Haraciye ikiringo kirenga umwaka abanyeshure biga muri kaminuza y’ubuvuzi INSP batswe uburenganzira bwo kwivuza bakoresheje ikarata yokwivurizako itangwa n’ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba leta Mutuelle. Iryo shirahamwe rero ngo ryoba ryafashe iyo ngingo kuko iryo shure ririheraniye amafranga ashika ku miriyoni 56. Jean Désiré Nduwayo aribaza niba abo banyeshure bazobandanya gutanga intererano batavurwa.
Umwaka n’amezi biraheze abanyeshure biga muri kaminuza y’ubuvuzi INSP batakaje uburenganzira bwo kwivuza bakoresheje ikarata ya Mutuelle, ishirahamwe risanzwe rivuza abakozi ba Leta. Iryo shirahamwe rikaba ryabatse ubwo burenganzira inyuma yaho ngo iyo kaminuza risanze imaze kuriheranira amafranga menshi. Aho rero ngo ingingo yo kutavuza abo banyeshure yoba yari yafashe n’abakozi b’iyo kaminuza ariko ngo hoba harabaye umwumvikano hagati y’ubuyobozi bwa INSP n’ubwa Mutuelle kugira ngo iyo ngingo ntibandanye ifata abakozi kuko bahagaritse akazi hopfa vyinshi. Ariko rero n’ubwo biri uko, mwomenyako abo bakozi aribo batararihirwa amafranga menshi. Mbere ngo ashika ku miriyoni amajana ane na mirongo itandatu (460 000 000FBU). Izo ngorane ngo zoba zatanguye gushika kuva mu mwaka w’i 2012, aho abanyeshure basaba ko bohora baterera amafaranga 1 400 nk’abandi banyeshure, kuko bo bari basanzwe baterera amafaranga 3 500. Ivyo rero vyasabako ubuyobozi bwa INSP buca buza burariha ayo mafaranga 2 100 yaca abura. Ariko rero ntivyigeze bikorwa ari naco gituma kuva mu mwaka w’2015 ata munyeshure n’umwe Mutuelle yasubiye guha ikarata nshasha eka no gushirira ikidodo ku bazisanganwe.
Ico abo vyega babivugako
Ubuyobozi bwa Mutuelle bwo buvuga ko, mu gihe INSP itarishe ivyo birarane canke ngo yiyemeze ko izoza irariha make make mu kiringo runaka, iryo shirahamwe ritazosubira kuvuza abo banyeshure. Ubuyobozi bwa INSP, inyishu buguma buha abanyeshure ni yayindi : « Turiko turavugana n’abarongoye Mutuelle, mu minsi mike ikibazo canyu kizotorerwa umuti ». N’ubwo mwumva abo barongozi bavuga uko, mwomenya ko abarongoye Mutuelle babwiye abaserukira abanyeshure ko atabiganiro biriko biraba hagati y’ubwo buyobozi bubiri.
Aho abanyeshure bahagaze n’icokorwa
Umunyeshure twaganiriye mu baserukira abandi yambwiye ko batarota babandanya bemera ako karenganyo. Abandanya avuga ko hamwe atanyishu itomoye boronka, bashobora no guhagarika ivyigwa. Igitangaje n’uko hariho abanyeshure bageze mu mwaka wa kabiri, bagumye baterera amafaranga 1 400 buri kwezi ariko gushika uyu munsi ata karata ya Mutuelle barakubita ijisho. Ikindi naco n’uko kuva aho abari bafise amakarata bakiwe uburenganzira bwo kwivuza mu mpera z’umwaka w’2015, bakabandanya bakwa amafaranga ariko ngo yoba atigeze ashika muri Mutuelle. None ayo mahera yoba ajahe?
Abayobozi ab’aribo bose barakwiye kuza barafata neza abo bajejwe mu kubatunganiriza muvyo bafitiye uburenganzira kuko abo bajejwe nabo aho bukera bazoba bajejwe abandi muri bene ayo mabanga. Gutyo vyobabera akaryo ko kwiga kwitwararika abo umuyobozi ajejwe.