article comment count is: 0

Ku myaka 10 maze ku buriri narabonye : intahe

Kuri uno mwaramo uheze, neza na neza ku wa 10 Myandagaro, hari umwanditsi wa Yaga yakwije imyaka 10 ashinze urwiwe. Hari mbere n’uwundi yarushinga uwo musi nyene. Uyo wa mbere rero, ni we yanditse, asa n’uwunganira impanuro abo bashasha mw’ibanga ry’urugo baronse.

Reka mbanze nkeze uwo wese ariko ararushinga muri ino misi, nti: gira aho uramustwa wubahwe ! Yamara kandi, ko nakuboneye izuba, uru rubanza ugize, nanje maze imyaka 10 ndarugize. Bintumye nsubiza amaso inyuma, nibuka ivyo nabayemwo kuva uwo musi, haraciye imyaka icumi. Vyari bihimbaye wa guhimbara we !  

Sinokwirirwa ndavuga ko nari mberewe, ivyo birasanzwe. Mugabo ndabatere inkuru ko ipantaro y’urubanza nari nateguye iyitamfata neza mu nda ngo nzoca mvyibuha! Ndabarahiye irinze isaza ntarayuzura. Aho rero nibaza ngo uwurongoye wese aca avyibuha. Muravyumve neza, ntizandoka, naho ico gihe impuzu zitaba zifashe ku mubiri (ntizari bwashirwe “kuri ndri” nk’uko ab’ubu bavyita). 

Umuvyeyi mabukwe yarateye impundu dusohotse inzu. Uca ubona kwa kundi abageni baba bafatanye, abantu bose babahanze amaso, namwe mukumva umengo abari kw’isi yose bapangiye mwebwe. Aho nca nibuka ingene twaduza ukuboko kumwe turamutsa abantu, kurya perezida aramutsa abanyagihugu.

Amashi ku yandi, indagano, umuhezagiro, impanuro, amajambo meza, gutamba, kwiginana n’ibindi, murazi ko biri mu biranga urubanza rw’ubugeni. Vyarabaye. 

Ntivyama vyera ngo de !

“Muze mukundane, musoneranire, mwengengane, muvyare murondoke muvyare abangana n’inyenyeri zo kw’ijuru (mugabo amatongo n’imipfuko vyaraze). Ikizobagora murahanuze abishingizi (parrain na marraine). Imiryango iranywanye, muronse abandi bavyeyi, muronse izindi ncuti, abandi bavukanyi, abandi bagenzi”, ni imvugo irunze umunyu yo mu manza.

Hari umuntu akunda kubwira abageni ngo mu rugo ntivyama ari “Chéri, Chouchou, Fefe, Meme, Gogo, Coucou, …”. Abeshe buhoro.

Mu rugo, hari ibigori n’ibigora. Natanguye kubibona barya bantu baje kudushigikira bagiye. Ijoro ryo ku musi w’ubugeni, ica mbere gitangaje ni kurya kuntu mwirarana mu nzu muri babiri, bikaba ngombwa ko murara ku buriri bumwe bitahora uko; biranyûzūra.

Bwakira guca, abakuzankuru bakavyivangamwo. Bose bakubaza ikibazo kimwe, nk’aho womengo babivuganye : “Mwamenyereye ?” Namwe inyishu usanga ari : “Ego”. None aho uba wamenyereye iki ? Ikindi kiruhisha ni kurya kuntu baca bahindura izina, bakakwita iryo utababwiye. Bamwe ngo “Mugeni”, n’ayandi. 

Ubwo buzima bw’imisi ya mbere, ibintu nka vyose bihinduka bishasha. Umuntu akinanata kubiryohererwa, kuko yakuze bamwumvisha ko biryoshe. Ibigoye biba bitaraza.

Umwana

Twakuze batubwira ko umwana ari itunga, umunezero. Natwe duhahamira ubwo buninahazwa baturyanye. Ntibibutse kutubwira, nako baraduhishije ko urugendo rwo kumuronka ari inzira izitanye. Sinobabesha, nta gihagarika umutima umugabo nk’ukubona umutambukanyi wiwe atacikiriza, atambuka aremerewe cane atumwatumwa, aseguye ikiyunguyungu (mu mugongo), akuya gaca irya n’ino. Aho sinagarutse kw’irekwe hamwe ahagurwa n’umutima ukandara. 

Ese igise naco mwa bantu mwe ! Umugore kimucumita mu gitereko, umugabo kikamununuza ubwonko. Ntikigire ngo kiramutevyeko hoho ! Inyifato z’abagabo muri uwo mwanya ziba nyinshi: hari abahunga baja kwinyegeza n’abahungira mu mwerera. Ubu hagwiriye imenyeshamana, hari n’abahungira mu gasabisho. Ariko, ivyo vyose vyitwa guhungabana. 

Si ivyo gusa

Mu rugo, ubukene n’ubutunzi hari aho bisa, kimwekimwe kikavana n’ingene muvyifashemwo. Hari abakena bagata ibanga n’abatunga bakagira kuno. Umuhinga wavyo araba imbere, ubwiza bukaguma ku mutima, akareka umufuko ukigenga. Aho sinohateba. Wubatse canke utubatse, nasanze ingene umuntu abibamwo bitavana n’urugo, ahubwo bivana n’ubuntu bwiwe uko bungana.

Ntimuhave munyumva nabi, ngo navuze ibiremereye gusa. Si uko. Nahisemwo kuvuga bike muri vyinshi batatuyagira. Ibindi ni amarame. Ntihagire uwo bibuza gushinga urwiwe. 

Mbaye nka Socrate, ni we yagize ati: “Uko biri kwose, rongore. Ukaronka umugore w’intore, uzoba mu munezero. Ukaronka umugore w’ingare, uzoba umuhinga mu mbagarabwenge (philosophie)”.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion