article comment count is: 5

Nyakubahwa, ubivuge ubisubire uwo muti ni ibamba !

“Uwo muti urarura kandi uranyobwa. Umuntu arawumira ugashikayo.” Ayo ni amajambo yakoreshejwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano igihe yariko ashikiriza umuti Reta yatoye kugira ngo amasanganya agabanuke mu mabarabara. Ejo hahise, abarongoye amakomine atatu agize igisagara ca Bujumbura baragirishije inama abavugutiwe uwo muti,  babakurira inkoni ku gishitsi ko iyo ngingo itarota isubira inyuma. Ko abagendesha ama tuk tuk, amakinga n’amapikipiki batazosubira kugera mu gice babujijwe.  Vy’ukuri uwo ni wo muti ? 

Ibibanza amakinga, amapikipiki n’ama tuk tuk bitemerewe gushikamwo biri mu gisagara hagati. Ivyo bibanza bisanzwemwo ibitaro nka Roi Khaled, Prince Regent Charles, ibitaro vy’abasirikare n’ibindi.  Ivyo bitaro bikaba ari vyo abantu batobato badashobora kuronka amahera yo gufata itagisi bakunze kujamwo. Nk’umuntu aba ku Buterere, aremvye yafata ibajaje kugira aje kwivuza muri ivyo bitaro.

Bitayeko, amasoko menshi asanzwemwo ivyo vyuma vyo kwiyunguruza: Ruvumera, Cotebu, Kwa Siyoni, Kinindo, … Abaja gusumayo, boroherwa no gufata ubwo buryo bwo kwiyunguruza narirya kwiyunguruza mu matagisi bisigaye bizimvye kubera ukuduga kw’ibitoro.  

Aho ni aho tutavuze abagendesha birya vyuma nabo basigaye bagenda bihebuye, batazoroherwa no kurundanira mu bice biri kure y’igisagara. Uyifashe muri ino misi, bamwe ubasangana umwikomo, abandi nabo bagapfana ikizigizigi ko abafashe irya ngingo bazokwisubirako bakayihagarika. Mamesi* asanzwe atwara ipikipiki ati: “Boduheba tugapfa nyene ?”

Imiryango ntizosigara inyuma

Ikigaragara ni uko n’ubukene mu miryango bugiye kwiyongera kuko amafaranga aziyongera ku kwiyunguruza ku bantu baba muri ico gice gikingiwe azoca atuma ibintu bizimba ibindi bigakena. Aha twovuga nk’abadandaza batandukanye bahora bunguruza ibidandazwa vyabo na tuk tuk

Uwo muti rero ivyawo ntivyoroshe kuko naho ururura n’abana bazowunywako. Umwana yahora aronka amata aje kw’ikinga. Ubu bizotuma bayazana n’imodoka. Nta nkeka ko bizotuma ayo mata azimba. Ikindi kigeretseko, nta modoka izoyashikana ku muhana nk’uko ikinga ryahora ribigira. Kuva ubu rero, abadashobora kuja kuyitororera i Buringa, bazogura ayahinguwe. 

Ariko bari bakwiye kuvyihweza neza. Ikinga ritwara amata rimwe mu gatondo no ku mugoroba ntitworishira mu mugwi umwe n’iryunguruza abantu. Iryo ryari rikwiye gutezurirwa. 

Si abo gusa 

N’abanyeshure nta gisivya bazonywa kuri uyu muti. Akarorero ni  abanyeshure biga muri Kaminuza. Benshi muri bo baba ku nkengera z’igisagara kuko ariho hari amazu azimbutse. Abatiyunguruje ku makinga aca amafaranga, usanga hari benshi batunze amakinga yabo bagendako, kugira bashobore gushika kw’ishuri. N’abo nta nkeka ko bazomererwa nabi.

Abanyeshure si bo bonyene biyunguruza ku makinga. Harimwo n’abandi benshi, nk’abararira ku ngo n’amashirahamwe bitandukanye bita aba “city” n’abandi banyagihugu batandukanye, urutonde ni rurerure. Benshi muri bo baraguze amakinga yo kwiyunguruza kuko agashahara bafata  ari gato batogakuramwo ibisi imisi yose.

Ikibazo nibajije ni: ko ubwo buryo bwo kwiyunguruza buvuyeho, ubu hazoshobora kuboneka amabisi ahuza amakaritiye kugira abantu boroherwe mu buzima bwo kwiyunguruza ? Niko iyo ngingo yafashwe kubera umutekano wifashe nabi mw’ibarabara. Ariko naho biri uko, hari ikindi kumbure twari guherako. Ukuntu amabarabara yifashe, biratuma haba amasanganya menshi. Imodoka canke ikindi gikoresho co kwiyunguruza ija kuzibukira ikinogo canke imanga, usanga bitumye isekana n’iyindi, canke iguye mu manga. Iyo ngingo yonyene ntizogabanya amasanganya.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. Ntibizoroha nukuri
    Aho rero hari n’uwundi murwi w’abanyeshure bagiye hamwe bagura amakinga yunguruza abantu n’ibintu kugira ngo versements baronswa ibafashe mu kwiyungunganya muri utu canke turiya. Yemwe ntibizotworohera kabisa. Iyo ngingo ntiyorohereza umunyagihugu na gato

  2. None ko bakuyeho ubwo buryo bwo kwiyunguruza kda aribwo bwashobora kworohereza abantu batobato., Nk’umuntu avuye ruguru ko yahora ashika Kiri cotebu agaca afata agakinga, moto, canke Bajaj bikamushikana Aho yipfuza kubera Yaba Ari mushasha muri Nya Bujumbura, mushaka nne tuzoze turazimira ko namwaburya benshi ata mikoro yo gufata taxi tworonka. Ntimukidukeneye ko tuja Ku mugwa mukuru w’igihugu.?? None tuzomenyera igisagara ryari?? ☹️☹️🙁🙁Nukuri Birababaje kdi Cane.

  3. Emwe urutonde rwabazonywa uwo Muti ni rurerure kandi nuruhererekane kuva k’umuntu muto gushika kumukuru naho abo Bose batazoshikirwa kumwe,rero vyari vyiza bumvirije amarira yabo batwara kuko ninaho babatoye rero ntakuntu Boca bafata ingingo ibakandamiza ngo nuko aribo babaserukira

  4. Jewe nibaza KO bayifashe batabanje kwiyumvira neza kandi batazi la situation de la vie quotidienne yo ngaha. Noé KO amakinga ariyo yahora azana Ama légumes, fruit, inyama, Amata,amakara hamwe hamwe bizoca bigenda gut??? Mbe umuntu uzokenera dufate nko kuva mu gihosha Aja ngagara cank carama azohahonda amaguru cank yemere gufata bus ibanza guca muri ville Hama aheze Afate ya ngagara. mbe hoho KO bavuze KO zizoshika kwa commune Hama tukaba tuzi KO bagirisha ama contrôle technique kuri otraco hoho bazohashika gut kand mu bibanza bibujijwe Hakaba harimwo??