Abavyeyi barageregeza kugumiza ijisho ku bana babo b’abigeme gusumba. Bati: « Ko umwana yama ataha aho tumubona, nta ngeso mbi izotwinjirana turamubona. » Désiré Dunduri, umusomyi wa Yaga, ntabibona gutyo. Yishura ku gisomwa caciye ku muhora wacu, kivuga ko ata mukobwa […]
Indero
«Ngo nta mukobwa wo kwipangira inzu, aba ashaka ubuhumbu? »
Hano mu Burundi, umukobwa agiye kwibana ntarabwa ryiza n’ikibano; umengo ibara riraguye. Hari abavyeyi bavuga ngo « baba bakeneye kwigenga hama bashobore kuja mu buhumbu atawubabuza »; koko ni ukuri ?
Kwigisha indimi mu mashure shingiro: umwana ni uwosoma akiri muto!
Amashure shingiro ntazobandanya kwigisha, mu mwaka wa mbere, nk’uko vyahora, indimi zine ari zo: ikirundi, igifaransa, igiswahili n’icongereza. Kubwa Egide Nikiza, iyo ngingo ni nziza ariko ngo hari hakwiye izindi ziyishigikira kugira ubumenyi bwiyongere mu bijanye n’indimi.
Ivyumba vy’amareresi nka kimwe mu bigwiza ubujuju, ubuhumbu n’ubushurashuzi
Abarundi baretse gukunda ireresi zakinwe n’ab’iwabo, ariko barakunda amareresi muri rusangi. Ivyumba vy’amareresi bikwiragiye irya n’ino mu gisagara ca Bujumbura, ndetse no hagati mu gihugu. Uburyo ivyo vyumba bitunganijwe n’amareresi vyerekana bijana habi Uburundi, hamwe ata cokorwa.
« Kunobera » : kimwe mu vyatumye abana barenga 10 000 bata ishure mu Rumonge
Haraheze imisi abegwa n’ikibazo c’indero mu ntara ya Rumonge bagiye hamwe kugira ngo barabe uko umwaka w’ ishure w’2017 ushira 2018 wagenze. Basanze abanyeshure barenga ibihumbi cumi ari bo bahevye amashure uwo mwaka. Ni ko kurondera kumenya impamvu.
Ni « Poêlissime » si « Poilissime » : inkomoko n’insiguro y’iryo jambo
Turakunze kumva muri kaminuza y’Uburundi, umunyeshure ahiga canke uwahaciye bamwita ngo ni « Poilissime ». Eka noneho ababizi ngo ni « Poêlissime ». None iryo zina risigura iki? Ryavuye hehe? Twaragerageje kwegeranya ivyiyumviro vy’abari n’ico babiziko, baraduha umuco.
Imbuga ngurukanabumenyi : imibonano mpuzabitsina kuri bose ?
Abantu tuja ku mbuga ngurukanabumenyi mu ntumbero zitandukanye. Hari bamwe baja kwinezereza, hakaba n’abandi baja kuhigira twinshi. Muri abo biga, inyigisho bataronka kwa ba se na ba nyina, barazironswa ku buntu mu migwi imwe imwe yo ku mbuga. Kiretse ko […]
Burundi : il y a école et … école !
De passage dans une école de l’intérieur du pays, précisément à Kayanza, une blogueuse de Yaga a été interpellée par les conditions dans lesquelles les enfants apprennent. Une vision insoutenable qui lui a inspiré un récit à vous fendre le […]
Ubusuma bw’amanota mu mashure : nta gishasha !
Haraheze iminsi itari mike, aha mu Burundi, mu ntara zitandukanye, haza haravugwa ubusuma mu mashure bufatiye ku manota. Abatari bake bavuga ko utwo ari uturorero duke tuba dushoboye kwibonekeza. Umuntu rero yokwibaza icokorwa kugira ngo hasukwemwo mabisi maze, buke buke, […]