article comment count is: 0

Kwiyunguruza i Bujumbura : “Batugarukanire twa dukinga basi !”

Kubera ingorane y’igitoro, kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura bisigaye ari amananiza. Mu misi iheze hoho hariho n’izo baniganira, ugasanga ku bituro vy’ama bisi nta n’imodokari iharangwa imirongo ikora irya n’ino. Za tagisi zahora zisahiriza nazo, n’iyibonetse mu gucira abiyunguruza ibikorera kubaca amaboko. Aho bigeze, Reta irakwiye gufata ingingo z’ibihe bidasanzwe.

Ego igitoro cahora kibura, yamara ubu iyo kibuze bija ku yindi mpwemu, umugani w’abaraho. Ubu ntibikiri igitangaza gusanga imirongo ku bituro vy’amabisi yo mu gisagara ca Bujumbura mu gaturuturu. Ryari nahuye n’umugenzi nzi afise imodokari nyinshi ari ku gapikipiki k’aka “Jeho Kuki”. Sinatangaye cane naciye mbwira uwo twari kumwe nti ico ni ikibazo c’igitoro. 

Ryari naho nja mbona agasanamu k’umuntu yenenye imodoka yo mu bwoko bwa Hiace. Twarihereye iryinyo kuko nyene akabi gatwengwa nk’akeza. Ku mugoroba nariko ndandika ino nkuru niho nabona umugenzi ari aho ashira kuri Whatsapp isanamu y’imodokari itwara indembe nayo itonze nk’izindi irindiriye igitoro. None nk’ubu iyo yaca ikenerwa ? Oya ntibikabe Mana ! Nizere ko yo bayiretse ikanywesha imbere y’izindi.  

Ntibazimvye bimonogoje !

Ama tagisi nayo ubu si ukuzimba ngo asigaze. Ku wa gatanu uheze, jewe n’abandi bagenzi twari twatumiwe mu rubanza ahantu mu Gasekebuye. Turiyibagiza gato ingorane z’ama bisi zihari. Turaterama gushika isaha zine z’ijoro zirenga gato. Twatahanye turi bane turatambuka ahatari hato. Tugeze ku rya Muyinga mu Nyakabiga, biba ngombwa ko babiri muri twebwe bafata itagisi ngo ibashikane muhira iwabo mu Gisandema. Uwutwara iyo tagisi wa mbere twikozeko yarinamuye aducira ibihumbi mirongo itatu (BIF 30 000) turamaramara. Tuguma tubandanya twizera ko uko tugabanya urugendo ariko duhava turonka iya make. Erega no kuri cumi na bitanu (BIF 15 000) twarabuze. Emwe erega vyarangiye baraye. 

Reta ni iseruke !

Mu bihe nk’ibi, ni ho Reta ifata ingingo zibereye kandi zijanye n’ibiriko biraba. Erega ni nko mu ntambara canke hateye ikindi kiza ico ari co cose. Turazi twese ukugene mu gihe ca koronavirisi Reta yategetse kwambara ubufukamunwa mu bibanza bimwebimwe, igategeka no gushira amazi yo gukaraba imbere y’ibibanza bihuriramwo abantu benshi ; eka mbere n’izindi ngingo mperekeza.  

Rero, no kubera iri kena ry’igitoro, Reta yovyiga ukuntu hogwizwa uburyo bwo kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura. Inzira ya mbere, kwoba ugusubira ku ngingo yari yafashe yo kwimura vya vyuma vyunguruza abantu nk’amakinga, amapikipiki n’amabajaj, bakabitezurira,  bigashobora gukwira mu gisagara hose. Ivyo vyokworosha ingendo ku biyunguruza kuko nk’amakinga murazi nta gitoro asaba. Yopfuma agera kuri za mbibe yahora agerako imbere yo ku wa 22 Ntwarante 2023 igihe hafatwa ingingo yimura ivyo vyuma. N’amapikipiki nayo n’amababaji yofasha cane kuko azimbutse gusumvya amatagisi. 

Mutahure neza. Mu bijanye n’ukwiyunguruza turiko twitwara nko mu bihe bisanzwe kandi turi mu bihe bidasanzwe. Iyo igitoro cabuze, ku buzi abantu baracerwa, ababa kure y’amasengero yabo bamwebamwe bagacika intege bagasiba gusenga kubera ukubura uko biyunguruza. Aho ntituvuze abata umwanya batondeye ikitari buze ku masitasiyo. 

Iyumvire namwe abantu b’abagabo, abagore, inkumi n’imisore amajana n’amajana biriwe ataco bahereje iminwe batondeye igitoro. Iyo baba boronse akabunguruza ningoga kandi kazimbutse nk’agakinga bamwebamwe bosimbira ku mirimo bakaraba uko vyifashe bakagaruka, maze imirimo ikaguma ikorwa na bukebuke. 

Ni ukuri ikibazo c’igitoro cabaye akananirabahinga. Reta nirabe ingingo ifata, nko mu bihe bidasanzwe nyene. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion