article comment count is: 2

Mu Nyakuzimu i Burambi: kuhagenda bisaba ingoga

Mu Burundi, ikibazo co kwiyunguruza hari aho usanga kitoroshe. Ugiye ahatagira amabarabara, ata modokari ihahonyoza ipine ho bikaba ibindi. Uwu mwanditsi wa Yaga agira atujane i Burambi, atudugane imirambi atumanukane iyindi, ahazira ikiyaya. 

Isaha imwe y’igitondo. Ngeze ku gituro c’izija mu Rumonge kw’isoko ya Kinindo. Nari kumwe na murumunanje. Yatereyeko ikoti n’ipantaro bisa, ikaruvati yanigirije mw’izosi. Jewe niyambariye bisanzwe muga natererako agakoti kw’ijinisi kuko naribaza ko hatatworohereza. Ku noti y’6 500, nategerezwa gushika mu Kagwema.

Turinjiye mw’ikwasiteri isa n’umuhondo. Yitwa ko ifise amarido ku madirisha, acafuye cane ku buryo ata womenya uko yahoze asa.

Nari nicaye ku gatebe gatoya gafise n’akantu kanzibura. Naguma niyumvira uko ndabigenza tugeze mw’ibarabara rya Rumonge ryuzuye ibinogo. Hafi isaha imwe n’igice, ng’uwo umushoferi arayihaye birebire.

Tuhabona imvuzi imara irungu

Ikwasiteri yacu yari yuzuye abantu barenga 30 nk’uko bisanzwe. Irimwo abantu batandukanye. Ibaze ababikira bicaranye n’abakenyezi b’abisiramu, bakagenda barayaga batwenga, muga mu bwitonzi ntangere. Bari bateye igomwe, batandukanye n’umugabo yari yicaye imbere yanje. Yari yicaranye n’umugore w’Umwisiramukazi. Yaguma amuvugisha menshi, uno ukabona ko abihiwe. Ariko nya mugabo ukamengo arababwa, akagomba kugenda aseguye umugore w’abandi, araba hirya no hino ko hari uwuriko arashima utwo yigira. Mugabo aho kudushimisha akadushisha.

Akantu kose abonye yaba akavuzeko ikintu. Tugeze hamwe bakorera ubwato mu Kabezi, yasigura ibijanye n’ubwato. Twagera mu Nyaruhongoka na za Kijejete, yaba yadutse asigura igituma hameze uko. Aho simvuze ko yanavuze abonye ku Nyabaranda, hamwe abazima n’abapfuye basangiye itongo: imva ziri kumwe n’amazu. Yarasiguye ivya Tanganyika nk’uwayimvye abantu bose bamuraba nk’agahabwa.

Naho imodoka yaduceka, uwundi musore yicaye hirya yanje n’imishatsi ikumbuye igisokozo yariko arigana indirimbo yumviriza kw’iterefone. Ijwi ryiwe wayoberwa ko ari urugi buguruye, rufise ipata ridaherutse utuvuta.

Twahavuye dushika mu Kagwema mu Rumonge, turururuka.

Mu Nyakuzimu ntibajayo bajandajana !

Twaciye tubona ipikipiki, twiteragura tuja kuyibwira iyo turoye ngo idutware. Yumvise ari i Burambi hafi yo mu Nyakuzimu, yatwamiriye kure ati:  “Ishwi nta moto yanje njana hariya hantu”.  Turihebura. Twatevye, Imana yaracanye tuja tubona uwuhazi aca adusaba ibihumbi 18, twahiriwe n’uko yari umubanyi w’aho turoye.

Ndamusavye ibikofero bikingira umutwe ngo twambare, abari aho bose bantwengeye rimwe. Ndamwibarisha uruhusha ( permis de conduire mu gifaransa) barumiwe. Ubona ko uwubuze uko agira agira nabi, twarayuriye, murumunanje inyuma, uwuri uwundi ayereka inzira. Ngatangazwa n’ukuntu iyo pikipiki itaratoboka ipine. Ndabimukojeje, wa mwana w’abantu ati : “Aha ipine iramvye cane imara amezi ane kubera aya amabuye .” Aho twari mw’ibarabara ryageseye.

Tukigiye nk’ibirometero bitanu, twagiye tubona aciye ahantu mu kayira kadashobotse, ayahura umwonga mu bigazi. Ahantu yaduze gushika n’ubu sindatahura uko yahaciye. Neza twaduze umengo turagaramye. We yari yicaye ku gikono c’igitoro, adusaba kwigirwa imbere. Iyo nzira itabaho twayimazemwo nk’iminota 20. Ahava arahamvya icitwa ibarabara twari twataye kuko rizigura, tuhahurira n’abantu bane n’uwa gatanu ayitwara bari kw’ipikipiki imwe. Tugitangaye, yatubwiye ko ari ho itabaceka mu binogo n’amabuye.

“Umukene na Otraco iramwanka”

N’imodoka ya Otraco ngo ntikihahonyoza ipine. Nya musore yavuze ko ababajwe n’ukuntu ikomine yabo yahebwe. Naho bituma na bo baronka abo bunguruza, yemeza ko bibishe kubona ata modokari n’imwe iza kwunguruza abantu.

Vyakabaye kera, nk’igihe c’isaha zitandatu zirenga, yahavuye anyereka ahantu dutereza amaso, ati : “Mu Nyakuzimu ni hariya, aho turoye na ho ni aha hepfo. »  Anshikanye aho ndoye kwa mamawacu, nkize kumubona gusa, ikiroroge ku mutima, umunezero, igishika ca murumuna wa mama nari maze kubona rimwe gica kirankanda ku mubiri no ku mutima. Umunezero uranshwara. Ndamutsa incuti. Haheze akanya, uwundi mamawacu aba arashitse, ivyiza vyiyongera mu bindi.

Ubugeni tuba turabutashe

Twakumburukanije, ni ho twabwirana ko hageze ko tuja ku rwatujanye. Mu kuja ahabera ibirori twaduze imitumba, tujabuka imyonga. Abageni bashitse kare mugabo ababutaha bashika isaha icenda zirenga, mba ndageze gusubira inyuma. Murumunanje aca aronka abamwunguruza, ariko nanje nsubira kwikorera wa musaraba. Naronse uwunyaka ibihumbi cumi kw’ipikipiki, antwara aguruka kurusha uwa kare.

Natowe i Bujumbura isaha zibiri z’ijoro,  ivy’uburuhe navyibagiye, ariko nshimira Imana ko nshitse ntakubise agatwe kw’ibuye.

Icandyoheye, ni ukubona  nashoboye kuvomerera ubucuti, bituma niyumva nk’uwurushe mugabo atsinze urugamba. Kimwe gusa compimbara kandi kigahimbara n’abandi, ni igihe imirambi ya Burambi nobona isigaye igendeka imiduga ihashika vyoroshe, ata bantu batanu kw’ipikipiki imwe.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)