article comment count is: 0

Ihinduka ry’umubiri w’umuyabaga n’umukangara : ko ibibazo ari vyinshi inyishu zoba izihe ?

Igihe c’ubuyabaga n’ubukangara ni igihe kidasanzwe mu buzima bw’umuntu. Ni igihe hahinduka vyinshi ku mubiri no mu nyifato, kikaba gishobora no gutera ubwoba abatari bake bagishika muri iyo myaka. None vy’ukuri vyari bikwiye kubatera ubwoba ?

Urwo rujwi rwiwe umenga yariye ibikere” , “ntikicumvira abavyeyi ciyumvise ubusore”, “uzire umuziro ntusubire gukwegana n’abahungu…”. Ayo majambo n’ayandi menshi asa n’ayo, umuntu yaciye mu gihe c’ubuyabaga n’ubukangara yarayumvise, avugwa n’ababanyi canke abagenzi. Abayavuga baba babikora ku gutebura, mu ntumbero yo kuba baratwenga ; ariko benshi abayabarirwa barababara cane, bakabona ko bariko barifatirwa mu gahanga, bahuhikwa ; bakumva ko bahorwa uko kuntu umubiri wabo uba wahindutse. 

None guhinduka kw’umubiri w’uwo muyabaga canke umukangara ko ari ikintu ntarengwa atagerezwa gucamwo, kukibamwo ni ikosa ryiwe ? Gutungwa urutoke ni vyo biba bikwiriye, canke hari hakwiye ko nyabuna akezwa, agasigurirwa ibiriko biramushikira ? 

Ikibabaje…

Mu gihe abantu baba bariko barabateburako, abayabaga n’abakangara bobo baba bafise ibibazo vyinshi ku biriko birabashikira, bakaba bakeneye n’imiburiburi kubironkera inyishu mu buryo butekanye, aho atagutyekezanya, gutwengana canke kwagirizanya bibayemwo. Abatwenga rero, nta nyishu na ntoya bibaha, atari “ugusongera isibe” mu kubababaza no kubashira mu ibindi bibazo. Ni ho umuyabaga canke umukangara usanga aca aguma yibaza ikosa yakoze, akibaza ivyo yoba yakoze uko bitategerezwa, n’ibindi. Benshi baca bahitamwo kwigunga, kuko babona ikibano ataco kibamariye mu bibazo barimwo. 

Ivyo vyiyongera ku mico y’ikirundi idashira imbere  ikiyago ku vyerekeye ihindagurika ry’umubiri w’umuntu, na canecane ivy’ibihimba vyihishije harimwo ivy’irondoka. Ibi bituma umuyabaga canke umukangara abonye igihindutse ku mubiri wiwe atubahuka no kubaza. Kira noneho, n’iyo babajije burya inyishu baronka ntizishemeye. Benshi babishura ivyo kubatera ubwoba, kubikura canke bakabishura ivy’imirenzako. 

Akarorero gakunze gushika, ni aho umuvyeyi atinya kuyagira umwigeme wiwe ivyerekeye ubutinyanka, akihutira guca amuca amahani y’ingene yotinya abahungu, akibagira kumubwira ivyerekeye bwa butinyanka kandi ari bwo yari afiseko ikibazo.  

Inyifato zitandukanye

Ni co gituma abinjiye muri ico gihe c’ubuyabaga n’ubukangara bagira inyifato zitandukanye, ku gutinya uruvugo rw’abantu hamwe n’ugushaka kunyegeza ivyabo. Ni ho benshi muri bo batangurira kwitwara uko batahora, mbere bamwe bakabona ko ata kikibagonda. Bariyumva inguvu, bagatangura gukora ivyo bashatse, ivyo badashatse bakavyirekera. 

Hari n’abadukana kunywa inzoga, ibiyayuramutwe, hamwe no kuja ku “marigara” bigwira muri iyo myaka kuko aba yifata nk’uwigeza uko ashaka atipfuza ko hari uwomubwiriza ivyo akora ngo avyemere. Ishirahamwe riraba ivy’amagara y’abantu kw’isi OMS, mu cegerenyo caryo, rivuga ko mu 2015, abayabaga n’abakangara barenga umuriyoni basezeye isi biturutse ku kwiyahura, amasanganya, hamwe n’indwara ziturutse ku kutamenya. Icari gikwiye kuraza ishinga, ni ukuntu abakangara n’imiyabaga baterwa ubwoba n’ivyo bintu bihindagurika ku mibiri yabo, ndetse no mu nyifato zabo. 

None ihinduka ry’umubiri w’umuyabaga n’umukangara ryari rikwiye kubatera ubwoba ? Inyishu no ku bindi bibazo vyerekeye ico kiringo, ni muri iyi reresi ngufi iryohoye kandi inovoye. Yikurikirane mwikure amazinda.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion