Kuronka uburaro ku rwaruka rwa kino gihe ntivyoroshe. Baba abiga canke abisumamwo, benshi bariyungunganya bagapanga hamwe mu makaritiye atandukanye asa n’ayakigendeka. Muri ukwo gupanga, hari abasanga babanye ataco bapfana, ndetse batanasangiye igitsina. Ivyo iyo bishitse, ikibano ntikibibona neza, kikabagiriza ko baja mu buhumbu. Koko?
Carine* afise imyaka 26. Asanzwe apanze hamwe n’abahungu batavukana mu gisagara ca Bujumbura. Yemeza ko kare yahora abana n’abo bavukana, musazawe na mukuruwe. Bano ngo bahavuye baronka akazi ruguru, aca asanga ategerezwa kubana n’abandi. Ni ko kubana mu cumba n’uwundi mukobwa, abahungu babiri bakaba mu kindi, bagahurira mu bwicaro (salon) bafungura canke batera ryarenga.
Arahimbawe n’ukuntu bibaniye impundu amarembe. Ariko ikibano na co, civugira ibindi. Akagira ati : “Hari abatubona nk’agahabwa, bakadutunga urutoki ngo ehe vya bihumbu vy’abakobwa bubahuka kubana n’abahungu batavunaka”.
Ivyo abantu bavuga nta na kimwe bibabwiye. Avuga ko babirengera, kanatsinda basa n’abamaze guhuza ubucuti nka gishiki na gisaza, ngo “barasoneranira, ku buryo ata wohava yubahuka kubaza ico kintu uwundi”.
Ivyo biri uko no kuri Sarah*, w’imyaka 20, yiga muri kaminuza mu Cankuzo. Avuga ko hariho mu nzu zagenewe abanyeshure, ababana bivanye n’uko bumvikana, bakagabura ivyumba. Amenyesha ko basangiye inzu n’abahungu ataco bapfana, kandi bahuzwa n’aho babaye badahuza imibiri.
Uwitwa Cynthia* asanzwe yiga kaminuza mu gisagara ca Bujumbura mu gisata c’ubuvuzi, wewe avuga ko bizanwa n’ubuzima. Akagira ati: “Twari mu myimenyerezo (stage) mu ntara ya Mwaro. Nta ncuti twari dufiseyo, twaciye dusangira inzu kugira tworoherwe mu bijanye n’uburyo. Kandi twari tubanye neza. Erega usanga vyikoze murabana nk’abavukana”.
Ngo babanye yo mu… “ yo !”
Umuvyeyi aba mu Kanyosha yitwa Evelyne*, afise abana babiri bari mu bigero, yamirira kure ivyo urwo rwaruka rubana ruvuga.
Akagira ati : “Jewe nciga hari inzu zagenewe abanyeshure, twahita muri ‘home’. N’ubu ndazi ziracahari. Wasanga ari inzu nyinshi ziri mu kigo kimwe, mugabo zari zigabuye, abahungu barara mu nzu yabo, abakobwa na bo ukwabo. Ivyo kubana mu nzu imwe badasangiye amaraso, ni intango y’ubuhumbu”.
Ararahira akarengwa ko ata mukobwa wiwe yobana n’umuhungu batavukana mu nzu imwe ngo apfe amwereye.
Edouard* we, umusore w’imyaka 30 aba mu Carama ntatahura uko yobana mu nzu imwe n’umukobwa batavukana. Akagira ati: “Tubanye nomu… yo! Erega uwutari mushikawe, womwipfuza, bikarangira mwahavuye muhuza uburaro n’imibiri.”
Agatima ari ko !
Ikibano cacu gifise ubwiyorobetsi bubi kandi bizotugeza kure. Uravye abahungu bagira imibonano n’abakobwa, ababikora kuko baba mu nzu imwe ni bangahe ? Abatwara inda z’indaro kubera babana n’abahungu mu nzu imwe ni bangahe ? Eka na bimwe bigisibije vyo gufata ku nguvu, ntivyeze mu babana batavukana. Naho ata vyigwa biraba, umuhungu canke umukobwa ntagusaba ko muryamana kubera muba mu nzu imwe.
Kira noneho vyose ni umwumvikano, kandi ibiva ku co muba mwarasezeranye imbere y’igihe. Ibaze namwe kubona ubukene buri mu bantu batari bake, guhangwa n’aho uba ukikokora ivyo udashobora ngo ntimubana n’abo mutavukana, ata ngeso mbi ubabonako ni ukuzimira.
Ego ni vyo nta woca yigira icayaye ngo asye bwose. Bivanye n’ingeso n’inyifato y’aba canke bariya, irashobora kuba inzira y’ubuhumbu. Mugabo ubonye abo babana bisoneye, bafise imico myiza, nta cobuza ko baba hamwe.
*: amazina yahinduwe
Uwo mudasangiye igitsina,murabana nyene munzu kuko umwese aba afise icamuzanye.Erega n’aho mwoba muphana ikintu,mutagira umutima wosanga mwoja mu vy’ubuhumbu.