Kugira nk’abandi, ubutumire butagira insiguro, gutegura ibirori utagira amikoro bituma wikokora ugakokora n’abandi,… ni vyo bisigaye biranga imanza z’ubu. None vy’ukuri ni ko vyari bikwiye kugenda ? Turabire hamwe uko urubanza rugenda mu kirundi, n’igituma imanza z’ubu zita akanovera.
Uramaze kwumva canke kuja muri komite, umwe wese akaba yiyanditseko umwenda azoriha mu rubanza muriko murategura? Budakeye na kabiri bakagucisha ku biti no ku mabuye ngo urihe ayo wemeye ? Canke uhuye n’uwo utibuka neza ati : “Eee ! Twaherukana kera ko duhuye hinge nce nguha ubutumire nzogira ubugeni.” Uwundi ngo nabazaniye ubutumire ndafise muvyaranje azogira ubugeni. Ahandi ukumva ngo: “Mbega wampoye iki ko utanziye ku rubanza rwa murumuna wa muramwanje !”
Aho ni aho tutavuze uwusiba ku maziko kubera kubura ibihumbi cumi vyo gukota imvutano zisa n’iz’abandi agenda yambaye, uwayaronse na we ukumva ngo: “nta kimazi ntanga nayakose imvutano ayo nari kumuha.”
Ivyo vyama vyabaye mu manza, zaba iz’umunezero canke izibabaje. Hageze mu ci hoho biba ibindi. Usanga abantu bashushe imitwe kubera imanza. Urubanza ni rwiza ntawurwifasha, haba na mba. Ariko rero, igihe bicika umuzigo kandi aho umuntu ntaba akirukora arukunze.
Ni nde dukwiye guterereza ?
Kuva na kera na rindi, umuntu afise urubanza arashikira incuti zishika, atari ibisanira, akabaterereza. Aterereza kandi abagenzi, n’ababanyi basanzwe batererana, kukaba nkako, bapfana iki barutwa na bamariraniye iki.
Ivyo nakuze ndabibona. Vyari bihimbaye kuko yavuga ati: “Uranterekera igitoke, igihe iki n’iki nzoba mfise urubanza.” Ukaronka umwanya wo kwitegura. Icazira ni uguterereza umuntu atari uwawe. Birumvikana ko gutumira bijana no guterereza. Uwutumiwe aca yitegura, akazojana inzoga (urwarwa canke impeke). Ubiravye baza n’umutima ukeye, kuko baba bagiye ku rubanza bashashaye gushigikira uwabo.
Guterera si itegeko kuri bose na canecane ababanyi. Bigira uwubishoboye kandi ntikibuza ko amara urwo rubanza n’umutima ukeye. Kira noneho aba yaterereye amaboko mu gutunganya ibijanye n’urwo rubanza nyene: gusiga inzu, kwubaka ubwugamo (ikigambiriro), gusobanya iyo ari mu ntara zifise ingo zisobanije, n’ibindi.
Mu vy’ukuri ntawutumira canke ngo aterereze uwo bahuye wese, canke muvyara wa muvyarawe, ataco bahuriyeko.
Ibirori gusa !
Uja ubona umuntu atarakwiza inkwano, naho na yo nyene ivyayo bidasobanutse, agiye gusohoza amakarata y’ubutumire (invitation) y’ibihumbi amajana. Haca haza rero kuyatanga, ugasanga umuntu ari mu kugwa ku nzira yarihereyeko, ariha amafaranga yo kwiyunguruza. Kandi mu vy’ukuri iyo myitwarariko usanga kenshi ata karusho.
Uko atigita, n’abavyeyi biwe baba bari muri ivyo nyene batumira. Ntivyari bibi na gato, mugabo ni ukuraba ico abo bantu batumirirwa. Barikokora cane ngo bariko baraterera amafaranga agaherera gukota ikibanza gikayangana, ukamengo ni ho abageni bazoca baba. Imiduga izimvye, abafata amashusho n’amasanamu badasanzwe.
Ikibabaje, uko imyaka itera igenda ni ko ibintu biyangara. Uwugize ubugeni agakota canke agasonesha impuzu z’abamugendanira (dauphins, dauphines), gukota imyambaro idasanzwe, abatamba n’abaryosha ibirori usanga ata n’akanya baronka ko kuryosha urubanza, mugabo batagiyemwo umengo ni urubanza rw’imbundege, kandi batamba imvyino nka zibiri gusa, zaba nyinshi zikaba zine…
Ubiravye, ayo mamiriyoni agenda mu kiringo kitangana n’indwi aba azize ubusa na rirya inyuma y’urubanza, umuryango mushasha uba ukeneye kubaho.
“Kugira nk’abandi” tuvyihane
Birakwiye ko abantu bokuraho ivyo gusayangana mu bitagira akamaro, bakareka no gusesagura bongera basesaguza abandi. Burya ico twibagira, ivyo ni vyo bituma imanza zitakaza akanovera, zigacika nk’umuzigo.
Ndibuka kuri Repuburika ya kabiri, Reta yarabujije kugemura imfungurwa mu nkoko ku musi w’urubanza, kuko ngo vyatuma umwimbu usesagurika. N’ubu nta cobuza ko hojaho umugwi wiga neza uko imanza zitegerezwa kugenda, ahandi hoho vyarayangaye, bisigaye bigoye kumenya akaranga k’Uburundi mu manza. Urwiganwe rwiganje.
Abarundi barayamaze bati : “Wigana uwo mutangana gutambikiza ugahanyuka”. None vy’ukuri ntitworeka kugira nk’abandi kandi tutanganya uburyo ? Ubiravye amamiriyoni atikirira mu manza, kenshi usanga ari ugukokora abantu gusa. Kira noneho n’abayafise ntibari bakwiye gusesagura.