Isi yose iherutse mw’isekeza ry’imisi 16 yo kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi. Ayo mabi na yo avugwa, ari kwinshi. Hari n’ayo dukora tutayazi. Muri ayo, harimwo imigenzo ibiri itagira ishingiro iri mu mico y’Abarundi ihohotera abakenyezi bibungenze dukwiye guheba.
Mu gihe “inda woyibarira uwayirayeko”, igitegeye umukenyezi ku mbanyi yibungenze ntivyoroha ko akizibukira. Uko aba amerewe mu mubiri hamwe n’uburuhe bw’udukorwa two muhira aba ariko arakora biragabanura gushaka kugira imibonano mpuzabitsina ku mukenyezi yibungenze. Usanga ahakanira cane umugabo iyo amubajije “iryo jambo”.
Kugira abagabo “ntibaburare”, baciye biga amayeri y’ukuntu iyo mibonano yoba ku rwenge, maze bigenda birahererekanwa mu migenzo. Ayo mayeri arakorwa ariko biramerera nabi amagara y’abakenyezi bibungenze.
Gushirako umushatsi, utuno canke inzara
Aho hambere, eka mbere n’ubu biraba, iyo umugabo abonye ko umukenyezi yibungenze atanguye kumuha umugongo baryamye, ahengera bibaye nka gatatu canke kane, akamubwira ko umwana yibungenze hari ibihimba bitarajako, ivyotuma ashobora kwibaruka umwana w’igihume adakwije ibihimba. Ni ho usanga amubwira ati : “Hindukira nshireko umushatsi”. Irindi joro ngo: “Hindukira nshireko utuno”, uwundi musi ati : “Inzara ntizirajako raba uhindukire ndazishireko.”
Abo bagabo baribagira ko, uko kugira imibonano ata mwumvikano uhabaye canke ku rwenge, ari ubundi buryo bwo gufata ku nguvu abakenyezi babo. Kukaba nka ko, muganga Manirakiza Eric avuga ko ibihimba vy’umwana biri mu rukurikirane rw’ihura ry’intanga n’urubuto rw’umukenyezi umusi umwana asamwa, iyo yindi mibonano mpuzabitsina ngo nta kintu na kimwe igaruka kwongerako.
Kwagurira inzira umwana
Amayeri ari kune ari gutanu. Abarundi, bavuga ko iyo umukenyezi yibarutse akozwe (abazwe), ari uko umukenyezi aba afise inzira yociyemwo umwana yaga. Iyo bishitse hoho agakorwa afise umunega wiwe yagiye gupagasa, aca abona ko yabuze uwumwagurira inzira.
Aho rero ni ho abagabo baca bikika mu kiza, bagahenda abakenyezi babo iyo bibungenze mu kubahatira mu mibonano mpuzabitsina ngo bariko barabagurira inzira ngo babakingire kwibaruka bakozwe, canke ngo ntibazosubire gukorwa mu gihe bazoba bariko baribaruka.
Ikibabaje gusumba, iyo migenzo n’ayo mayeri birakoreshwa n’abandi bagabo canke imisore mu gufata ku nguvu abakenyezi bibungenze bafise abagabo batari hafi yabo.
Muganga Manirakiza asigura ko ivyo bitumwa n’abaganga badasigurira abakenyezi bibarutse bakozwe, icatumye babakora, kuko hari imvo nyinshi zibitera, kandi ko n’abo bakora kubera inzira yaga, irya mibonano mpuzabitsina itagura inzira na gato.
Abagabo bakwiye gutahura ko ibanga ry’abubatse ribwirizwa kwumvikanwako n’uwo barirangurana ndetse agateka k’umwe umwe wese kakubahirizwa. Ivyo vyofasha kudahohotera uwo bubakanye ku rwenge canke ubwenge buke, maze bigakinga ayo mabi afatiye ku gitsina akorerwa abakenyezi bibungenze.
Uwu yanditse iyi nkuru aregera abakenyezi nka bangahe, niho azomenya ko ico gihe umugore akenera umugabo cane kandi ata mayeri arimwo. Uwanditse iyi nkuru azi bike mu vy’urugo.
Non muriko murababwira babireke ariko bavuga ko mu gihe umugore atakibazo kwatanakimwe abikoze
Uyu yanditse ibi bintu kwari kugira aronke ivyo yandika kuko ivyo vyose biri muri iyi article yatanze iciyumviro ciwe nta makuru atanze. Kwagiriza abagabo bahuza ibitsina n abagore babo bibungenze ari kubafata ku nguvu ntibigira umutwe n’amaguru! Les temoignages z abagore waronse n izihe?
vous dites vrai kabisa …
Nisawa