Ntawutokwibaza igihe ikibazo c’igitoro mu gihugu cacu kizoronkera inyishu irama. Uwu mwanditsi wa Yaga yandikiye umukuru w’igihugu kuko afise amakenga aterwa n’uko ingingo nyinshi zimaze gufatwa kugira ico kibazo kive mu nzira ataco zirashikako. Ivyo abivuga kuko igitoro, n’iyo kibonetse, kimara umwanya urume rumara. Asa nkw’uwubaza umukuru w’igihugu ati: “Ubwo ntihageze ko muhindura umukenyuro?”
Nyakwubahwa, imyaka irenga ibiri iraheze Uburundi bufise ikibazo c’igitoro. Rimwerimwe kiraboneka ikindi gihe kikabura, ibiratera ingorane abanyagihugu batari bake kubera kwiyunguruza biri mu bintu bidahara mu buzima bwabo. Iyo kwiyunguruza bihungabanye, abanyaguhugu barahabonera amagorwa kuko hari ababa bashaka kuja kuramutsa ababo, abifuza kuja kudandaza utwo baranguye, kuja kwa muganga kwivuza canke kuvuza ababo, ba mukerarugendo bifuza gutemberera igihugu, n’ibindi vyinshi. Ntawobideha, igitoro gifatiye runini ibihugu vyose vyo kw’isi muri iki gihe isi iri ku muvuduko w’iterambere ridasanzwe.
Nabwo Uburundi si igihugu cirebanga, kuko kiri mu mashirahamwe mpuzamakungu menshi. Ariko dufatiye kuyari hafi, ni co gihugu co mu karere gifise ingorane ikomeye yo kuronka ibitoro muri kino gihe. None nyakwubahwa ko ikibazo gisa n’icananiranye, umuti uzoba uwuhe ?
Ni amananiza nyakwubahwa
Umukuru w’ishirahamwe Regideso mwashinze kudandaza igitoro yari aherutse kumenyesha mu ntango z’ukwezi kwa Rusama ko Abarundi borema, ko igitoro kiriko kiraza, ko mu misi mike igitoro kizoba ari umusesekara. Yahanuye mbere abafise gikeya mu modoka zabo ko batokwirukira gutonda babonye ica mbere gishitse, kuko kigiye kuza gikwiye. None nyenicubahiro ko indwi yatubwiye yaheze ariko tubona kuronka igitoro ari amananiza ?
Nyakwubahwa, amakenga yanje ntagarukira ku vyo uwurongoye Regideso aherutse gushikiriza gusa. Mwebwe ubwanyu mwarigeze gushikiriza ko ikibazo c’igitoro mugiye kucifatira mu ntoke, hari igenekerezo rya 02 Nyakanga 2022. Mwaranafashe ingingo yo guha Regideso igikorwa co kudandaza igitoro. Iryo shirahamwe nyene, ni ryo ryahora rindandaza amazi n’amatara, kandi abanyagiguhugu bari basanzwe bamaze imyaka myinshi baryidogera ko ritabaha amazi n’amatara bikwiye. None nyakwubahwa, ko ikibazo cananiranye, ntimworaba mugahindura umukenyuro ?
N’ubu ni ko bikimeze
Mu kwezi kwa Kigarama 2022, uwunkurira yari yandungitse gukora inkuru ijanye n’ibura ry’igitoro ndabura aho mpera kuko ari ikibazo cari kimaze gusa n’ikizazanira abamenyeshamakuru, cane ko abategetsi benshi bari bamaze kumenyesha ko kigiye gutorerwa umuti mugabo kikaguma kibura. Ico gihe nari navuze amaganya mfise kuko nari nabuze ico nandika kubera ko ata gishasha nabona nashobora guha abasomyi bacu kijanye n’ibura ry’igitoro. N’ubu antumye nogira uko, sinobona aho mpera.
Nyakwubahwa, iki kibazo kizohera ryari ? Ku rubuga rwacu twari twerekanye ko ahubwo bimwe mu bihugu vyo mu karere ka EAC vyagabanije igiciro c’ibitoro, kuko kw’isoko mpuzamakungu cari cagabanutse igiciro. I Burundi uko bimeze ntitwosaba ko igiciro c’igitoro kigabanuka, nyabuna twosaba ko kiboneka ku rugero rukwiye hama ibindi bikaza mu nyuma.
Nyakwubahwa, ingingo mumaze gufata ku bijanye n’igitoro ni nyinshi kandi turazikenguruka. Ariko none umugambi wo kwubaka ibikono bibika igitoro bishasha kandi n’ibisanzwe bihari biri gusa, uzohava ugira ico ufashije muri iki gihe ? Tugaruke ku ngingo zafashwe kuri ico kibazo ariko ntizatora umuti urama : mu misi iheze Reta murongoye yarafashe ingingo yo ku kuduza igiciro c’igitoro. Akarorero ni gitoro co mu bwoko bwa esanse, itariki 27 Nzero 2023 cavuye ku Fbu 2 400 kija ku Fbu 2 700. Ata mwaka uhaciye, itariki 28 Ndamukiza 2023 caciye kiva ku Fbu 2 700 kija ku Fbu 3 250. Ariko aho hose cagumye kimara umwanya muto kigaca gisubira kubura. Ntitwokwibagira n’ingingo zo guhindura abacinjiza mu gihugu n’izindi, zose tubona zitatoye umuti urama.
Ibidatahurutse si ivyo gusa. Ni kuki rimwerimwe habura esanse ariko amazutu akaguma aboneka kandi vyose biva mu mahanga ?
Guhindura umukenyuro ?
Nywakwubahwa, hari amashirahamwe mashasha amw’amwe yahawe uruhusha rwo kuzana igitoro mu Burundi, kubera hari ayandi yiketswe ko adakerebuka mu kuzana igitoro kandi aba yahawe amafaranga mvamakungu na Reta. Ariko none ko ayo mashirahamwe atashoboye gufasha mu gutorera umuti ikibazo c’igitoro mu Burundi, ubwo ntihageze ko muhindura umukenyuro ? Ariko canecane Abarundi bari bakwiye kumenya ido n’ido, ahari ipfundo ry’ikibazo c’igitoro. Kubera ko inyishu zakoreshejwe mu gutorera umuti urama ikibazo c’igitoro ataco zamaze kinini, tubasabe nyakwubahwa, mwe twatoye ngo muturongore, muhamagare abandi bahinga n’abahanuzi bashasha kugira babafashe gutora inyishu nshasha kandi zirama.
Nukuri mutugiriye neza kuba mwadushikiye imbere k’Umukuru w’Igihugu.Narabe agire ico abivuzeko kuko tugeze ahatemba twebwe twiyunguruza.🙏🙏
Kuvyukuri uburundi ngo nigihugu cifashe kandi gifise intumbero nyiza mumyaka irimbere oe k hari vyinshi bitameze neza mubona tutazotinda tuja gusega ayandi mahanga kandi twari twaravyanse?