article comment count is: 0

Abashikiranganji bane barahinduwe : twitege iki ?

Itegeko ry úmukuru w’igihugu rihindura abashikiranganji bane mu bo yari yizeye ryarashizwe ahabona kuri uyu wa 2 Gitugutu 2023. Hagiye gukurikira ukubisikanya ku ntebe kw’abahahora n’abashinzwe amabanga mashasha. Mbega none abo basubirijwe boba bananiriwe he canke ni ubuhe butumwa Umukuru w’igihugu yashatse gutanga ?

Mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu no 100 /200 ryo ku wa 2 Gitugutu 2023 Evariste Ndayishimiye yaraye asubiriye guhindura reta. Abashikiranganji bane barasubirijwe mu mabanga yabo. Muri abo, harimwo uwujejwe uburimyi n’ubworozi hamwe n’’uwuramutswa ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, bumwe mu bushikiranganji buhambaye mu ntwaro ya Varisito Ndayishimiye. Aba basubirijwe inyuma y’imisi itari mike havugwa ko hoba hari umugambi w’umukuru w ‘igihugu wo guhindura bamwe mu bo yajeje amabanga ymu burongozi bwo hejuru. 

None abo bakuwe boba bananiriwe he ? 

Tugerageje kwihweza mu bikorwa vya vuba vy’umwumwe mu baraye basezerewe hari utunenge twagiye twibonekeza. Nko mu bushikiranganji bujejwe uburimyi n’ubworozi busanzwe bufise mu minwe igisata c’uburimyi n’ubworozi ari naco shingiro ya politique ya Ndayishimiye ibibazo bitari bike vyaribonekeje. Ubu bushikiranganji busa kandi n’ubwananiwe no gutunganya neza ibijanye no kugwiza ndetse no kubungabunga umwimbu. Mu nama umushikiranganji wa mbere yagiranye n’abegwa n’ikibazo c’uburimyi n’ubworozi co kurabira hamwe ivyakozwe muri ico gisata muri nyakanga, uyo mutegetsi yarakariye cane uburongozi b’ihunguriro ry’ifumbure FOMI. Aha ni mugihe ico kibazo categerezwa gukurikiranwa n’ubushikiranganji bubijejwe. 

Nayo ku ruhande rw’umushikiranganji yahora ajejwe amagara y’abantu, yaragirijwe bimwe bimwe mbere ataronkeye inyishu zitomoye aho yari imbere y’abashingamateka itariki 19 Nyakanga. Harimwo ibibazo vy’inyubako, ivy’abaganga b’abahinga bagenda, ikibazo kijanye n’ugukurikirana abagwayi neza n’ibindi. Ibindi Sylvie Nzeyimana yagirizwa kuba yarananiwe gukora harimwo ivyo gutunganya amavuriro mato mato yo mu makomine.  Mbere yarabajijwe no kubijanye n’inyifato mbi zibonekeza mu bitaro bitandukanye vya Reta. Imbere y’abaserukira abenegihugu Nzeyimana yagirijwe kuba atitayeho kurondera inyishu y’ibibazo biri mu gisata c’amagara y’abantu. 

No mu bushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta n’akazi harabayeyo ibibazo bitari bike. Hari ibibazo vyo gutunganya neza imishahara níbindi bitandukanye. Ndetse umukuru w’igihugu akaba yarumvikanye avuga kuri ibi bibazo canecane ivyo gukoresha ubuhinga bwa none mu kazi ka reta. Aha twokwibutsa ariko ko Deo Rusengwamihigo yahahora yari yashoboye gushira ahabona ubusuma buhora buba mu bijanye n’imishahara.  

Izindi mvo zatumye hafatwa iyo ngingo zoshobora kuba zifatiye kuri politike na rirya haciye imisi umukuru w’igihugu avuga ko hari abamugwanya bashaka kumwononera. Aha bamwe bakabona nk’akarorero ko gukura uwahora ajejwe ubushikiranganji buraba ibijanye n’ukwinjira kw’uburundi mu karere ka EAC agasubirizwa n’uwahora aserukira uburundi mu gihugu ca Tanzaniya hoba harimwo umukino wa politique. Uyu mushikiranganji Ezechiel Nibigira yari aramutswa ubushikiranganji bw’imibano hagati y’Uburundi n’akarere EAC akaba ahinduwe mu gihe ata vyishi vyari bimaze kumuvugwako.

None ni ubuhe butumwa Ndayishimiye yashatse gutanga ? 

Biragoye kumenya neza ivyihishije inyuma y’ihindurwa y’abo bashikiranganji. Ariko vyama bifise intumbero.  Naho biri uko, hari bimwe bimwe dushobora gufatirako naho nímikenyuro ya politique atawobishira ku ruhande. Kenshi umukuru w’igihugu yarumvikanye atunga agatoki abo yizeye akabazeza amabanga ko batamufasha. Ahandi naho akavuga ko harimwo n’abadakora akazi kabo neza, mbere hakaba n’aboyagiriza ko batunganya nabi ivy’ígihugu canke batazi ivyo barimwo. Ivyo vyose Ndayishimiye naho yama abivuga yama yirinda kudomako urutoki. 

Iri hinduka ribaye mu gihe hari haciye imisi havugwa vyishi mu bijanye n’uguhindura bamwe mu bategetsi bohejuru mbere hakavugwa n’ibihuha ko hari ukunyinyurana mu gasongero k’ubutegetsi. Umukuru w’igihugu yoba ari intango agiye kubandanya kubogoza n’abandi batandukanye ? Reka tubitege amaso.

Uko biri kwose guhindura abarongozi ntibikwiye. Ntitwovuga ngo « akananiye umugabo kananira n’uwundi », yamara uretse ko ibikorwa vy’abategetsi bikwiye kugenzurwa rwose, bohabwa uburyo buhagije kugira bahindure ibintu vy’ukuri. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion