article comment count is: 14

Uburundi mu nkino z’isi yose z’umupira w’amaguru mu mwaka w’2026

Mu gihe ibihugu bitandukanye vyo kw’isi biriko birahiganirwa igikombe c’isi mu nkino z’umupira w’amaguru, si benshi bishikira kwiyumvira ko Uburundi hazogera igihe bugahiganirwa ico gikombe. Ariko ngo biri mu nteguro. Rukundo Landry aratubwira ivy’iyo myiteguro, hamwe n’ibikwiye gukorwa kugira iyo ndoto iranguke.

Kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi uno mwaka, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, Reveriyano Ndikuriyo, ari mu Burusiya,  yamenyesheje, acishije ku rubuga rwa Facebook, ati: « Intumbero y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ni gushikana Uburundi mu gikombe c’isi co mu mwaka w’2026 ».

Kubona Uburundi mu gikombe c’isi yose biboneka nk’ibintu bitopfa bikunze mw’ino myaka ya vuba. Ariko bamwe mu bantu twaganiriye baremeza ko mu gihe hoshirwamwo ishaka hakiri kare, Uburundi bwoshobora gushika mw’ihiganirwa ry’igikombe c’isi yose co mu mwaka wa 2026. Kanatsinda, ni nde Murundi adafise icifuzo co kwumva ururimbo ruhayagiza igihugu cacu ruriko rurasamirana mu gikombe c’isi yose? Ninde atonezerwa mu gihe yobona amabara y’ibendera ry’Uburundi ahungabana mu gikombe c’isi yose? Ariko rero ngo « uwushaka umubira abira akuya », n’urugendo rusaba ukwigaba n’imyimenyerezo ikomeye.

Biragoye, ariko birashboka

Kubwa Vivance Ntagasigaye, umumenyamakuru w’inkino kuri radio Rema Fm, « Uburundi burafise abana bafise ingabire yo gukina neza umupira. Mu myaka umunani iri imbere, habayeho kurobanura abarusha abandi bakabashira mu kigo kimwe bakaronswa umuhinga abigisha, ntacobuza ko bahurumbirwa n’imirwi yo hanze hama bakagaruka gufasha umurwi nserukiragihugu bakomeye cane ».

Arakaza Mac Arthur, umwe mu basamyi b’umurwi nserukiragihugu « Intamba mu rugamba » agira ati: « Mu gihe ugutegura uwo murwi vyotangura ubu , hagashirwa inguvu nyishi mu gutegura aba bana baheruka guserukira igihugu muri CECAFA y’abadakwiza imyaka 17 canke n’abadashikana imyaka 20, bakaguma hamwe, bagakinishwa inkino za kivandimwe, mu myaka umunani boba bari ku rwego rwiza rwotuma bahangana n’ibindi bihugu ».

« Akeza karigura ! »

Ku bwa Placide Niyonizigiye arongoye ishirahamwe ry’abakunzi b’umurwi nserukiragihugu, hakenewe ko uburyo bushirwa mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru bwongerezwa kugira ngo abakinyi bashire inguvu zabo zose mu mupira. Gutyo bareke kubangikanya kuko ubu gukina umupira mu Burundi ntivyokubeshaho atakindi ufise ukora. Ivyo navyo bica bigabanya urugero umukinyi ashobora kwitangako mu nkino.

Emery Niyongabo, umuhagarikizi w’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere  nawe agira ati : « Harakwiye gutegurwa n’inyubakwa zotuma ubumenyi butangwa neza nk’ibibuga bito bito vyotuma haba kurobanura abana barusha abandi hama bakarondererwa kuja gukarisha ubwenge mu bindi bigo vyo hanze bimaze gutera imbere kuturusha ».

Nanje, ndavyihweje neza, ndabona ko gushikana Uburundi mu nkino z’isi yose z’umupira w’amaguru zo mu mwaka w’2026 vyokunda, ariko vyosaba ko hahinduka vyinshi. Ivyo navyo harimwo nko kwitaho cane abakinyi mu kubaronsa agashirukabute gashimishije iyo bakinye, kubakurikirana mu buzima babayemwo iyo batari mu vyo gukina umupira w’amaguru, kuzana umumyereza w’inzobere agahabwa ibikenewe kugira azoshikane Uburundi kw’iryo hangiro, n’ibindi vyose bijana. Ariko kandi, ivyo vyose tuzotangura kwizera ko bishoboka nitwabona Uruburundi bwitwaye neza mu gikombe c’ibihugu vya Afrika kizoba mu mwaka uza mu gihugu ca Cameroon, na rirya ibihugu bizoryitabira vyongerejwe kuko « ntawuvuka rimwe ngo ace yuzura ingovyi ».

 


Soma kandi : Ngozi: isuku ntirizohava riherana na Cecafa ?

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (14)

  1. Commentaire *igihugu cacu uburundi turashoboye kandi turafise abakinyi bazi umupira ahubwo bakinishwa nabi mumurwi wi ntamba dufise umumenyereza mubi mitende iyo aza kuba yararafise uwo bafashanya wu munyamahanga bavuga abdulimalek umunyamisiri yariyaragerageje kutujana muri chan twarageze kure

  2. Waooo mbeginzoz nziz kand zihimbay zinanezeje umutim wanj uzukunt bama baradukinda kumuvyimb ubus bwamanot ubus bwibiteg biratey agahind arik harakant mwibagiy ivy vyos tuzobigerak aruk gushirind imber nikimenyan cabanj kuvah tugashirah intego twiyemej kandipe turashoboy ningabir zirahar

  3. nukur birashobok dukuye amabok mumpuz tukarek ikimenyan nukwikund ubwac ahugushirimber intego twihay uburund turashoboy nigihug ciza kand gifis impan harakant nshak kumeny ushak kwiga ivya cocing cake kubumukoca bigenda gut?turashakak natw tubinzober mumpand zos zuburundi

  4. Mubisanzwe uburundi ntitwovugango bureka gushika kumahiganwa akomakomeye ngo nikubera atabakinyi bufise bashoboye ahubwo biva kubukene bwigihugu namacakubiri mubakinyi be nukutarondera umumenyereza ashoboye gutegura umurwi neza akarorero: nkubu uburundi burafise hafi abakinyi batandatu bakomakomeye barikumugabane wa buraya batigera batumwako motif ngo ni deplacement. Ugasanga nkubu nkumukinyi ahembwe 300mil yamarundi mugenziwe arikwahembwa 300helo wewe wumva uwu arimuburundi azokinana inguvu gut? Kandi atakiri mumufuko ikindi kizingamits abakinyi igiturire nkubu ugasanga mukwinjira muri terres ubanje gutanga igiturire kugira wemererw gukina.

  5. Commentaire *intererano notanga muburundi ikitugoye nkubu haramahiganwa abandi bitegurakar muganitwebwe duhengera hasigay imisi ibir amahiganwa atangur akaba arihotwitegura bacumuganimukirundi at ugutanzegutamira gutanganuguhaga murakoze

  6. Sha nabundi nihamwe nyene uburundi bukiri inyuma muvyi terambere nayo abana bafise impano muvyumupira wamaguru bari beshi ugaca usanga umupira awukinira kumabuye iyaba kira komine ifise ikibuga na kimwe citapi uburundi umupira uba ukina oya nukuri uba urenze ariko reka dushi ivyo imana yaduhaye ndabona nibindi biriko biraza nayo kubona uburundi mugikombe cisi ntamurundi bitonezera kwer