Iyo umwana akoze ikosa, usanga abavyeyi batari bake bikora ku nkoni kugira bamuhane. Hari n’abarenza urugero, ugasanga basinzikaje abana babo. Chancelle Bamuhaye aratubwira inkuru y’umwana yaturiwe ukuboko n’umuvyeyi wiwe, akanatwereka uburyo bwiza bwo guhana umwana.
Ba sokuru barayamaze bati « igiti kigororwa kikiri gito », kandi ngo « ureka kugarura impene ikiri hafi, yamara kurenga imirambi ukabira nkayo ». Iyo umwana akoze ikosa, ni vyiza ko umuvyeyi wiwe canke uwumwegereye wese yomuhanura, bibaye ngombwa akanamuhana.
Ariko, har’igihe vyibonekeza k’uwuhana yarengeje urugero, bino navyo bigaheza bikagira ingaruka mbi ku mibereho canke kuri kazoza k’umwana. Ubuheruka, uwitwa Oscar Niyonkuru abicishije kuri runo rubuga, yarashigikiye ko uguhanisha inkoni umwana bigumaho, ariko yariyamirije abimonogoza kugeza aho umwana avunika canke agakomereka.
Akarorero k’uwaturiye ukuboko kw’umwana
Mu misi iheze, twariko dutunganya ikiganiro impore iwacu c’isihirahamwe Search for comon ground ; uyo musi twari twaramutse tuyaga n’abana ku bijanye n’ingorane bahura mu gihe co guhabwa indero n’abavyeyi. Niho nabona umwe muri bo, biboneka ko ariko aragera mu myaka y’ubuyabaga, ariko uyu akaba abuze intoke ku kiganza kimwe. Ngize ndamubaza ingorane abana bagira mu gihe co guhabwa indero, yambwiye ati : « Aha jewe ubona, igihe nari mu myaka icenda, niho naciwe zino ntoke ubona ntafise. Vyose vyaturutse ku gihano nahawe na muka data. Uyo musi bari batetse inyama muhira, hanyuma nanje ndapfundurura inkono ndiha imwe. Niho twaca duhura n’uwo muvyeyi ndayifise mu ntoke. Yarankubise arangotsa, atako afata ukuboko kwanje, akwotsa mu ziko ngo niho ntazosubira. Ababanyi nibo banjanye kwa muganga, hama basanga nahiye cane kugeza aho vyoba vyiza banciye izo ntoke ».
Ku kibazo kijanye n’ingaruka ivyo vyahejeje bikamugirako, yambwiye ati : « Kuva ico gihe ndumva nanka cane abantu b’igitsina gore bose ; mbona ko bari inkozi z’ikibi gusa. Icibagiwe co n’ukwiyumvira ko bishoboka ko norongora. Bihora bishika nkumva nkwiye kwiyahura iyo nihweje kino kiganza kitagira intoke ».
Muti none uburyo bwiza bw’uguhana umwana n’ubuhe ?
Biragaragara k’uyo muvyeyi wo mw’ako karorero yatanze igihano kirengeye ikosa ry’umwana. Ariko kandi, umuntu yokwibaza intumbero yar’afise mu gutanga mwe n’ico gihano. Mbega yoba yari agamije guhindura ingeso y’umwana yo gukorakoza ? Nta bundi buryo yari gukoresha bwofashije umwana muri kazoza ?
Naregereye uwurongoye ishirahamwe SOJEPAE ryitaho agateka k’abana, niwe yambwiye ati : « Mbe ! Mwari muzi ko kuraba igitsure umwana canke kumukankamira vyonyene bikwiye kugira atahure kw’ivyo yakoze atari vyiza ? »
Iyo rero umwana yakoze ikosa, umuvyeyi aba akwiye kwibaza nimba koko igihano agiye kumuha gikwiranye n’ikosa yakoze, ndetse akiyumvira nimba koko ico gihano gishobora gukosora ingeso y’umwana aho kumusinzikaza, kuko ivyo biheza bikarema agatima tare mu mwana, canke bikamukuramwo ivyizigiro vya kazoza. Na kare ngo « inkoni ishikira igufa ntishikira ingeso ».