Iyo umwana akoze ikosa, usanga abavyeyi batari bake bikora ku nkoni kugira bamuhane. Hari n’abarenza urugero, ugasanga basinzikaje abana babo. Chancelle Bamuhaye aratubwira inkuru y’umwana yaturiwe ukuboko n’umuvyeyi wiwe, akanatwereka uburyo bwiza bwo guhana umwana.
Indero
Ababeshi bari kune bari gutanu !
Mu buzima bwa minsi yose, abantu barakeneranira. Rimwe na rimwe, abantu barakenera kumenya agakuru k’aho boshobora kuronka iki canke kiriya, eka bamwe bakipfuza n’ukumenya ukwo bokwifata muri ibi canke biriya. Ariko rero, si iminsi yose ukunda gusanga abatanze inkuru ari […]
Ukwubahana vyoba bigifise agaciro ?
Iyo umuntu yihweje ukwo abantu bigenza muri bino bihe, hari vyinshi bitangaje. Imico n’imigenzo bimwe bimwe bigenda biratituka ukwo imyaka ihera. Haragera igihe umuntu yibaza niba imico imwe imwe igifise agaciro nka kera. Prosper Niyonkuru niwe yibaza niba ukwubahana vyoba […]
Guhanisha umwana inkoni vyoba bikwiye ?
Abantu batari bake barazazanirwa mw’ibanga ryabo ryo kurera abana babo. Bamwe bakagira impuwe z’ubuvyeyi ugasanga baratinye gukosora umwana wabo yacumuye maze ugasanga umwana akuze ameze nk’uwuzi ko vyose abirekuriwe. Oscar Niyonkuru asanga guhanisha umwana inkoni bikwiye, mu gihe hatagiyemwo indenzarugero, […]
Umugirwa wo guhamba ubukumi
Abantu batari bake basanzwe bamenyereye umugirwa wo guhamba ubusore ukunze gukorwa n’abahungu buca barongora. Ariko rero, ku rundi ruhande, hari n’umugirwa wo guhamba ubukumi utunganywa n’umwigeme buca aja mu Burundi. Uwo mugirwa rero, naho utagikorwa neza nk’ukwo watunganywa aho hambere […]
Indero ndundi mu bisagara
Indero y’abana ni ngirakamaro mu buzima bw’ingo, imiryango n’imibano, eka n’igihugu muri rusangi. Ariko rero, ukwo iterambere ribandanya kwiyongera, nikwo n’ibishobora kubangamira indero vyiyongera. Spageon Ngabo araducira ku mayange impungenge afise yihweje ukwo indero ndundi yi fashe mu bisagara vya […]
Ico kutabana neza mu muryango biturukako
Hirya no hino aho umwe wese aherereye, turakunze kubona ingo zitubatse neza. Ugasanga mu muryango nta mwumvikano uhari, eka mbere ugasanga zimwe zimwe birashitse zikanasambuka. Ivyo vyose rero biba bifise ico biturukako nk’ukwo Vincianne Nizigiyimana abituyagira.
Kwambara imiringa ku maguru mu Burundi
Abarundi batari bake baramaze kubona abigeme n’abapfasoni bambaye imiringa canke utuyeye ku maguru. Uwo mugirwa biravugwa ko wamyeho mu Burundi, aho n’abakera bambara inyerere ku maguru. Ariko rero, muri kino gihe, abantu ntibabibona kumwe kuko hariho ababiha iyindi nsiguro ugasanga, […]
Inkomoko ya « kira ngeni » no « kugwa mu gahundwe »
Mu mvugo ya minsi yose, hari amajambo canke imvugo zigoye gutahura. Ni naho hahera kuvuga ururimi nabi, maze ugasanga abantu bamwe bamwe ntibariko bavuga ibintu ukwo vyategerezwa. Akarorero ni nko ku bantu bavuga ngo « gira ngeni » aho kuvuga « kira ngeni ». […]