Abarundi batari bake baramaze kubona abigeme n’abapfasoni bambaye imiringa canke utuyeye ku maguru. Uwo mugirwa biravugwa ko wamyeho mu Burundi, aho n’abakera bambara inyerere ku maguru. Ariko rero, muri kino gihe, abantu ntibabibona kumwe kuko hariho ababiha iyindi nsiguro ugasanga, nko mu bisagara hoho, hariho ababibona nk’ikimenyetso c’ubushirasoni nk’ukwo Bella Nininahazwe abituyagira.
Kuva kera na rindi, mu mico y’ikirundi, ugushaza vyamyeho. Abigeme bageze mu bigero n’abapfasoni, barambara imiringa, ibihete, ibirezi, inyerere, n’ibindi. Muri ino minsi, uwo muco usa n’uwasubiye kwijukirwa cane ariko ukaba utabonwa kumwe na bose. Aha twovuga nko kwambara ibidede vyinshi mw’izosi no ku maboko canke kwambara utuyeye, imiringa canke ibindi ku maguru.
Ukwo kwambara imiringa ku maguru bibonwa
Mu minsi iheze, hari umuryango nagiye kuramukanyamwo nsanga umwigeme n’umuvyeyi wiwe bariko barashwana bapfa kwambara ubuyeye ku maguru. Uwo mukobwa yagerageza gutahuza umuvyeyi wiwe ko abwambara nka kurya abwambara ku maboko mu ntumbero yo gushaza. Ariko umuvyeyi we siko yabitahura. Mu majambo akaze yamubwiye ati: « Ndakwihanije kandi nimba uzi ko ndi umuvyeyi wawe, ugitaha mu nzu iwanje, sinze nsubire kubona wambaye ivyo bintu vy’inshirasoni ». Uwo mwigeme yaciye anuma ariko umuravye neza ishavu ryaraniga. Yasa n’uwunumye kubw’icubahiro aha umuvyeyi, ariko umengo arajaniranywe. Eka mbere, ndamubajije munyuma, yambwiyeko azobandanya atwambara yinyegeje.
Naripfuje kumenya ukwo abandi bavyeyi, ndetse n’urwaruka, babibona. Nasanze bafise ivyiyumviro bitandukanye kuri uwo muco. Bamwe babibona nk’ukwo ari ugushaza bisanzwe, abandi bakabibona nk’ukurenza urugero. Hari n’abandi mbere babibona nk’ukwo ari ukwigana abazungu no gutituka kw’imico y’ikirundi. Ivyo vyatumye ngira amakenga kuvyo nari narigeze kwumva kubijanye n’imiringa yo ku maguru mugisomwa co mu mashure matoyi.
Abakurambere babivugako iki ?
Numvise mfise amakenga nca negera nyogokuru ndamubaza kuri ivyo vyo kwambara utwo tuyeye ku maguru. Yanyishuye ati: « Imiringa yo ku maguru, twarayambara cane nyene. Tugiye kurima twayifukisha igitambara kugirango tuyirinde gucafura. Tuvuye kurima twarayogesha utwatsi, tukayinyukura kugira ngo igume ica ibibatsi ». Ndamubajije ko bitabonwa nabi mu kibano yanyishuye ati : « Haba namba mwana ! Kera twarashaza, nkaha nka wewe ntuba uriko uragenda izosi riri gusa nk’ukwo. Uba wambara utuyeye n’imiringa ku maboko no ku maguru hose ukakaka ». Sinagarukirije aho, nararavye no mu bitabo vyanditswe ku mico n’imigenzo y’ikirundi. Uwo mugirwa wo kwambara imiringa ku maguru si uwuje vuba n’uwa kera.
None vyoba ari bibi kwambara imiringa ku maguru?
Ku bwanje, kwambara imiringa canke utuyeye ku maguru mbona ari ugushaza bisanzwe. Si ivyadutse ubu, vyamyeho kuva na kera. Ubajije abakurambere canke ugasesangura mu vya kera, usanga uwo muco atari mushasha. Abavyeyi bamwe bamwe babifata nk’ukwo uwambaye iyo miringa aba ari ikirara, inshirasoni canke ibindi nk’ukwo tuvyumva mu kibano ca minsi yose. Ariko abo bavyeyi bomenya ko vyamyeho. Ku bibaza ko woba ari umuco w’abazungu woba uriko uzanwa n’ikizungu, sivyo namba. Uwo muco wo kwambara imiringa, ibidede, utuyeye n’ibindi wamyeho. Ndetse no kwambara vyinshi baravyambaririra rimwe naho uwumvyambaye ubu bamuraba nk’agahabwa. Ku bavyeyi batabikunda, n’uburenganzira bwabo, ariko bobibuza abana babo mu rupfasoni. Hoja imbere ikiyago aho kubakarira cane kuko ataco baheza ngo bashikeko uretse kwinyegezanya.
