article comment count is: 0

« Uko natakaje amasaha atandatu ku musi ntonze umurongo »

Abongereza bavuga ko umwanya ari amafaranga. Eka mbere ibihugu bimaze kubitahura, bakora hafi amasaha 24 kuri 24. Mu Burundi hoho, turacari kure nk’ukwezi, uravye umwanya dutakariza ku gutonda ku mirongo yibonekeza irya n’ino mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu. Aho ibihatakarira bikaba umuyoro nk’uko iyi ntahe ya Jean Marie* yaharuye amasaha akora n’ayo atakaza kubera ugutonda imirongo ivyerekana.

Ndi umudandaza, nkaba mba mu Gahahe, haruguru yo mu Carama. Kuva na kera, isaha cumi n’imwe z’agatondo ntizigera nkiri mu gitanda. Nakare uwushaka umuce acika ijoro. Mu gihe nahora nca mu misa y’agatondo mu Kinama, ngo nture Imana uyu musi mushasha inyongeye, ico gisabisho gisigaye kibera ku murongo w’imodoka zunguruza abantu. Imvo, ni uko uko ushika ku murongo w’imodoka zunguruza abantu utevye ariko uteba gushika ku mirimo.

Ku wa mbere itariki 18 Ndamukiza, isaha cumi na zibiri z’agatondo nari nshitse ku gituro. Kuri ico gituro, haraheze indwi yose mpagarara ikiringo c’isaha ndindiriye imodoka. Aho tuba tugeze isaha imwe y’agatondo. Kubera urusobekerane rw’imodoka mw’ibarabara rito ukuri aho, tutavuze ibinogo biri aho, iyo modoka ndayimaramwo isaha yose kugira nshike mu gisagara hagati, aho nsanzwe ndangurira imirimo. Aho tuba tugeze isaha zibiri.

Uyo musi  vyahuriranye n’uko ntegerezwa kuja kuriha nyene inzu muri banki. Kubera turihira muri posita, isaha indwi nari nugaye imangazini kugira nje gufungura. Aho sindi jenyene kuko abarundi turacahagarika akazi tugiye gufungura, ha gufungurira ku kibanza c’akazi. Nari nzi ko nsimbira kuri banki, nkagura n’umuyagankuba w’ukwezi kuri regideso, hama nce ngaruka kubandanya akazi.

Ihibambewe

 Isaha umunani niho nashika kuri banki. Kubera umurongo nahasanze, nahamaze isaha n’inusu ntonze kugira nshikirwe. Isaha icenda n’igice, naciye mbandaniriza kuri Regideso kugura umuyagankuba w’ukwezi. Ubona ko rya shirahamwe “payway” ryahora ridupfunyiriza urugendo n’umwanya ryahagaritswe, akari muri banki no ku bituro nagasanze no kuri Regideso. Nahatonze isaha yose. 

Erega nagiye mbona isaha cumi n’igice ngo ba. Nibutse umurongo wo ku gituro ku mugoroba, sinabaye ngisubira ku mirimo. Nabaye ngitambuka gato, nsanga umurongo w’abatonze ku gituro c’imodoka niwo wansanze ahondi. Narahagaze ndarambirwa. Nagiye gushikirwa ku modoka isaha imwe y’ijoro. Ni ukuvuga amasaha abiri n’igice yose ntonze ndindiriye. Kubera rwa rusobekerane rw’amamodoka mu mabarabara, nagiye gushika muhira isaha zibiri n’igice z’ijoro.

Kwirimbura

Naramaramaye kubera umusi wari uheze ataco mpereje iminwe. Kukaba nkako, mparuye, nasanze ku musi nakoze amasaha atanu gusa. Ayo nayo mu masaha mirongo ibiri n’ane ni make cane kugira umuntu yiteze imbere. Eka n’igihugu kirahahombera.

Hambavu y’ayo atanu nakoze, nasanze natakaje amasaha atandatu kubera ugutonda imirongo, n’imwe natakaje nja gufungura ha gufungurira ku kibanza. Aho simvuze amasaha yakwegutse kubera urusobekerane rw’imodoka utuma zitava aho ziri mw’ibarabara.

Ikibababje, iyo mirongo ntiri mu bituro canke mu ma banki gusa, kuko urayisanga aho bandandariza umuyagankuba, aho barihira amakori, aho baronderera impapuro zimwezimwe, eka no mu biro bimwebimwe bitakira abantu uko bitegerezwa.

None burya kuri uyu murindi w’ugukora amasaha atanu ku musi, rya terambere twizeye mwa wa mugambi w’igihugu 2018-2027 tuzowushikako koko ? Abaturongoye baratahura ko ugutakaza umwanya ari ukwongera ubukene mu bundi ? Hatagize igikorwa mu maguru masha, ca civugo ngo “umunwa wose uronke ico ufungura, umupfuko nawo uronke amafaranga” kirashobora kutubera indoto tuzohava tudashikako.

*: Izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion