Mu gihe abubatse baragana kubana neza, mu mahirwe no mu marushwa, hari abo iryo banga rita ku w’amazi, bakanavana burundu. Mu ntahe y’uno mupfasoni, urugo rwabereye ibamba, arashikiriza akababaro kiwe, ingene amaze kwahukana ubuzima bwamuhindukanye, akaba igicibwa.
Nitwa Aïsha Mugisha. Mfise imyaka 34. Ndi umuvyeyi w’abana 2, agahungu n’agakobwa. Bariko barisununura. Nk’abandi bigeme bageze mu bigero, mu myaka iheze narakunze kandi ndakundwa. Uwo musore nta makosa namubonako, yari umuntu mwiza. Nta bintu twari dufise, ariko vy’ukuri twarakundana. Nta gihe kinini twamaze dukundana ataranshira mu nzu. Twaciye twibanira muri ivyo bike twari dufise. Nta n’umwe yakora akazi gafadika, twariyungunganya nk’uko benshi aha mu muji babayeho. Natwe turabaho.
Ntivyatevye kabiri, wa muntu wanje arampinduka.
Umunezero uhinduka amarira
Vyose vyatanguye aronse akazi gahemba ayafadika. Arahinduka, acika uwundi muntu. Imisi yose yataha ijoro, akandyagagura, anyereka ko ataco maze. Yaransuzugura akangwiza n’ubusa. Ico namushimira ico gihe, ntiyankozako n’urushi. Icitwa ifaranga coco sinihenda ngo ndamubaze. Yaranyicisha inzara n’inzoya zibiri mu nzu. Bimwe bavuga ngo umuntu umumenya neza ingeso ziwe ari uko aronse amafaranga….narabibonye.
Nirirwa ndarira, nkarara ndarira. Icambabaza, ni uko atananyemerera ko nkora ngo nironderere ibibeshaho inzoya zanje. Naripfuza kwisubirira iwacu, ariko muhira bakandemera, bakambwira ko bazomfashiriza mu rugo ataco nzobaburana, sinahukane. Basazanje barundi ntako batagize bamfasha.
Aho yadukaniye ingeso yo kunkubita akama andaza ku mahiri agahakwa no kungandagura, niho nata nkomoka, mvuga nti ndananiwe. Nsubira iwacu. Banyakuntunga barantahura, banyakira nk’uwabo.
N’inyuma yaho ntivyoroshe
Maze gusubira iwacu, ntako ntagize ngo nirwaneko. Naradandaza, kandi nkaronka dukeduke. Ariko intuntu narayigumana. Abantu bamfata nk’uwananiwe n’urugo, uwo vyankiye kwubaka. Ariko ntibubahuka ngo baze kumbaza ukwo vyagenze. Bapfa kuncira imanza ukwo biyumviriye kwose. Ariko nyene narapfa kwiyakira, ntakundi nari bugire.
Wa mugabo wanje, abantu baramuhanura ko yoza basi kuncura, ariko akarahira akanana, ngo si we yanyirukanye. Yarigeze kundondera amera nk’uwunsaba ikigongwe, ariko nanje nkabona ko ari uruyeri gusa. Ndamubwiye ko yoza akayaga n’abavyeyi, vyose yaciye abivamwo. Ariko nanje vy’ukuri, nta nguvu canke intege numva zo gusubira kubana nawe, kuko yari yarasesereje umutima wanje. Ntakuntu na kumwe nari gusubira kuryama mu nzu yiwe ngo ntekane.
Turavana burundu.
Ese ngo ndasubiriye gukundwa…..
Haheze igihe kitari gito, hari umugenzi wa kera twabanye tukiri bato mu nyuma aja kuba mu mahanga, nagiye mbona anyandikira. Naratangaye kuko hari haheze igihe kinini tutayaga. Turaganira ariko ndamuhisha ayo ngowe. Kera kera numva ngo agira aze mu Burundi. Aho ndi umutima urasimba, kuko ntigeze ndamubwiza ukuri.
Ntibitevye, arashika. Mbona kumuyagira ayo nagowe. Nta kuntu na kumwe nari kubimuhisha. Yarababaye cane, akanyidogera ko ntigeze ndamubwira ikintu na kimwe, ko yari kumfasha. Nanje ndamubwira ko nabona ata kamaro ko kumushira mu bibazo vyanje.
Twarakomeje ubugenzi. Amaze gusubira inyuma mu mahanga, niho naja mbona atangura kuzanamwo ibirengeye ubugenzi, amera nk’uwubwungururiza mu rukundo. Ndamwamirira kure. Sinarota nibona nsubira mu vyo gukundana. Ariko we ntiyahaha. Yaranyumvishije ko azompoza amarira, atazongira nk’uwa mbere. Ariko muri jewe, nari nzi ikibi c’ibishobisho. We yari yibereye mu mahanga, ntiyari azi ingene umuntu yahukanye afatwa. Ico nakoze, kugira ntabandanye angora, naciye nugara (ku bloka) inomero yiwe.
Kwicwa n’intuntu
Urukundo rwabandanije rumubiramwo. Amaze kubona ko atakintora, yarasimbiye mu kindi gihugu kibanyi kuramutsa muvyara we, aca akoresha ngendanwa yiwe arampamagara. Twarayaze umwanya munini cane, arambwira ko yamaze kubwira umuryango wiwe ko ankunda kandi yipfuza ko twobana. Ariko nka bose bamwamiriye kure. Eee mama ngo mu migenzo yabo nta wubahuka ngo abane n’umuntu yahukanye. Nyina we ngo yamubwiye ko azoca amuvuma.
Uwo musore yari ababaye cane. Naravyumva no mw’ijwi naho ntamubona. Muri jewe nanje haciye havyuka vyinshi: umubabaro nagize wose, amajambo nabwiwe, ikumirwa nabayemwo ngakenyererako, uruvugo rw’ikibano ngo ndi igisubiramuhira, n’ibindi vyinshi. Uwo musi twasezeranye ambwira ko adashobora kumpeba, ariko mbandanya ndamubwira ko bigoye.
Bukeye bwaho, wa muvyarawe yaranterefonye. N’umubabaro mwinshi, amenyesha ko uwo twaraye tuyaze tutazongera kuyaga. Yagize ati: “Yaraye agize isanganya ry’umuduga, ntiyashoboye kurokoka”. Aca arazimya.
Nimba hari urugezo runini rwo kubabara, nibaza ko narugezeko. Naratuntuye ku mutima, ndibaza icatumye nza kw’isi y’abazima. Narumvise nanse abantu. Nariyumvira umubabaro agiye ajanye nawe, nkaraba uwo nsigaranye, ngahakwa guturika. Nabaye iciro ry’umugani kubera “nahukanye”, mbura umugenzi yiyahuye kubera ankuze bamumbuza. None karashize ingani “kwahukana” citwe igicumuro batabanje no kumenya icabitumye?
Bikogwa gute nanje nzentange intahe ?