Ku bwanje kuvyambara ubwavyo nta co bitwaye,igituma umuntu avyambara ni co nyamukuru.Ko umwigeme ategerezwa kwambara akaberwa ni ibisanzwe.Mugabo kuba vyarakorwa kera si impamvu ikwiye kugira na n’ubu bibe vyokorwa.None nyene kubera iki uwuvyambaye ubu bamuraba nk’agahabwa???
Nimba abababonwa bavyambaye bituma biyumvirwa uko batari,vyiza bobireka n’akare umuntu ntiyiyambarira yambarira abandi(On s’habille avant tout pour les autres)!!!
Ivy’abavyeyi bahambara na vyo,njw numva ata kundi vyogenda kubera atari umwana yotegerejwe kubwira umuvyeyi ngo ndera uku canke kuriya!Nta na kimwe umuvyeyi yobuza umwana wiwe atari ukwo abona inkurikizi mbi zaco@
Urakoze Bucindika ku ntererano yawe!Wewe mbona umengo tuvyumva kumwe kuko watanguye uti ntaco bitwaye.Igituma umuntu avyambara naco ntushoka ukimenya.Hama iki gisomwa nashatse gutanga umuco gato kuvyo nashoboye kurondera hirya no hino kubibaza ko uwo muco ari icaduka. Naho kuvyerekeye abavyeyi batabikunda n’uburenganzira bwabo.Kandi nkuko ubivuze umwana arerwa n’umuvyeyi si umwana arera umuvyeyi,ntirikabe. Ariko nkuko nawe ubibona mu mpera z’igisomwa,sinanse kw’abana bobuzwa ariko nifuje ko bohindura ingene babibabuza!aho kubakarira bagashira imbere kubasigurira.Kuko nk’uko ubibona muri ako karorero k’umuryango nasanze bariko barabipfa,umwana ayambara yinyegeje.Nizerako iyo uwo muvyeyi yari kumusigurira neza igituma atabikunda yari kubiheba.Murakoze.
Oya intumbero abakera bambarira ibidede Ku maguru siyo abigeme bubu bayambarira. Ubu bahanye signe ko uwambaye ibudede Ku magura bamwita « Ndangira » nukuvuga abakobwa babanalaya. Kandi nkako abakora uwo mwuga usanga benshi muribo babwambaye. Umukobwa rero avyambaye ku kuguru kumwe aba umusambanyi canke ataba we, baca bamufata ko ari malaya. Vyiza rero nibabireke kuvyambara.
Murakoze Lin!Ariko biragoye kumenya intumbero yabo utababajije. Je benshi mubo nabajije bavyambara kubera gushaza bisanzwe.Guca tubita abamalaya rero numva twoba tubarenganije kuko n’abakera baravyambara.Murakoze ku ciyumviro canyu
Ugushaza ni vyiza kandi hari uburyo bwinshi. Rero ko gushaza dukoresheje imiringa kumaguru hari abavyise izina rikamenyekana, twobibahebera.
N.B: Umuringa kumaguru mu Burundi bwa none= Ndangira Muzungu
( MALAYA)
Murakoze Belise! Ariko biragoye guheba ikintu mugihe ubona ataco kigutwaye kandi ataco wononera abandi!kandi twari dukwiye guhindura ivyiyumviro!kera kwisiga vyinshi na cane cane rouge à lèvre bavuga ngo nivy’abamalaya ariko ubu mbona arivyo bigezweho.Murakoze ku mpanuro mutanze
ni vyiza.nn nka barya bayambara munda mwobiha insiguro iyihe?kandi murakoze cane.
Insiguro nibazako itandukanye mugenzi,ariko ngirango tuzobandanya dusesangura tubabaze twumve.Murakoze
Bella,njewe nk’uko Belyse yabivuze,ko hari abavyise amazina bakabiha iyindi ntumbero-simvuze ko abavyambara bose ari co kibibatera-vyiza bobireka.Uko ndavyumva,naho ikintu ata ngorane coba kiguteye mu gihe kiyiteye abandi,kigatuma bakwiyumvira uko utari,canke kikabatirimutsa(abari n’umutima uhuha),n’aho kumbure woba urengana,vyiza ni ukuri wokireka ugatanga amahoro…
Kuba bavyitirira aba malaya-nta n’ivyo nari nzi-bitegerezwa kuba bifise aho bihuriye nabo!!!
