article comment count is: 2

Inyishu ku kibazo gisangiwe na benshi: “ Uwo nkunze yoba akiri isugi ? ”

Abantu benshi bibaza ko bashobora kumenya ko umuntu akiri isugi canke atakiri yo. Ariko rero barihenda. Ivyo ni ivyo bapfa kwemera gusa. Ikintu conyene cokwemeza ko umuntu akiri isugi canke atari yo, ni ukubimubaza, akavyiyemerera we nyene.

Mu gihe ubajije uwo ukunda ko akiri isugi hanyuma ntiwemere inyishu aguhaye, uba wihenze. Eka mbere uba unigoye kuko nta bundi buryo bwo kubimenya. Muhereza kugira ingorane mu rukundo rwanyu. Ukwizerana ni ko kwonyene gushobora gutuma urukundo rushinga imizi kandi abakundanye bakibanira mu mahirwe.

Abantu benshi barafise ivyo bibaza na vyo ata n’ishingiro bifise. Uzosanga irya n’ino bavuga ko icerekana ko umukobwa akiri isugi ari uko ubona ko agifise ince canke ukaraba igisabo ciwe. Ivyo vyose, vyoroshe kuvuga ariko kuja mu ngiro ntivyoroshe kanatsinda si n’ivy’ukuri.

Nta buhinga 

Uretse uko kurabisha amaso, abandi bibaza ko umugabo ashobora kwumva ko uwiwe akiri isugi. Abahinga bavuga ko abagabo baciyumvira uko baba bafise ubumenyi buke cane. 

Erega n’umuganga ntibimworohera kumenya ko umukobwa akiri isugi canke biri ukundi. Murumva rero ko ibitorohera umuganga, umuntu asanzwe atoca yemeza ko azi kuvyumva. 

Nta buryo na bumwe umugabo afise kugira abimenye ata kwihenda kurimwo. 

Kuki bigoye kumenya?

Nk’uko twabibonye ubushize, mu gihe co kugira imibonano mpuzabitsina, umugabo arashobora kwumva ko umugore atisanzuye. Iyo umugore atamerewe neza canke iyo ahagaritse umutima, mu gisabo haca hamera nk’ahiyugaye kandi ivyo bikaba atabiteguye, atabishatse. 

Uko bimeze ku muhungu n’umukobwa bimugendera uko. Ntashabora kwerekana na gato ko akiri isugi. Biravugwa ko hari abo mu mico imwe basaba ko umukobwa arinda kuba afise urupapuro ahawe n’umuganga rwerekana ko akiri isugi iyo giye kwabirwa. Aho naho ngo abaganga batari bake baca bapfa kurutanga. Bobo baba bazi ko urwo rupapuro rukingira umugeni, akabona kurabwa ryiza n’ab’iyo yabiriwe. Ubona ko “urwa inabukwe n’umukazana rwabaye akaramanda”

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)