Haraciye iminsi 15 isi yose ihimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe abanyamwema. Uwo munsi uhimbazwa buri genekerezo rya 13 Ruheshi uko umwaka utashe. Naho hari intambwe iboneka imaze guterwa ku bijanye n’ukwubahiriza ubuzima bwa ba nyamwema, hari akagihaze. Prosper Niyonkuru araduha uturorero twa bamwe bamwe.
Girukwishaka Bonaventure ni umunyamwema avuka mu ntara ya Bujumbura. Afise imyaka 67. Yaranyiganiye amakuba ahura nayo mu buzima bwa minsi yose kubera ukuba nyamwema. Avuga ati : «Igihe mvuka, nta banyamwema benshi bariho kubera ko abakirizi babonye havutse umunyamwema baca bamunigira mu menshi, bakaza guta mu ngudu z’ibitoke kuko bibaza ko havutse igihume, kubera adasa n’abandi bana. Jewe icantunze rero, nk’uko babimbwiye maze gukura, n’uko mu kunyibaruka, dawe ari ho yari. Harya nserutse, ngo ba bandi bashaka kuniga, ariko dawe aranka ati rekerana turabe ico kivutse ico ari co. Barataha ariko batanezerewe. N’uko rero nkura abantu bose bata amacumu, eka mbere n’abavyeyi banje ntibigeze bemera ko nja ahabona, nkaba namaze imyaka 12 yose nyegejwe, ata n’umwe anzi kuko naguma mu kigo. Ariko umunsi umwe haza umuyobozi w’ishure ry’aho iwacu, azanywe n’ugusorora akarwa. Niho yampumukako maze ategeka dawe kuntanguza ishure, mbona kuja kw’ishure ndiga. Ariko abandi bana bakaguma banshengerera bankorakora maze bikambabaza. Nca mfata ingingo yo guheba ishure nja kuragira intungwa zo muhira ».
Ntivyoroshe kuronka akazi uri nyamwema
Girukwishaka Bonaventure arabandanya ati : « Nayo kuvyerekeye akazi, kiretse ababa bamaze nk’amashure yisumbuye canke aya kaminuza, kuko bo bararonka nk’ubuzi bwo mu biro, twebwe karatugora kuronka. Ariko twebwe kubera karya kazi ko kubaka, ubwa mbere nahora nkora, ndatunga abana cumi, bamwe barasohoka baraja no kwubaka abandi baramara amashure. Ariko ubu ngiye ntako bampa. Bakishimikiza ngo kanseri y’urukoba yohava imfata kubera bazi ko itegwa n’izuba nk’uko womengo twese tuzoronka akazi ko mu biro».
Si Bonaventure wenyene. Katihabwa Constance nawe ni umwigeme w’umunyamwema, ahejeje amashure yiwe ya kaminuza. Yize igisata c’amategeko mbere akifuza guhora aburanira abanyamwema. Aratuyagira ati : « Icantangaje cane n’uko no kuri kaminuza nari nzi ko ivyo bibazo atavyo twohura kubera hari benshi bize. Nagiye gutangara nsanze naho bihari. Iyo hageze udukorwa two mu mirwi, ni ho naca ndabibona kuko atanumwe yashaka ko tuja mu murwi umwe. Nagira ngo ndabaza uwo twokorana nkumva ngo « twakwiye », ariko atari vyo, ari ukunyinuba gusa ».
Amagara ya banyamwema akwiye kwitabwaho kurusha
Uretse izo ngorane zo gukumirwa abo banyamwema basanganywe, barafise n’izindi ngorane z’ingwara zo ku rukoba. Iyo bagiye kuzuba kenshi, rituma bagira uduherehere, bagira ngo baratwagaza, tugahava tuvamwo amazi, hanyuma kanseri nayo igakurikira. Ni ngombwa ko baronka ibikoresho bibakingira imishwarara y’izuba nk’amarori, inkofero, impuzu zifuka hose hamwe n’amavuta yo kwisiga. Ukutabironka ni kimwe mu bituma basinzikara.
Ku bwa Kazungu Kasim arongoye ishirahamwe ry’abanyamwema mu Burundi, « hari banyamwema barenga 1200 bazwi kuva mu mwaka w’2008 gushika ubu, abamaze kwitaba Imana barenga 15 hamwe n’abagwaye bashika 12 mu bamaze kumenyekana. Ikindi n’uko imiti yabo izimvye kandi ngaha mu Burundi ataniyihari co kimwe n’abaganga babinonosoye. » Uwogira ico akoze yoba uwokworohereza abo banyamwema kuronka ivyo vya nkenerwa bituma bikingira. Maze Leta ikaba ifise urubara runini, amashirahamwe yigenga agakurikira.
Soma kandi : Dufunguye neza, tugira amagara meza
Sans.