Ntiwoca ugira ngo « ni akazi kanyu njewe ntaco bintwaye ,canke ngo « mundabira iki??? ».None wumva njewe noresha canke nkaranga Umwigeme bavugako ubushirasoni-n’aho bitoba ari vyo kubera bamuna yambara nkabo.Ni vyo kubiheba biragoye mu gihe ubikunda,mugabo kwitwa ishirasoni,imalaya kubera imyambarire naho ni agaheta.
Ni ukuri sinanse ko bashiki banje bashaza,mugabo ivyo bituma abantu babitiranya n’inshirasoni numva mu vyukuri bobiheba,bakambara ibindi bidateye ingorane-urujijo mu kinyarwanda-kandi sinibaza ko vyoba bibuze.Murakoze
Ego ni vyiza cane Pierre Claver!Urakoze ku ntererano yawe.Ariko nibazako twoshira imbere kubatahuza aho kubatunga urutoke canke gukarira umwana utamusiguriye igituma. Murakoze
Murakoze cane,narinfise ikibazo.harabavuga ngo ubudede bwu kumaguru ngo biranafise isiguro bivanye naho uba ukambaye kukuguru kwiburyo canke kwibubanfu,mwoduha umuco.murakoze
Mireille jewe ivyo vy’insiguro mubakurambere nabajije ndetse nivyo nasanze mubitabo vy’imico n’akaranga nabonye babiha insiguro yo gushaza gusa.Murakoze
we bella, jewe mbona wovyambara kumaboko no mwizosi, kumaguru ukabireka, none harico vyogutwara? kuko muriyimyaka twarutsemwo abandi babibona ukundi kugira rero wikingire ntibahave bagufata uko utari wobireka, kandi iteka umuntu niwe aryiha, kandi naho utovyambara na hamwe ukabiheba burundu, ukambara agahuzu kamesuye gasa naza ukiyoga neza, je mbona woba ushajije. vyose ni mumutwe. umukama aguhezagire
Amen Concilie!urakoze ariko nagomba ndakubwire ko jewe atanivyo nambara. Iki gisomwa nacanditse bivanye n’uwo muryango natembereyemwo ngasanga bimeze uko wabibonye.Ko umwana yibaza ngo ararenganijwe,umuvyeyi nawe akamukarira ngo n’ubushirasoni vyatumye ndondera iyo vyavuye .Jewe rero ndatahura ko mugihe bitabonwa neza nobiheba ariko kandi ngatahurako n’abo bitoroheye guheba nobatahura nkareka kubaha ishusho itariyo.Aha ntitwokwibagira ko abantu twese tutameze kumwe.Nk’akarorero hariho abo usanga guheba itabi bidakunda naho baba bazi ko rifise ingaruka mbi ,n’abandi baca bariheba buno nyene. Rero twogenza buhoro,aho kubatuma urutoki canke kubakarira ngo n’ubushirasoni tukabasigurira ko hariho ubundi buryo bwo gushaza.Murakoze
aaaha!mbega mbega ugushaza!!!mubona abazungu biyambariye inzahabu mukagomba kubigana.mbe hoho ubona nabo bavyambara aribose??vyumvikane niyo haza gushaza mugenda mutambaye mwogenduko??mbega ko nzi ngusumvya imyaka ko jewe ntabonye mama wanje canke abandi bavyambara??nimwitwaze ibindi ivyo vyabakera muvyihorere ntavyo mwoshikira,1;kera wasanga abigeme bakaka kubera bafise nikibatuma bakaka (baranabungabunga ubuntu bwabo gisigura ubusugi)namwe ngo nugushaza vengaho barashajije abakera mweho murihenda ubusutwa .com
Ikintu conyene mbona n’uko umwigeme ayambara, ayambare a ses risques et perils kubera la culture yahindutse. Nayo ibindi l’article imeze neza kuko iduha umuco w’ ingene aba kera babibona n igituma bavyambara. A chacune de decider ce qu Elle veut faire.
Jewe nibaza ko twotahura ibintu vyose mu gihe cavyo. Umugenzo warahigeze hanyuma turasirimuka turawuheba! Ubu rero wagarutse uzananye hanze kandi nk’uko noba naravyumvise/narabitahuye umengo wazananye mu migwi y’abantu tutogira icitegererezo! Ni co gituma numva tutovyohambirirako twikinze inyuma ya kahise twari twarataye akanuka tugomba guhisha insiguro nyayo y’ivyeze ubu.
Murakoze