Mu Burundi, iyo umwigeme atize, amahirwe y’ukuronka umugabo yize bubakana aba ari make cane. Ariko Violeta* we si uko vyamugendeye. Uwo mwigeme atanahonyoye muri Yaga Mukama yarashoboye kwubakana n’umusore yize nk’uko yavyipfuza. Aratuyagira uko vyagenze.
“Kuva ngifise imyaka 15, nari natanguye kubenga abasore batize baza kundesha, kuko nipfuza kuzorongorwa n’umusore yize, naho jewe ntahonyoye mw’ishure”. Uyo ni Violeta Iteriteka, umwigeme w’imyaka cumi n’icenda wo muri commune Bukirasazi.
Icamutera kwumva yokwubakana n’uwize, ni uko yatereza amaso mu kibano, akabona ukuntu abize baherekeza abakenyezi babo kwa muganga nk’iyo hageze gusuzumisha imbanyi canke kwibaruka, ukuntu batahurana mu gutandukanya imvyaro, bikamuhimbara. Maze nawe niko guca yiha intumbero y’ukuzokwihitiramwo uwo bazubakana yaciye ku ntebe yishure. Ariko kubishikako atize, vyari kure nk’ukwezi.
Ntivyoroshe
Kuvyipfuza nk’uburenganzira bwiwe cari kimwe. Kubishikako naco cari ikindi. Mu gihe abigeme b’Abarundikazi barindira abaza kubaresha, akaba aribo bacaguramwo, Violeta yaguma aronka abasore batize gusa. “Kubera nari mfise ubwiza bwo ku mubiri, nararonka abasore wanashaka batunze, ariko kubera batize sinabiyumvamwo”. Yabona ko kubemerera ari ukwiyaka uburenganzira nawe afise bwo kwicagurira uwo yipfuza.
Abandi bigeme bo mu runganwe rwiwe ku myaka 17 bose bari bamaze gukobwa, barindiriye gukwiza imyaka 18 ngo bubake izabo. Niho batangura kumwita ikirumbirane, batangura kumuhanahana mu basore ko abenga cane kandi yishima cane.
Uko buca niko yihebura. Atangura mbere kubona ko ataburenganzira afise bwo kwubakana n’uwo yipfuza. Abavyeyi ntibamutahura, ndetse ku myaka cumi n’umunani yisanze mu bakobwa b’urunganwe rwiwe ariwe akiri inkumi gusa. Niho yahava yigira umugambi wo kwikuramwo ivyo kwubaka, maze atangura kwironderera ubuzima.
Ng’iyo inoti umushikana ku ndoto
Yaciye arondera uko yiga ivyo guteka. Yarabona ko abigeme bakorera kw’ihoteri iri muri ako karere babayeho neza. Yahavuye aronka umugiraneza amushikana i Gitega mw’ishirahamwe babigisha ivyo guteka, maze aravyiga arabimenya neza. Niho yahava asubira ku gatumba, maze ashika aronka akazi ko gutekera abazungu bakorera ku bitaro vy’i Kibuye muri iyo komine nyene. Uko yahembwa, niko yagura agahuzu gasesuka, atangura kwambara nk’abize. Akazi yakora karamufashije kwiyungunganya, maze kamushikana aho atari yiteze gushika. Kubera ukwifata neza, yatanguye kuza arasohokera ahahurira abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye. Ku myaka cumi n’icenda, abasore baza kumuresha bari abize gusa kuko nibo bamwubahuka.
Ubu Violeta arishimira ko yaraye akowe n’umusore w’umwigisha yaciye ku ntebe y’ishure. “Iyo ntakora ngo mbe nigenga mu vy’ubutunzi, simbona ko nari gushika ku ndoto zanje z’ukwubakana n’uwo nipfuza”. Violeta ahanura abandi bigeme kumenya ko bafise uburenganzira bw’ukubakana n’uwo nabo bicaguriye nk’uko abahungu nabo babikora, ariko akabarya akara ko kugira babishikeko neza, bategerezwa gukura amaboko mu mpuzu bagakora ibishoboka vyose kugira bikenure imbere y’ukubaka izabo, kugira abasore ntibabacishemwo ijisho.
Like it
Mu burundi haracari bimwe twita akagaye. bisigura ko umusore yize akengera inkumi itize ariko ntivyari kugenda uko kuko hampande y,amashure bose aba ari abantu.