article comment count is: 0

Igiturire mu Burundi : aho bigeze twimonogoje

“Birabe nawe, ugire ico uvuze.” Ako kajambo kagezweho. Haba mu bisata vya Reta canke mu bikorera utwabo, ku mabarabara canke mu bigo bitandukanye, ako kajambo canke udusa n’ako ni two “kabanga” (code) ko gusaba igiturire. Twama twatwumvise. Uno mwanditsi ati : “tugeze habi cane”. 

Navyidoze kuva kera, akenshi turi kumwe n’abagenzi, ariko ubu mpisemwo kuvyandika ahabona. Ndabisangije n’abo ntazi, kumbure hari igihe vyobwirwa benshi bigateba bigashikira na ba Ndabidadanure, bakagira ico bakoze. 

Ntibikiri agaseseshwarumuri, ingendo y’ukurya ibiturire yarabaye ndanse mu Burundi bwacu. Uwogira ngo ndanguha, ni yibuke amajambo Umukuru w’igihugu yashikirije kuwa 31 Myandagaro 2021, i Bujumbura, igihe yariko abonana n’urwaruka. Ivyanshikiye mw’iri yinga riheze, iyo bimbako ndi umwe, canke vyose bikabera mu kibanza kimwe, nari guhesha. Ariko vyatubayeko n’umugenzi, mu bibanza bitandukanye kandi umusi umwe. Nanje nti : amazi yaramaze kurenga inkombe. 

“Birabe nawe, ugire ico uvuze…”

Nari nazindutse mfata urugendo mva mu mahanga, ntahuka mu gihugu canje. Inyuma y’ukururuka indege ku kibuga c’indege citiriwe incungu Melchior Ndadaye, mpura n’umwe mu bapolisi bakorera ku miryango. Ibi bihe vya Koronavirisi biragoye, twese ubu tugenda twambaye agapfukamunwa. Ivyo rero bituma bigora ko umuntu amenya uwundi, kuko ntitubonana mw’isura yose. 

Umupolisi yari ku muryango aranyihweza ndiko ndaza ndamugana, nkabona neza ko andaba nk’uwumbonamwo ikindi kintu. Bugingo ndamushikiriye, arambaza ivya ngombwa vyose, ndabimwereka. Abonye ata co mpajije, nja numva yinamuye ambwira n’ijwi ryiyoroheje ngo : “Uri Umurundi ?” Nanje nti: “Ego cane.” Aca arabandanya ati : “Birabe none, nawe ugire ico uvuze. Erega runo ruzuba rurababaza.” Nca ndunama hasi, mera nk’uwumwenyura, ndarengana. Nkigize intambuko ya mbere, nja numva arabandanije ngo: “None vy’ukuri aho ntaco unsigiye?”  Nca numva umengo arancumise ikintu mu mutima, ariko ndizemagiza nti: “Ni ukuri nta co, iyo ndakigira mba nkubwiye.” 

“Biri ingo biri ingo zose”

Ngisohotse ikibuga c’indege, hari umugenzi yari yaje kuntegera. Uwo nyene ni we nari natumye, nkiri hakurya y’amazi, ngo andihire ca gipimo ca Koronavirisi kugira nshike bampima, intambwe zo kuriha zabaye ziravamwo. Kurya kuntu abaje gutegera ababo badashobora kwinjira ngo babasange ku bwinjiriro bw’ikibuga c’indege, aca ahitamwo kurungikana agapapuro kerekana ko yandihiye umukozi wo ngaho ku kibuga c’indege nyene. Uno nawe aramuremera ngo : “Ko ndagufashije, gira nawe ico umbwiye.” Wa mugenzi we ntiyaciye irya n’ino ati: “Wakoze kumfasha, ariko nta vyo kuriha wari wigeze umbwira.” Ivyo vyari ivyago bigira kabiri bimushikiye; hari ku mugoroba. 

Mu gatondo bugica, yari yazindukiye ku nyubakwa ikoreramwo ubushikiranganji bw’igigega ca Reta. Amaze kurangiza gutunganya ijambo ryari ryamujanye, ahitana ingendeshwa yiwe, arasohoka. Bugingo ageze kw’irembo, ahura n’umwe mu bacungera umutekano  w’ico kigo, yumva amubajije ati: “None ga muta, aho nyene muragiye ataco mumbwiye?” Uno mugenzi wanje nawe ati: “Kijanye n’iki?” Uri uwundi ngo: “Erega ni jewe nasigaye ncunze umutekano w’imodoka yanyu.” Wa mugenzi n’agashavu kenshi ati: “Kuva ryari muri kino kigo barihisha aho umuntu yahagaritse umuduga wiwe?” Wa muraririzi nawe ati: “Oya si ukubarihisha, ariko raba ico mwonsigira”. Uno mugenzi aca arumirwa, ati: “Naje uwogira ico ampaye nogitora, ugire umusi mwiza!”

Tugeze habi cane

Sindi bube nka wa wundi ngo mvuge nti “igihugu carapfuye”, ariko reka ndavyoroshe mu kuvuga ko capfunywe. Karashize ingani, ukurya ibiturire bihinduke umugenzo ndangamurundi! Ni agaterantimba. 

Wa wundi ati “igikorwa iyo cisubirije kiba cahindutse inyifato, inyifato yisubirije igahinduka akamenyero, akamenyero kagahinduka ingendo, ingendo yisubirije igahinduka umuco”; nibaza ko turiko turashika aho ukwaka igiturire bihinduka nk’umuco w’Abarundi, hamwe ibintu vyoguma uko bimeze. 

Uwoshaka kukirwanya, sinkekeranya ko yotegerezwa guhera ku vyigwa vyo gutahura neza urugero tugezeko; kuko tugeze kure. Hama rero agaheza agahimiriza, ahereye ku bakozi mu bisata vyose n’abatowe mu nzego, ivyo bikajana n’ugushiraho, gushigikira n’ugukomeza inzego zijejwe kurwanya ibiturire mu bisata n’inzego zitandukanye. Iruhande y’ivyo vyose, uguhana bimwe bikomeye, uhereye ku ndongozi zifatanywe iyo ngendo, hamwe n’ukunga ubumwe n’amashirahamwe canke ibihugu bimaze kunesha uwo muco mubi, vyodutabara.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion