article comment count is: 3

Ivyo twomenya ku bwami bw’Abarundi bubarizwa muri Kongo

Haraheze imyaka myinshi Abarundi baba mu kiyaya ca Rusizi, ku ruhande rwa  Kongo (RDC). Haciye imyaka umwami w’Abarundi atwara igice c’ubutaka bihariye, ari nawe  n’ubu aharamutswa. Vyagenze gute ngo Abarundi bagire igice ca Kongo bitirirwa ku buryo aribo batunganya n’intwaro yaho bakagira n’umwami ? Soma iyi nkuru ubone gutahura.

Kera cane, Abafurero nibo baba mu misozi ya Kongo ihanamiye Rusizi. Ico gihe ikiyaya ca Rusizi nta bantu bahaba, ariko Abafurero bafata ico kiyaya ko gisa n’ikibegukira, kuko baba mu misozi iri hejuru yaco. 

Abakoroni bamaze kuza, na bake mu Bafurero (uhereye ku ndongozi) bari bakiri muri ico  kiyaya baciye bakura meza, begera kure bahunga abakoroni. 

Mu myaka y’1890, abarongoye Abafurero bamaze gukura meza, niho Abarundi batangura gushinga imizi, kuko bobo bari batonye ku bakoroni.  N’uko, Abarundi baba baracokeye aho Abafurero bavuye, batujijwe n’abakoroni. Ibi tuvyiganirwa n’umushakashatsi Judith Verweijen, mu cirwa yakoze citwa mu rurimi rw’igifaransa « Un microcosme de militarisation : conflit, gouvernance et mobilisation armée en territoire d’Uvira », casohotse mu 2016.

 Ivyo rero vyatumye haba kwinubana hagati y’Abafurero n’Abarundi, mbere mu mwaka w’1920 baratana mu mitwe, kuko Abafurero babona ko Abarundi babavogereye. 

Abarundi baronse ubwami bwabo gute muri Kongo ? 

Mu mwaka w’1928, Abazungu batwara Kongo baciye bagabura igice bita ‘’territoire’’ ya Uvira mu bice 3 bisunze imigwi mikuru mikuru 3 yaba muri ako karere : ‘’collectivité’’ y’Abafurero mu buraruko (Lemera, Luvungi, Kigoma, Runingu et Muhungi), mu bumanuko ‘’collectivité’’ y’Abavira (Katala, Kitundu, Kabindula, Kijaga, Kakungwe et Makobola) na ‘’collectivité’’ y’Abarundi (Luberizi, Bwegera, Kabunambo, Sange et Kiliba). 

N’uko rero Abarundi baba baronse igice bigabira kandi batwara. Mu nyuma mbere baciye bashinga abajejwe intwaro barongowe n’umwami. Bamwita umwami w’Abarundi, vyari bizwi kandi mu butegetsi bwa Kongo. Ariko vyatumye haba kurabana ay’ingwe hagati y’Abarundi n’Abafurero, mbere inyuma y’igandagurwa rya Patrice Lumumba, incungu y’ukwikura kwa Kongo, abaserukira Abafurero, twovuga nk’uwitwa Marandura,  barashatse kwikika mu ntureka zakurikiye baragerageza kwigarurira ubwami bw’Abarundi.

Nk’uko Judith Verweijen abivuga mu cigwa ciwe, umwe mu batware b’Abafurero yarafatishije Kinyoni I yari arongoye Abarundi, abo bari kumwe baragerageza kwanka ko yimikwa. Ariko kubera igihagararo c’Abakoroni, yaratevye arima. Igisirikare ca Kongo nico caje , hari itariki 09 Ndamukiza mu 1961. 

Kinyoni yari umutware kuri Mwezi Gisabo

Kugira bahoshe imishamirano, abategetsi ba Kongo bahavuye bahindura izina,‘’chefferie des Barundi’’ bayita  ‘’chefferie de la Rusizi’’

Uyu mushakashatsi Judith Verweijen avuga kandi ko uyu Kinyoni  yoba yamuka kuri Kinyoni wa kera yari umutware kuri Mwezi Gisabo. Yari yajabutse Rusizi aja gucumbika muri Kongo mu gice ca 2 c’ikinjana ca 19 kubera sekuru wiwe Ntorogwe yari yashatse kwiyagurira. 

Mu 2004 umwami w’Abarundi Ndabagoye yaratswe ubutegetsi kubera yari yiketswe ko yari ashigikiye abaroberi bateye Kongo mu myaka y’1990 n’2000. Mu 2008, harabaye gushaka gusubiza ku butegetsi Ndabagoye, ariko yaciye agandagurwa itariki 25 Ndamukiza 2012. Umuhungu wiwe Kinyoni III niwe yahavuye aca amusubirira. 

Abarundi baba muri Kongo bacitse abanyekongo

Ariko ntihoba kwihenda. Abo Barundi bimukiye kera muri Kongo ubu ni abanyekongo nk’abandi. « Turi abakongomani ». Uku ni ko umwami Richard Nijimbere Kinyoni III yishuye abanyamakuru bagenzi bacu nk’uko tubisoma mu kinyamakuru Iwacu casohotse itariki 18 Rusama 2012.

Ikindi co kumenya, ni uko hishimikijwe inama y’amagaburanyama y’ibihugu bikoroni yabereye i Berlin mu Budagi mu 1884-1885, urubibe rugabura Kongo n’Uburundi uko turuzi ubu rugizwe n’uruzi Rusizi rwanshinzwe mu 1910. Ico gihe mu karere k’ikiyaya ca Rusizi hakaba hatwara umwami yitwa Mugabo.

Ico gice c’ikiyaya ca Rusizi rero ngo camye gitwarwa n’abanyakarama. Nguku uko abami bagiye barakurikirana mu kurongora ubwami bw’Abarundi bwo muri Kongo :

1750-1800 : …………Ntorogwe
1810-1818 : ………….Makoro
1818-1830 : ………….Rugendeza
1830-1850 : ………….Rushimba
1850-1904 : ………….Kinyoni I
1904-1922 : ………….Mugabo
1922-1958: …………..Ndabagoye I
1958-1982 : ………….Kinyoni II Félix
1982-20 : ………….Ndabagoye II Nsabimana Floribert
2012 gushika ubu:….. .Richard Nijimbere Kinyoni III

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Ko mutadutohoreza ukuntu twatakaje intara ya Kigoma n’akarere ka Bugufi ubu bitwarwa muri Tanzaniya kandi Abarundi batari bake baguma bidoga ko hari mu Burundi kuntwaro ya cami kugeza mbere no mugihe c’ubukoroni?
    Kandi ico abashingamateka bagumye bakibaza ku ntwaro iheze ya Petero Nkurunziza bakishurwa Uburundi ata ndyane bwipfuza kuko bwibaniye neza n’igihugu ca Tanzaniya kugezaho bitana abavukanyi.