Mu ntara z’uburaruko bushira ubuseruko bw’Uburundi, hari umugirwa witwa « kuja mu rwanda ». Uwo mugirwa rero ukorwa n’abigeme bakiri bato, hagati y’imyaka 14 na 16, mu ntumbero yo kuzonezereza abagabo babo igihe bamaze kwubaka izabo. Franck Arnaud Ndorukwingira aratwiganira ibijanye n’uwo […]
Urwaruka
Kuvuka uri nyamwema ni nk’umuvumo ?
Haraciye iminsi 15 isi yose ihimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe abanyamwema. Uwo munsi uhimbazwa buri genekerezo rya 13 Ruheshi uko umwaka utashe. Naho hari intambwe iboneka imaze guterwa ku bijanye n’ukwubahiriza ubuzima bwa ba nyamwema, hari akagihaze. Prosper Niyonkuru araduha uturorero […]
Uburundi mu nkino z’isi yose z’umupira w’amaguru mu mwaka w’2026
Mu gihe ibihugu bitandukanye vyo kw’isi biriko birahiganirwa igikombe c’isi mu nkino z’umupira w’amaguru, si benshi bishikira kwiyumvira ko Uburundi hazogera igihe bugahiganirwa ico gikombe. Ariko ngo biri mu nteguro. Rukundo Landry aratubwira ivy’iyo myiteguro, hamwe n’ibikwiye gukorwa kugira iyo […]
Abigeme bakoresha uburyo bukinga imbanyi mu ntumbero zitabereye
Naho uburyo bukinga ugusama imbanyi umuntu atiteguriye bwari bwagenewe abubatse canke abamaze gushika mu bigero, ngo hari abigeme batarashika mu bigero usanga babukoresha. Ivyo rero ngo bifasha iyo miyabaga kwishora mu ngeso z’ubushurashuzi nk’uko Ndikumwenayo Rénovat atera ivyatsi imigambi n’amayeri […]
« Natanguye kunywa itabi mfise imyaka icenda: ico vyavuyeko n’aho vyanshikanye »
Ni igenekerezo rya 31 Rusama, amakungu arahimbaza umusi wahariwe kurwanya amabi aturuka ku kunywa itabi. Mu mugwi w’abihereza itabi mu Burundi, harimwo n’abana bakiri bato. Ariko ivyo bizi bake. Muti none biterwa n’iki? Abo bana bo biraheza bikabashikana he? Divin […]
Abana bahoze mw’ibarabara baraye bambitse iteka Uburundi mu makungu
Kw’ igenekerezo rya 20 rusama uno mwaka turimwo, umurwi w’abakinyi b’umupira w’amaguru Imboneza ni ho waganuka uvuye guserukira igihugu mu gikombe c’isi yose c’abana bahoze baba mw’ibarabara. Vyabereye mu gihugu c’Uburusiya. Rukundo Landry aratwiganira uko Uburundi bwifashe mw’izo nkino.
Ngo « Kamwe ni ubusa » : None umuntu yovyara kugeza kuri bangahe ?
Mu Burundi iyo ugize ubugeni, ikintu ca mbere incuti n’abagenzi bakwitegako ni ukwibaruka umwana wa mbere. Wamara kumuronka, bakakuremera ngo ukurikize. « None umuntu ategerezwa kuvyara bangahe ku bisanzwe ? ». Ico ni ikibazo Ingabire Orélie yasigaranye, inyuma yo kuganira […]
«Ihiganwa ry’abigeme banini beza kandi baciye ubwenge »: hari hageze
Abigeme batanu barenza ibiro ijana vy’uburemere baheruka gutorwa ngo baserukire Uburundi mw’ihiganwa ryo gutora “umwigeme munini mwiza kandi aciye ubwenge”. Rino rigiye kuza riratunganywa mu karere k’ibiyaga binini, buri mwaka uhereye muri uyu w’2017. Hariyongabo Martial n’akanyamuneza kenshi ati kaze […]
Adelphine Nimfasha, Umurundikazi w’umuhinga mu kugendesha ikinga
Mu mico n’imigenzo vy’ikirundi, hari ibikorwa usanga bifatwa cane nk’ivyagenewe igitsina kimwe kurusha ikindi. Hano, Nijimbere Thierry aratuyagira inkuru ya Nimfasha Adelphine, umwigeme akiri muto ariko amaze kuba rurangiranwa mu kugendesha ikinga, kandi hari abokwibaza ko ivyo vyagenewe abagabo.