Mwaro ni imwe mu ntara zibonekezamwo umudiringi uzwi kandi ku kazina k’umunanasi. Mu gihe iri mu nzoga zitemewe na Reta, mbega indongozi n’abajejwe umutekano boba bayirwanya gute ? Colonel Gaspard Gasanzwe, buramatari w’iyo ntara aratwishura kuri ivyo bibazo vyose hamwe […]
#Umudiringi
Umudiringi: ni bisosa bisesereza
Bati inzoga ni ‘’nkura mu mubindi ndagukure mu bantu’’. Umudiringi wowo ntugukura mu bantu gusa, ukura mu muryango uwawihebeye, ukamukura no mu kibano. Eka utera ingaruka zitari nke. None izo ngaruka ni izihe vy’ukuri ? Twarabatohoreje.
Kanyanga : “abarwaye baterurwa n’abakenyezi, abagabo inguvu zaraheze”
Si mu Kayokwe gusa. Mu Burundi, inzoga zikaze kandi zitemewe n’amategeko, zikozwe mu buryo kama ziribonekeza ahatari hake. Hambavu y’umudiringi, na kanyanga ni imwe muri izo nzoga. Abajejwe intwaro bama bariko barayirwanya, ariko ntisiba kwibonekeza, n’abayihereza baguma biyongera nazo ingaruka […]
Umundiringi : intahe z’abawukamishije
Inzoga y’umudiringi n’ubwo idandazwa mu mpisho, ku mvo y’uko itemewe na Reta, hari abafashe inzira yo kuyidandaza kandi bakiyemerara ko “ibabeshejeho”. None ibiciro vyayo ni ibihe ? Abadandaza bayo barunguka ?
« Mu mudiringi atari urupfu, nta buzima buriyo » : intahe
Iyo bavuga amabi aterwa n’inzoga zitemewe, bamwe bibaza ko ari imvugo y’abategetsi kugira barwanye izo badashaka. Ariko uteze amatwi Rurihose akakuyagira ivyamushikiye kubera umudiringi, ufise umutima uhuha wokorora amosozi. Ntiwosubira kuyikoza ku munwa, nyabuna aho woyibona woyitera umugere igaseseka.
“Umudiringi”: akabanga k’abawuganye
Kenshi turumva inzoga itemewe n’amategeko bita “umudiringi” ivugwa hirya no hino, ariko ico tutazi ni ingene ikorwa. Ni vyo iriko iratuzwa mu ntara ya Mwaro, ariko bamwe mu bahora bayikora bavuga ko ahanini iyo nzoga atari mbi, ahubwo uburyo ikorwamwo […]
Kurwanya ikinyobwa c’umudiringi : urugamba rushoboka ?
Intara ya Mwaro iri mu ntara zavugwamwo inzoga y’umudiringi cane, ndetse komine Kayokwe ikaba yari mu za mbere zirangwamwo iyo nturire. Ariko haraciye igihe havugwa ko iyo ntara yarwanije cane iyo nzoga. None yabigenjeje gute ngo ishobore kuyituza ? Nivyo […]