Ugishinga umuryango n’ibanga rikomeye, haba ku muhungu canke ku mwigeme. Kera, iryo banga ryaritonderwa, rigategurwa umwanya ukwiye. Aho rero niho umuhungu yitora akaresha umukobwa hanyuma bagapfundika kwubakana. Ariko rero, ubugenzi bwo mu bihe vya none busigaye butangaje kuko, haba mu […]
Indero
Ico twomenya ku bagendana ubumuga bwo kutavuga
Aha mu Burundi, abantu batari bake biyumvira ko umwana avukanye ubumuga bwo kutavuga aba abaye igihombo ku muryango wiwe. Ivyo bavyibaza kuko, akenshi, mu gihugu hagati, bene abo bana bakurira muhira maze ntibashobore gushirwa mu mashure nk’abandi hanyuma ntihagire ico […]
Abarondera inyungu zabo mu marerero y’impfuvyi
Turamenyereye kubona amarerero y’impfuvyi, haba ngaha mu Burundi canke no mu bindi bihugu. Ico gikorwa ciza co kwitwararika abana babuze abavyeyi bakiri bato hariho abamaze gutangura kukibona nk’inzira yo kurondera inyungu zabo. Chancelle Bamuhaye araducira ku mayange ivyashitse mu ntara […]
Abakobwa boshobora ibikorwa vy’abahungu ?
Dusanzwe tuzi ko mu Burundi bw’aho hambere hahise, abahungu n’abakobwa batari basangiye ibikorwa mu buzima bwa minsi yose. Umukobwa yari afise ibikorwa vyamugenewe mu muryango, eka n’umuhungu nyene yari afise ivyo ajewe. Ariko rero, ukwo imyaka ihera, ibintu biguma bihinduka […]
Ni kuki kizira ko umwigeme avuza ingoma ?
Mu mico y’Abarundi, kirazira kikaziririzwa ko umwigeme avuza ingoma. Mbega vyoba bituruka ku karenganyo kagirirwa abana b’abigeme mu guha ububasha burenze abahungu ? Egide Nikiza aratuyagira ivyo yatohoje kuri iyo nyifato.
Amakuba yo gukwiza imyaka 30 utarubaka mu Burundi
Mu Burundi, abavyeyi hamwe n’umuryango barahimbarwa iyo bungutse ikibondo, bakamutunga, bakamushira mw’ishure eka mbere bakanamukunda uko bikwiye. Ariko rero, ivyo hariho imyaka bitarenza… Elodie Muco aratuyagira ingorane abakwije imyaka 30 bakibana n’abavyeyi bagira.
Kaminuza y’akarorero mu Burundi
Igihugu c’Uburundi kibandanya guhinyanyura ibijanye n’inyigisho mu mashure, uhereye kuri mato mato gushika no muri za kaminuza, ubushikiranganji bubijejwe bwaraye butanguje umugambi w’ishure ry’akarorero mu gihugu. Caritas Ninziza abona ko ukwo kuryohora akanovera k’inyigisho n’indero muri rusangi vyari bikwiye gushika […]
Ubusugi n’itunga rigoye kubungabunga !
Mu Burundi bw’aho hambere, umuntu yategerezwa kwihanganira kurangura amabanga y’abubatse gushika yubatse urwiwe. Abakobwa bategerezwa kugumya ubusugi bwabo gushika bagiye kwubaka. Kwihangana ukagumya ubusugi cari icemeza indero ibushitse. Bella Nininahazwe aratuyagira ivyo yaganiriye na bamwe mu bagenzi biwe kuri iyo […]
Ugukundisha igihugu urwaruka
Igihe c’uburuhuko cama kirangwa n’ibikorwa bitandukanye ku banyeshure bari i muhira iwabo. Uwu mwaka, ugukundisha igihugu ku rwaruka vyaciye mu bikorwa vy’iterambere ry’amakomine agize igihugu. Chancelle Bamuhaye aratuyagira uko bamwe n’abandi bavyakiriye.