gukunda uwutagukunda ninkimvur irwa mwishamba
Murakoze kuri vyinshi mugenda mudufasha mugutahura inkundo zacu mukomeze muduha vyishi kugirang dutahuran hagat yacu
Ndabaramukije hama bivana nukuntu abayeho jewe sinobishingira intahe kabashaka kuja mubuhumbu
Mrc mubandanye mudushkiriza izo mpanuro
Vyukuri urukundo ne rurabaho?
kodukunda babera kumenyo kubera benshi nabaryi
Ntaco ndokongerako ahubwo nimumfashe kuk ntawo tumarana indwizitatu
n byiza cane nukuri. ntimugotwe kutwongera iyind nyigisho.
Murakoze cane kunyigisho muduha