article comment count is: 4

Ivya Fildaus, ni nko gusimba umugezi ugaca ugwa mu kiyaga

Umuntu yumvirije ivyashikiye Fildaus Ihimbazwe yokwibaza ko ari ikiganiro ‘’Ninde ?’.’ Ntawopfa yemeye ko muri ino myaka abantu benshi bariko barwanira agateka k’abakenyezi, hari umuntu yokwubahuka gupfunga umukenyezi yarekuriwe gutandukana n’uwo bari bubakanye n’idini, umuryango n’ubutungane. Kugira ngo uwo mupfasoni arinde ashika aho ntivyizanye.

Wumvirije ikiyago Fildaus yatanze ku rubuga rwa YouTube “Umukubito”, uhakwa kubwira uwo mukenyezi uti “Simba imanga”, naho atibarutse. Muti kubera iki? 

Fildaus, yari asanzwe ari impfuvyi, aragaruka ku kugene ubuzima butigeze bumworohera. Yatwaye inda atifuza akiri muto. Kugira ahunge amaso y’urunganwe yimukira i Gitega aja gusaba indaro. Aho yoronse uwumuhoza amarira, yabanye n’umunyamahanga amuvyarako uwundi mwana aramuta.  Ivyo vyaramucishije akenge, kuko uwa gatatu, imbere yuko babana yaramusavye ko bubakana biciye mu mategeko y’idini ryabo, n’ay’igihugu. Yari yibaza ko agiye kuruhuka. Ariko ntivyaramye.

Nk’uko Fildaus avyivugira,  wa mugabo yahisemwo kumutana abana bane (babiri ba Fildaus na babiri uwo mugabo yari yavyaye imbere y’uko bubakana) asubira kubana n’uwo bavyaranye ubwa mbere ariko batanditswe. Ibi vyabaye nko gutoneka igikomere Fildaus yari amaze kugira ku mutima. Mu nyuma wa mugabo amaze kumuta, yaranse no gutanga irasiyo, hanyuma Fildaus amushira abana biwe, cane cane ko uwo mugabo yari yasubiye kubana na nyina wabo. Uko bimeze kwose, Sentare yasanze urwo rugo ata kazoza rufise hanyuma irarutangukanya. 

Nta caha kitanditswe !

Ayo marushwa amaze kuyavamwo, Fildaus yagize ati ‘’Ashiiiiiii’’, ariruhutsa, abagenzi baramutumira bamugirira umusi mukuru. Uwo munsi mukuru bagize niwo wabaye inkwezi y’amarere, umushikirizamanza wa Sentare isubiramwo imanza y’i Gitega ati nababonye, abatumako, barasamba, aca abaraza mu gasho. Ariko agakuru keza nuko Fildaus na bagenzi biwe barekuwe. 

None uwo mushikirizamanza yabagiriza icaha citwa gute ? Kunezerezwa nuko yahukanye? Ko ivyaha vyose bitegerezwa kuba vyanditse mu gitabo mpanavyaha (Nullum crimen, nulla peona sine lege), ico kunezerezwa n’ukwahukana kikaba kitandiste, umuntu aribaza ati none mu biro umushingwamanza yariko ababaza iki? N’imvo izihe zamutumye abaraza mw’ibuye? Ko gutandukana biri mu manza z’amatati ata caha kirimwo, umushikirizanza yavyinjiyemwo gute?  

Iruhande y’ivyo bibazo bijanye n’amategeko, mu Burundi umukenyezi yahukanye uca umengo aragowe, abantu bakamuraba nabi, akigunga, mbere rimwe na rimwe birashobora kumuzanira n’izindi ntambamyi. Ntitumenyereye umukenyezi anezerezwa n’uko avuye mu rugo, naho yoba yari amerewe nabi. Bamwe mbere bahitamwo wa mugani uvuga ngo “Ni ko zubakwa”, abandi ngo ‘’Honyorerako’’. Ico nico coba caratumye uwo mushikirizamanza abatumako ngo bisigure? Akaba ari iyo mpavu, abagwanira agateka k’umukenyezi baracafise igikorwa kire kire.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)