Birashika, urwaruka rukagwa mu mutego w’abigira ngo barakundana, bakaja gutahura, amazi yarenze inkombe, ko uwo bihebeye yishakira ibindi. Urwaruka rukwiye kwama rwiyubara, rukamenya gutandukanya urukundo rw’ukuri hamwe n’urwuzuye uburyarya. Muti bobimenya bate ?
#SSRAJ
Ubutinyanka: dukinge ibinyoma mu bayabaga bacu!
Umwigeme wese ageze mu myaka y’ubuyabaga aramara ikiringo kiri hagati y’imisi itatu n’indwi ari mu bihe, ivyo bita kandi “ubutinyanka”. Ico gihe kivugwako vyinshi, ariko kenshi usanga ibivugwa atari ivy’ukuri kuko usanga bifatiye ku miziro n’ibintazi bivugwa kuri ico gihe, […]
Ubuyabaga n’ubukangara : inyifato ibereye ku rwaruka rudashimishwa n’uko rumeze
“ Kudashimishwa n’uko umuntu ameze !” Aha benshi bokwibaza bati : “Ivyo birabaho ?” Egome cane birabaho kandi biraraje ishinga abatari bake, na canecane abayabaga n’abakangara. Bibatuma batuntura ku mutima, bakiyanka, bakanagira inyifato zitari nziza ku buzima bwabo. None koko […]
Ihinduka ry’umubiri w’umuyabaga n’umukangara : ko ibibazo ari vyinshi inyishu zoba izihe ?
Igihe c’ubuyabaga n’ubukangara ni igihe kidasanzwe mu buzima bw’umuntu. Ni igihe hahinduka vyinshi ku mubiri no mu nyifato, kikaba gishobora no gutera ubwoba abatari bake bagishika muri iyo myaka. None vy’ukuri vyari bikwiye kubatera ubwoba ?