Mu gihe abantu banshi, na cane cane abakiri bato, usanga bakoresha umwanya wabo uko bishakiye maze imigambi yabo myinshi ikabapfana, Laude Complis Iradukunda asanga akenshi biva ku ndinganizo mbi ya bamwe n’abandi. Niho ahera agatanga impanuro z’uko twotunganya ibikorwa vyacu […]
Inyigisho
Duteze imbere abavuza imiti y’ikirundi
Mu Burundi, mu gihe abatari bake bacitiranya abavuzi bakoresha imiti y’ikirundi hamwe n’abapfumu mbere ugasanga bamwe barabigiriyemwo n’ingorane, Renovat Ndikumwenayo aratubwira ko abo bavuza imiti y’ikirundi atari abapfumu canke abafyitirizi bakunze guhenda abantu ngo baravura indwara z’ikirundi. Muri abo bavuza […]
Ni gute twokoresha neza terefone zacu?
Muri kino gihe ubuhinga bwa none bubandanya gutera imbere, ikoreshwa ry’amaterefone ngendanwa agezweho ni kimwe mu kurondera amakuru aca ku mbuga ngurukanabumenyi. Prosper Niyonkuru aratumenyesha ko, naho izo terefone zidufasha vyinshi ariko dukwiye kwigerera umwanya tuzikoresha ku neza yacu.
Dukunde kandi duteze imbere ururimi rwacu
Abarundi barayamaze ngo “Uwutaye akaranga aba ataye ibanga”. N’iyo uhevye ururimi kavukire ntaho biba bitandukaniye no guta akaranga. Prosper Niyonkuru aratuyagira uko abarundi atari bake bifata mu kuvuga ikirundi ugereranije n’izindi ndimi.
Inkurikizi z’ukutumvira muganga
Mu gihe abantu benshi bivuriza kwa muganga bakira indwara nka zose baba barwaye, hariho abo bitagendera gutyo. Muti mbega kugira umuntu asubire kurwara ata minsi ihaciye avuye kwivuza vyoba biva kuki? Spageon Ngabo, nk’umunyeshure ariko aritegurira ibanga ryo kuvura, araducira […]
Twitwararike aho tubaye ku neza yacu!
Abatari bake barazi ko gukingira ibidukikije biri n’akamaro kanini mu buzima bw’abantu, mu mibereho yabo ya minsi yose. Oscar Niyonkuru arabishimangira mu guhamagarira abarundi gukingira ibidukikije kugira ngo twirinde impanuka.
Abanyeshure bo muri INSP bazotunganirizwa ryari?
Haraciye ikiringo kirenga umwaka abanyeshure biga muri kaminuza y’ubuvuzi INSP batswe uburenganzira bwo kwivuza bakoresheje ikarata yokwivurizako itangwa n’ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba leta Mutuelle. Iryo shirahamwe rero ngo ryoba ryafashe iyo ngingo kuko iryo shure ririheraniye amafranga ashika ku […]
Ni muze twigishwe na kahise !
Mu gihe igihugu c’Uburundi kimaze ikiringo kirenga umwaka kiri mu ngorane za politike mbere zanakweze umutekano muke mu gihugu, Oscar Niyonkuru araserura ivyiyumviro vyiwe akagirako atanga n’inzira yibaza ko yogarukana amahoro n’umutekano mu gihugu.
Mbega abarundi dupfa iki?
Yihweje amagume igihugu c’Uburundi cagiye kiracamwo, akagaruka no kuyo kimazemwo iminsi, Prosper Niyonkuru aribaza igituma abarundi bamarana kandi bose ari abavukanyi maze agatanga n’impanuro yofasha mu kugendera iragi ry’abasokuru.