article comment count is: 1

Burundi: tuzoronka iyarara ry’imiduga ishaje ryari ?

Mu gihugu cacu, hari ibibanza vyagenewe kwakira imyanda yakoreshejwe ahantandukanye mu mihana yacu, ndetse n’amashirahamwe abikora arahari. Ariko, hari imiduga ishaje, kugeza uyu musi ata na hamwe ku butaka bw’Uburundi hagenewe kuja ibisigarira vyayo. Maze, bigaragara ko ata wuvyitayeho; nk’uko womengo nta ngaruka bigira.

Uburundi buri mu bihugu bisanzwe bigura ku bwinshi imiduga yakoze, buyikuye  iyo mu bihugu vyateye imbere, maze igakoreshwa hano iwacu gushika ishaje; no kuhasangukira ikahasangukira. Ku mwaka ku mwaka, ziguma zongerekana.  

Mu mwaka wa 2014, haharurwa imiduga yababa hafi 96.000. Mu mwaka wa 2016 na ho, hagurishijwe impalati ku miduga igera ku 13 612 nk’uko tubisanga mu cegeranyo ca OBR c’uwo mwaka.

Zishaje 

Uciye mu mabarabara amwe amwe y’ igisagara ca Bujumbura, na canecane muri karatiye ya Buyenzi, ari ho hanagwiriye kurusha amasanuriro y’imiduga, usanga ku mpande z’ayo mabarabara hari imiduga itagikora, imwe ihagaze ku mabuye iyindi amapine yaratobaguritse, barayirokoyemwo ivyuma bimwebimwe, isigaye ari nk’ibikankara.

No mu yandi makaritiye, eka mbere no mu bigo bitandukanye vya Reta canke mbere n’ivy’abikorera utwabo, bene iyo miduga itagikora urayisangayo. Usanga bayisize mu bibanza vyagenewe guhagarikwamwo imiduga y’abakozi canke ingenzi zigendera ivyo bigo, canke bakaraba ahandi muri ico kigo nyene bayishira. 

Ikigaragara, ni uko ata ndinganizo n’imwe ihari yerekana urutonde rugomba kugenga ikibanza kigizwe iyarara ry’imiduga, haba mu mategeko canke mu ngendo y’Abarundi ya misi yose. Haba abajejwe intwaro canke bene kuba hafi y’ayo “mayarara”, nta n’umwe avyitayeho. Nk’uko womengo nta nkurikizi vyogira.

Ingaruka mbi

Emmanuel Niyoyabikoze, arongoye ishirahamwe Greening Burundi, ryitaho ibidukikije agira ati : “Bimwe mu bikoresho bigize imodoka, harimwo ibishobora kwonona isi ndimwa, amazi n’ikerere, mu gihe biri aho bitategerezwa kuba biri. Si n’ivyo gusa ; iyo miduga, myinshi muri yo usanga yaramezemwo ivyatsi, iyindi iretsemwo ibiziba; ibiheza bigafasha imibu kurondoka. Malariya na yo ikaba ironse aho imenera.”

Ingaruka mbi ntizigarukira aho. Iyo miduga usanga yasangukiye hampande y’ amabarabara ituma abamwo umwaga. Ibiheza bikaba intandaro y’umutekano muke w’uruja n’uruza. Ivyo vyose biranakora no kw’ isanamu y’igihugu itwarwa na ba mukerarugendo baca muri ivyo bice bitandukanye vy’igisagara.

Nimba hatarengeranye, harageze ko igisata kijejwe gusukura ibisagara cofata mu ntoke ico kibazo kitigera kivugwa na rimwe, kandi kibangamiye ubuzima bwacu mu vyo tutazi. Uko imiduga iguma igwira, hari hakwiye kuba amategeko agenga ishingurwa ryayo mu gihe ishaje. Reta ikwiye gushiraho indinganizo yotuma iyo miduga itagikora ihingurwamwo ibindi bikoresho vya nkenerwa mu buzima bwa misi yose.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Ico kibazo si ico ibisigarira vy’imiduga gusa. N’ibindi: amateleviziyo, amaradiyo, ama piles yaheze, amaterefone, ama ordinatere, ama frigo… Ndangira ivyo iyo babita! Iyo umuntu yibajije ko bapfa aho babijugunye haba mw’ishamba, mu kuzimu canke mu mazi, umutima kweri uradororonga.