Mu ntara z’uburaruko bushira ubuseruko bw’Uburundi, hari umugirwa witwa « kuja mu rwanda ». Uwo mugirwa rero ukorwa n’abigeme bakiri bato, hagati y’imyaka 14 na 16, mu ntumbero yo kuzonezereza abagabo babo igihe bamaze kwubaka izabo. Franck Arnaud Ndorukwingira aratwiganira ibijanye n’uwo mugirwa.
Iyo umwigeme ashitse mu myaka iri hagati ya 14 na 16, muri ako karere k’Uburundi, abaryango biwe n’ikibano baca batangura kwiyumvira ku buzima bwiwe bwo mu rugo. Ahanini, barashimikira cane ku bijanye n’amabanga y’abubatse, gutyo bakamutegurira kuzonezereza umunega wiwe, ngo bikunde uno ntamusige mu rugo aja kurondera abandi bakenyezi hanze. Muti babikora gute ? Inakuru, nyina inasenge canke urunganwe, babonye umukobwa ashitse mw’iyo myaka, baca batangura kumubaza bati : « Mbega waragiye mu rwanda ? » Iyo basanze atarabikora, baca bitunganya bakabimufashamwo.
Ni uko rero, « uwo mukobwa ajana n’abagenzi kuvoma canke gusenya, bakitwaza amavuta y’inka. Bashitse mw’ishamba, bakaha ivyatsi vyitwa umushigura, wa mukobwa akicara hasi, maze bagasiga ya mavuta ku duhimba twitwa imishino tw’igitsina ciwe, hama bakadukwegesha vya vyatsi. Bakama babigira gutyo, kumara nk’amayinga abiri canke atatu, gushika babonye ko imishino ya wa mwigeme isigaye ireha n’ingingo zibiri z’urutoke nsumbazose. Birababaza, ni co gituma atawovyigirira », nk’uko navyiganiwe na Tuyishime Virijiniya, umwigeme w’imyaka 19 yamaze « kuja mu rwanda ».
Umugirwa mvamahanga
Nashatse kumenya inkomoko y’uwo mugirwa, negereye Gakobwa Yanwarita, umutamakazi w’imyaka mirongo umunani n’ine. Uwo rero agira ati: « Kuva naruka, nakuze nsanga uwo mugirwa uriho. Senge niwe yanyagiye ko wazanywe n’Abanyarwandakazi kera cane, Abarundi bagihana abageni n’Abanyarwanda. Gutyo imico yabo batangura kuyigisha Abarundi. Vyagiye gukomera cane igihe Abanyarwanda bahungiye ino ku bwinshi, uwo mugirwa uca uratsimbatara». Muri ico gihugu c’Urwanda rero, uwo mugirwa bakaba bawitwa « gukuna ».
Iruhande y’uko abigeme n’abakenyezi babitahura kandi bagashima kubikora mu ntumbero yo kuzoshimisha abo bokubakana, biboneka ko n’abasore bimirije kubaka co kimwe n’abagabo bubatse, nabo babishima. Ku basore bamwe bamwe twaganiriye, bagira bati : « Ni nk’ikimenyetso c’uko umwigeme yakuze atari nyamwigendako, yabana neza n’urunganwe rwiwe. Bisigura ko no mu rugo yogira umubano mwiza ». Hanyuma abagabo bwamwe bamwe bamaze kubaka, bakavuga ko biryosha imibonano mpuzabitsina.
Ingaruka ntizibuze
Muganga Innocent Ndikumana akorera ku bitaro bikuru vya Giteranyi, asigura ko mu minsi ya mbere abakobwa usanga bagira udukomere ku gihimba c’irondoka iyo « baja mu rwanda ».
Akagira ati: «Kubera isuku rike babikorana, ndetse n’uduhuzu two musi bamwe bakaba batatumesa kenshi, utwo dukomere duca twinjiza imigera y’ingwara mu bihimba vy’irondoka. Nkaba maze kubona ko abakobwa benshi bandura mwene n’izo ngwara biturutse kuri uwo mugirwa».
Soma kandi : Umugirwa wo guhamba ubukumi
Ndaryohewe niki kiganiro kuri yagaa