Ejo bundi, hari uwibarutse ikibondo mu gisagara ca Gitega, aca yikinga agahumbezi aja kugita imbere y’urupangu muri karitiye ya Bwoga I. Ibara nk’iryo si irya mbere riguye, kuko twama twumvise hirya no hino mu gihugu abata inzoya bibarutse. Uyu mwanditsi yashimye kwishira mu kibanza c’uwo yataye uwo yibarutse kugira atahure ibishobora ku mutuma akora ibidakorwa. Ego ni icaha gihanwa, ariko igikuru kuri uyu mwanditsi kwoba kuraba umuzi w’ico kibazo gusumba gutera ivyatsi, gukumira canke kuvuma abakoze iryo bara. Ati: “Nta kabura imvo!”
Muremyi wa vyose, Barundi, Barundikazi,
Ndabandikiye n’umubabaro mwinshi, umushaha wanje uvirirana kubera ubibisha nakoze kandi nanje ubwanje ntashobora kwibabarira. Umugoroba w’uwa 15 Kigarama 2024 wambereye uwudasanzwe mu buzima bwanje eka mbere no muri kazoza kanje. Nibarutse akana k’agakobwa, ntagira ico ndakambika n’iyo ndakajana. Isi n’ijuru binkoranirako, ngira kuba mvyaye igitwarire ntagira ico kumubeshaho kuko naje ubwanje ataco nirengeje. Kwabaye ugusha n’ukugoka akavuze uwuri aho.
Sekibi ati “Kanige!” Umutima uranka. Ndakabundabundana ndakazana ahabona muri karitiye nibaza ko ibamwo abantu bafise umutima n’ubushobozi bwo kugatora bakakarera. Nizera ko koba nk’abandi bana bakurira mu miryango. Nahisemwo Bwoga I iri mu zigize igisagara ca Gitega, ndaheza ntora umufuko wavuyemwo amakara nasanze hafi ndyamikako inyuma y’urupangu. Nta yindi nzira nari kubicishamwo. Nibwira ko ni karira baca bakumva.
Ndagasiga ntakanse ntaha umutima utumvye. Kubera umwiheburo w’ubuzima mbayemwo wandengeye amaganya akanyuzura, nkabura iyo ndagikwirwa n’ako gahinja. Ni ho uyu musi nje ngana iwawe muremyi w’ijuru n’isi n’Abarundi bose ku bw’igikorwa kibi kitagira izina nakoze.
Ubukene n’ikibano kiremereye
Ubukene bwaransinzikaje. Nta gasago, nta mfungurwa eka nta n’ikuta ritoboye canke ubushobozi bwo kugura n’agahuzu kabayabaye ko gufuka uwo muziranenge nari mfise. Nari gushobora gute kumubeshaho ngo nawe agire kazoza keza nk’abandi barerwa naje ntagira aho mba, mbayeho ku musi ku musi? Ubutindi bwanshize mu mwijima. Mbura iyo mva n’iyo nja ahasigaye mbonako gusiga uwo muziranenge ng’aho kwari yo nyishu yonyene ishobora kumuha kubaho. Ndemeza ko ndi incungu y’ubuhemu buturutse ku bukene, ariko sindi umuvyeyi atagira ubuntu.
Ubwoba bwo kuba igicibwa mu kibano, ukutamenya n’ukubura gifasha na gihanura vyanyeretse ko kuvyara igitwarire ari ukurugwamwo. Kandi mwibuke ko mu Burundi, kuvyara ishushu ari ibiterasoni. Igitsure c’imiryango, n’ukuba igicibwa mu kibano vyambereye urusyo ntoshobora kwitura. Nagize ubwoba kuri jewe nyene no ku bw’uyo muziranenge ico ikibano kizomvugako. Ukutamenya n’ukubura gihanura buvyeyi, kuba umuyabaga atagira gifasha, kutaronka inyigisho hakiri kare ku bijanye n’ubuzima ndorabitsina n’uko twovyirinda canke twokwikingira, ni yo ntandaro y’ico kibi.
Bireze!
Iki caha canguyeko hano iwacu kiragwiriye. Si bake bata utuziranenge nk’utwo buri mwanya, mbere tumwetumwe tukahasiga ubuzima. Kubona bigwiriye, bisigura ko hari ingorane. None kubera iki hatari ibibanza bitwakira, bikatwumviriza aho abafise ibibazo nk’ibi vyanje bashobora kwakirwa? Erega kubona umwigeme w’umuyabaga atwaye inda, bishobora kuba bitavuye ku gushaka kw’iwe. Ashobora kuba yarafashwe ku nguvu akabihisha kubera isoni. Ashobora kuba yahenzwe n’abamuruta canke bamufiseko ububasha, hanyuma hagakurikira imbanyi. Aho kumuraba irarirari, kumugira igicibwa canke kumuturubika, yari akwiye kwumvirizwa hanyuma agafashwa kugira ave mu kaga aba arimwo. Ni co gituma navuze nti hakwiye kurabwa igituma guta abana bakivuka biguma vyiyongera aho kuvuma ababikoze gusa.
Barundi bavukanyi dusangiye imico, ntimuncire urubanza ikibiriraho umuntu mutaravye ivyamushikiye. Irinde kunaniza uwo vyashikiye. Nk’akarorero, uwafashwe ku nguvu. Agira kuba yarahohotewe, yibaruka, ikibondo ashikanye kigaca kimwibutsa amahano yahuye nayo kugira atware inda. Ntimwumva ko nk’uwo naho aba yakoze icaha co guta uwo yibarutse aba akeneye ubundi bufasha kugirango ntarware mu mutwe kubera ivyago yaciyemwo ? Mbega kumuhana gusa birakwiye? Canke ico kibazo gikwiye kwigwa bahereye mu mizi kugira ako kabi kanguyeko karanduranwe n’imizi?
Ahanje ntaco ncera. Nzobandanya gusabira uwo muziranenge, kugira ngo aronke umuryango ushobora kumuha urukundo no kumubeshaho. Kandi nzosengera abandi bari mu gahinda nk’ako ndimwo kugirango ntibafate inzira igayitse nk’iyi nafashe hari nziza zishoboka.
Nsavye imbabazi ku Mana no ku Barundi bose !