article comment count is: 0

« Nateshejwe kaminuza, ndongozwa ku mukozi wo mu nzu » : Intahe

Ububasha umuntu aba afise ku wundi, burashobora kuvyura akageso kabi k’uguhohotera ku nguvu uwuba amuzeyeko uburaro n’uburamuko. Ni vyo vyashikiye Madarena*, aho uwamurihira ishure ari we yamugotseko. Erega yategetswe kurongorwa n’uwari umukozi wo mu nzu w’aho yari abaye. Intahe

Mu 2016, ku myaka cumi n’umunani, nari mpejeje amashure yisumbuye. Ukudatora ikibazo ca Reta n’ubukene vyatumye bidakunda ko mbandanya kaminuza. Naciye nja kurera umwana wa mukurwanje ararongowe i Gitega. Nkihashika, n’umwaka ntiwakwiye nkora akazi ko mu nzu. Muramwanje, ari we mugabo wiwe,  abonye uko mvuga agafaransa, yaciye anyandikisha muri kaminuza yigenga y’aho nyene i Gitega.

Ubona ko uwutigaba atigaburira, ico nkeneye cose kw’ishure narinda kukimusaba, kuva ku mahera y’ishure, gushika ku mahera y’ukugura agahuzu ko musi. Mwene mama, naho muri urwo rugo bari batunze, nta jambo yari arufisemwo.

“Uwubuze uko agira agira nabi”

Mu 2019, umwaka wa mbere muri kaminuza wagenze neza. Ntanguye uwa kabiri, ibintu vyaciye bitangura guhinduka. Amazi n’agasabuni vy’igisagara vyari bitanguye kumfata. Uko vyamfata ngasa neza, ni ko wa mugabo yatangura kunsaba ko tworyamana. Kubera ukwanka gusambura urugo rwa mwene mama, narahakanye. Uko nanka, ni ko yanyibutsa ko mfungura ivyo ntazi igiciro, mba mu nzu ntazi uko irihwa, ko nimba nshaka kubandanya kaminuza, ntegerezwa kumwemerera.

Mu 2020, hageze kuriha amahera y’ishure, yarayanyimye. Nahavuye nemera ku gahato, maze mbona guheza umwaka neza. Ego navuze n’ubu ndacayicuza. Kuva ubwo, kugira agire ico ampa, vyarinda guca muri iyo nzira. Iyo na yo, kenshi, yama ari inkwezi y’amarere.

Inzira y’umusaraba

Mu 2020 nari namaze kuba nk’umugore wiwe. Yari azi neza imisi y’ubutinyanka bwanje kuburyo umusi nacerwa yari yamaze kubibona. Ntashe mvuye kw’ishure, umukozi wo mu nzu yaciye amfata ku nguvu. Vyaranse ko nihangana, nca ndabibwira mukurwanje, na we aca yirukana wa mukozi.

Aho hose, naguye mu mutego ntazi. Mw’iyo misi, ni ho namenya ko nasamye imbanyi. Mparuye neza, nsanga n’iy’umugabo wa mukurwanje. Ngize ndabimukoza, ati twara utamena ntusenyere urugo. 

Naciye nirukanwa mw’urwo rugo. Imbere y’uko nsohoka, ni ho naza mbona wa mukozi aje, yemera umwana, anansaba ko tubana. Wa mugabo yaciye anadutunganiriza ubukwe, anadutekerera amahera y’ukwikenura. Tumaze kubana, wa mukozi wo mu nzu yahavuye ansaba imbabazi, ambwira ko ivyabaye vyose ari amahera yahawe n’urya mugabo kuko yari yamaze kubona ko nasamye, ngo imbanyi ntimwagire.

Mu 2021, umwana yavutse asa na se nyene, ari we muramwanje, ariko umukozi aruhira kumwiyandikako. Umukozi kubera yari azi ko ari umurezi, yahavuye anta, yirongorera uwundi mukobwa. Nanje ndaba uko ndiko ndagorwa, kandi se w’umwana atunze, nca nshingisha urubanza. Ubu ndindiriye ikizovamwo, na yo jewe ubu narabuze isi n’ijuru.

*Izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion