Mu gihe igihugu c’Uburundi kimaze ikiringo kirenga umwaka kiri mu ngorane za politike mbere zanakweze umutekano muke mu gihugu, Oscar Niyonkuru araserura ivyiyumviro vyiwe akagirako atanga n’inzira yibaza ko yogarukana amahoro n’umutekano mu gihugu.
Umwaka uraheze Uburundi buri mu ndyane za politike, vyose bikaba vyatanguye aho umukuru w’igihugu amenyeshereje ko azokwitoza ngo asubire kurongora igihugu. Bukeye kabiri abatavuga rumwe na Leta bihereza amabarabara. Kuva ico gihe gushika uyu munsi, Uburundi buri mu ngorane za politike n’umutekano. Nta munsi wijana umuntu atumvise abishwe, abanyurujwe canke abapfunzwe. Mu ntumbero yo gutora umuti w’ikibazo c’Uburundi, Leta yaratunganije ibiganiro bikaba vyabereye mu ntara zose z’igihugu. Icibonekeje n’uko abatavuga rumwe na Leta batigeze bavyitaba . Hambavu y’ivyo, abatavuga rumwe na Leta bahurikiye mu runani CNARED ntibasiba kumenyesha ko atawundi muti w’ikibazo c’Uburundi atari ibiganiro bihurikiyemwo bose, bikabera hanze y’igihugu. Inyishu Leta y’Uburundi yama ari imwe : «Ntituzokwigera tuganira n’abashatse gutembagaza ubutegetsi».
Turavye ivyo vyose umuntu yokwibaza niba umugwi ujejwe ibiganiro washinzwe na Leta uzoshobora koko guhuza abarundi bagasubira kuba umwe. Umutama umwe nasanze ariko yumviriza amakuru ndamubaza nti : « Mbega mutama ibiganiro bihuza abarundi ubizi ko iki ? », yanyishuye ati : « Reka reka jewe ivyo ndavyumva ku maradiyo, sinzi n’iyo bibera ». Ndamusubiriye nti :« None umuti wotangwa kugira Uburundi buve muri izi ngorane za politike ni uwuhe ? », yansubije atwenga ngo « nibagende baganire bahuza abo banyepolitike nibo bazi ivyo bapfa nayo twebwe twikenereye amahoro gusa ».
Icigwa twokura muri kahise k’Uburundi
Uburundi si iryambere buhuye n’ingorane nk’izo turimwo muri kino gihe. Aha umuntu yovuga indyane Uburundi bwagiyemwo kuva mu mwaka w’1993 gushika mu mwaka w’2010. Umuti watowe ico gihe, n’ubu urashoboka. Ntawutazi ko ibiganiro vy’i Arusha arivyo vyashikanye Uburundi kumahoro. Imbere y’uko biba, Leta y’ico gihe ntiyerekwa kuganira n’abo batavuga rumwe aho yabagiriza ngo bakoze ihonyabwoko. Imaze kuremerwa n’amakungu, Leta yari ihari muri ico gihe yaraganiriye n’abo batavuga rumwe umuti uratorwa abarundi bararonka amahoro. Kuva ico gihe Uburundi bwaciye umutekano kuko Leta yashoboye kwicara hamwe n’abayigwanya bagatora inyishu y’ibibatandukanya.
Icokorwa kugira ibintu bije mu buryo
Abakera barayamaze ngo ibigiye inama bigira Imana. Nta muntu n’umwe yotora umuti w’ibibazo vy’Uburundi abicishije mu ngwano. Ingwano yica vyinshi igakiza bike. Ku bwanje, mbona ko hotegurwa ibindi biganiro kugirango ibintu bisubizwe mu buryo hakiri kare. Ivyo navyo vyotumirwamwo na cane cane abanyepolitike kuko ni nabo bafise ivyo badahurizako. Bokwumvikana aho vyobera ku buryo atawitwaza ko afise umutekano muke. Bikenewe ko bibera hanze, Leta ikorosha ibintu ikavyemera. Nayo kuvuga ko atakuganira nabashatse guhirika ubutegetsi, hariho abazwi neza ko bavyiyemereye. Abo rero bokurwamwo kugira ntibabere intambamyi abandi. Abikekwa ko bari kumwe nabo, ivyo ntivyofatirwako kuko igihe umuntu wese aba ataragira icaha, afatwa nk’umwere. Nk’uko ingorane turimwo zavuye kuri politike, zikwiye guhezwa n’abanyepolitike nyene bo bazi ivyo bapfa. Abanyepolitike barakwiye kureka kugira ikiraro abanyagihugu kuko bobo ico bakeneye ni amahoro hanyuma bakikorera ivyabo bagatera imbere. Ivyo nivyakorwa ntankeka uburundi buzoshika ku mahoro arama umuntu wese akore utwiwe hama iterambere riheze rishware igihugu cose.
Kahise gategura akazoza ,nico gituma tutari dukwiye kukirengagiza kandi kuva kera na rindi igihugu camye kigirwa n,abagabo .