Yihweje amagume igihugu c’Uburundi cagiye kiracamwo, akagaruka no kuyo kimazemwo iminsi, Prosper Niyonkuru aribaza igituma abarundi bamarana kandi bose ari abavukanyi maze agatanga n’impanuro yofasha mu kugendera iragi ry’abasokuru.
Abarundi benshi basanzwe bemera Imana, kanatsinda baremera ko ari nayo yabaremye. Barazi ko umuntu ari ikiremwa c’agaciro ntangere kuko ariwe yaremanywe umutima runtu maze agashobora gutandukanya ikibi n’iciza. Ico kikaba ari naco kimutandukanya n’ibindi bikoko. Kubera uwo mutimanama yahawe, biratuma ataco yokora adahanuje umutima wiwe. Ubwo buntu rero ahanini bushingiye ku ngeso nziza, izo nazo zikaba zubakiye ku rukundo. Naho muri ino minsi tuzisanga mubitabu vyeranda, abarundi ntibarinze kurindira umuzo w’abazungu ngo bazibigishe. Bari basanzwe bagendera ubuntu mu bikorwa vya minsi yose. Barasangira akabisi n’agahiye. Urwanko, ishari n’inzigo nta kibanza vyari bifise mu mitima y’ abarundi. Ku bw’ivyo, nta muntu yubahuka kurya urwara mugenzi we. Bishitse naho kagacamwo bakagira ico bapfa, naho ryaba ikosa rikomeye, nta n’umwe yihanira. Abashingantahe nico bari bahabereye. Baca babumvikanisha kuko baca n’umugani ngo « ahari abagabo ntihagwa ibara. » Icitwa kwica cari umuziro uzirwa. Abarundi bo hambere bari akarorero mu mico n’imigenzo myiza.
Ibibazo vyinshi bigoye gutorera inyishu
Ubu rero aho ibintu bigeze, sinovuga ngo amazi yaramaze kurenga inkombe ariko birateye agahinda. Haraciye igihe kitari gito igihugu cacu cinjiye mu ngorane z’umutekano muke. Ariko ikibabaje gusumba n’uko ata munsi wijana ata muntu apfuye. Kwica bisigaye ari nk’ubuhizi.Umuntu nta gaciro kamukwiriye tukimuha. Ivyo bituma nibaza ibibazo vyinshi: Mbega vyoba biva kuki? Mbega abarundi twoba dupfa iki cotuma tumarana? Mbega twoba dupfa ubutunzi? Canke bwoba ari ubukene? Nimba ari ubutunzi vyoba bisiguriki? Ari ubukene naho woba ariwo muti? Ibibazo ni vyinshi kandi umurundi wese arakwiye kuvyibaza. Naho ata nyishu yavyo mfise, ndibaza ko ubu bwicanyi burenze butumwa n’uko rwa rukundo rwaranga ba sokuru rwaheze mu bantu. Abarundi tuvuga ngo: “uwutaye akaranga aba ataye ibanga. » Ubu mbere novuga ko dusigaye turutwa n’inyamaswa. Nk’uko tubizi, ntagikoko na kimwe cica ikindi mugihe biba bisangiye ubwoko. Cica ico bidasangiye ubwoko ariko kiba gishaka kwivuna inzara. None muntu nawe yokwica mugenzi we ngo yunguke iki? Ko naho boba bapfa amatungo bigoye ko aca ayashikira ngo n’uko nyeneyo apfuye.
Ingendo ibereye abarundi
Muri make, aha mu gihugu cacu nta kintu na kimwe cotuma twicana kuko kwica atariyo nyishu y’ibibazo. Igikenewe n’uko abafise ivyo bapfa bokwicarana bakaganira na kare bavuga ngo « inama isumba ingimba. » Abarundi ntaco twari tubuze. Ari ukuganira canke gusubiza hamwe vyose turavyishoboreye kiretse dushatse kwigira ba ntahomfatwa. Nta munyamahanga yari akwiye kutubwiriza ico twokora kuko dusa n’abarondera umuhoro uri mu kwaha. Hamwe twokwisubirako tukagarukana akenge runtu, tukagendera ya mico myiza yaranga abo hambere, nta nkeka twokwisubizako agateka. Tugarukane wa mutima w’urukundo waranga ba sokuru. Abarundi twese turi bamwe kubw’ivyo nta nyagupfa arimwo.Umuntu wese agifise iyo ngeso mbi y’ubwicanyi amenye ko ata nyungu iri mu gusesa amaraso.Turyoherwe no gusesekaza umwimbu hagusesa amaraso ya benewacu.