article comment count is: 49

Ni « Poêlissime » si « Poilissime » : inkomoko n’insiguro y’iryo jambo

Turakunze kumva muri kaminuza y’Uburundi, umunyeshure ahiga canke uwahaciye bamwita ngo ni « Poilissime ». Eka noneho ababizi ngo ni « Poêlissime ». None iryo zina risigura iki? Ryavuye hehe? Twaragerageje kwegeranya ivyiyumviro vy’abari n’ico babiziko, baraduha umuco.

Maze imyaka itari mike niga muri Kaminuza y’Uburundi. Tukihashika, muri vya bikorwa vy’ukwakira abashasha, batubwiye ko bashaka kutugira « abapoilissimes » ; maze bakadusigurira ngo « abapoils ni abantu b’ubuntu bagira ibintu abantu ku buntu bw’abantu b’ubuntu ». Iyo nsiguro sinigeze mpengeshanya kuyiyumvirako, ariko ntiyanyuze, gushika ndonke umuco, biciye mu gusoma ivyiyumviro vyatanzwe n’abantu barenga amajana atanu (500) ku rubuga Yaga.

Insiguro zitandukanye

Imbere ya vyose, twohera kumenya ko batandika « Poilissime », ahubwo ni « Poêlissime », nk’uko Floribert Niyongabo yakosoye yongera atanga umuco ati : « Si ‘‘Poilissime’’ ni ‘‘Poelissime’’ ; iryo jambo rivuye muri ‘‘Poele’’. Kera i Buraya, muri ca kiringo c’imbeho irenze, haba hari icuma co gususurutsa mw’ishure n’ahandi hantu hakoranira benshi. Caba kirimwo amakara, kikagira umuringoti usohora umwotsi hejuru y’ishure ; ni co bita ‘‘Poele’’. »

Hama Angelos Nduwimana nawe akamwunganira ati : « Muri ivyo bihe hakanye cane, abanyeshure bafise inguvu kurusha abandi ni bo bacicara imbere (hafi y’ico cuma), kugira imbeho ihere. Kugira wicare imbere hakora inguvu. Abo banyeshure b’inguvu rero bashobora kucicara imbere ico gihe, baciye biyita ‘‘abapoêlessimes’’. Iryo jambo Poêlessime ryaciye rikwira isi yose, mu kuvuga abo banyeshure bafise ubushobozi bwo kwicara imbere y’ico cuma. Uko ni ko ijambo ‘‘Poillissime’’ ryandikwa kandi ni ko risigura. »

Yamara rero, hari n’abandi bafise izindi nsiguro zitandukanye n’iyo. Nta womenya ko vyoba vyavuye ku ntumbero yo guha insiguro iryo jambo bivanye n’imibereho n’imigirwa yo muri kaminuza y’Uburundi.

Nk’akarorero, uwitwa Ndayongeje Léopold agira ati : « Izina ‘‘poilsime’’ canke ‘‘umupoil’’ harimwo « poils » ; ubwoya. Ubwoya rero canke umushatsi ku muntu ni ikimenyetso c’uko akuze. Ni yo mpamvu umunyeshure mushasha aba yimosheje. Umushatsi uruyoya ruvukana bawita imvanda, umushatsi umunyeshure aba afise avuye mu mashure yisumbuye nawo nyene witwa imvanda. Ni co gituma imvanda bazimwa kugira haboneke umushatsi w’abantu bakuze ; gukura atari mu myaka, ahubwo mu kuba umuntu yibwiriza ibikenewe.»

Muri make, tworifata nk’izina ry’ubuhizi abo banyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi canke abahaciye bahisemwo kwiyita.

Yamara rero…

Ico bikoze, ni izina rikunze gutera impari mu barizi. Abaryiyita bagasa n’abagira bati « rigaragaza ubutore n’ubushingantahe bwa bene ryo », ariko hakaba n’abaritera ivyatsi, bivanye n’utunenge batora ingendo n’inyifato y’abo banyeshure.

Nk’akarorero, Adelin Habonimana n’agashavu kenshi ati : « Naciye ku makaminuza atandukanye mu bihugu bitandukanye, abo ni bo bambere bazi y’uko bategerezwa guhabwa akazi na Reta, kwiyungunganya ntibabishoboye ahandi hose biga bariha kuko ubumenyi ari umutahe. Ab’ubu buzuye gusegerereza gusa ; wokwitega iki ku muntu amara amasaha agonze urutoke ku hantu ata n’ikilometero 1 ahagenda ? Duhinduke ! Ikindi, ni birimbure, bamenye ko  kunywa ivyo bababwiye mw’ishure atari bwo bwenge, bamenye kwiyongeza akenge , bige kujana n’ibihe kuko iyi si tugezemwo si iyo kugotomera ibintu udashobora no kubitahura. Ni bake kw’ijana biyita uko bafise n’umutima wo kurahura ubwenge bundi butandukanye n’ivyo babimuje mw’ishure. Nayo ivyo kugonda intoke, kwambara agashati kuwa gatandatu ugakurikirana imiduga y’abafise ubugeni utazi numwe muri bo, bihagarare, ni  biheshe agaciro. Ni aho biva ugasanga muri karatiye, abanyagihungu batanaciye no kuntebe y’ishure bariko babasuzugura kuko bababona bafise imyitwarire atawoyifatirako akarorero nko gukunda gufashwa muri vyose.Ivyo mwiyita rero bijane n’uko mwitwara kuko ntiwobwira umuntu ko uhambaye udashobora kwerekana ico utandukaniyeko n’abandi. »

Mbaye nka wa wundi ngo « akari mu nda y’ingoma kamenywa n’uwayikanye » koko.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (49)

  1. Comportement y,aba poelissime nk’umuntu yize muri kaminuza y’igihugu c’uburundi ntayo nofatirako mu mibereho yanj!wonsigurira gt abantu biyita k ari kazoza k’igihugu ukabona umunyeshure yambay ishati itabutse,ikirato gihngamye ariko baronse bourse d,étude bayamarira mu tuyeri n’inzarwa mu nyakabiga ,kamnge,n’ahandi!!nibo bashits mu nzego z’igihugu batwara nabi bakiba bikanatuma igihugu cacu kidatra imbera!babanza kwiyuzuza ng bikure akayashu babiriy muri kaminuza y,uburundi!abanyeshure bize mu ma kaminuza yignga ng bize mu mwonga!!ugasanga umuntu yize mu gisata kanaka nka informatique ariko wamuha i machine(ordinateur ntashoboy kwndika muri excel cnk word)birababaj!! » ngo Imodoka zose ziri mu Burundi ni rwabo ».ng Nico gituma basaba lift !!barihnda hari kera aho uhjeje ishure baza kugutora muhira ng Ingo ub Directeur Général!!bisubireko!!

    1. Commentaire *umuntu avuga ngo aba poelissime bambara impuzu zitabutse bayahereje munzagwa.nijombo rike.
      aho we uwoguha 28000 ukayapangamwo ukagura ration murikigisagara ca bja wehowoyaguramwo impuzu?ndagutahira urummwijambo rike

  2. Nd’umunywanyi wa yaga knd ndakunda ku bakurikira mu ma débats mutunganya kensh bur kwezi no kur social médias facebook, tweetter kuk mwakor ivy akamaro arik ivyo mumaz imisi muvuga kuri « Poillissime » mbona bidahuy n’ivyo mujejw cnk naho mukibaza KO ar ibisanzwe atariko biri vyiza rero mwobireker ababifitiy uruhusha mukeney kubimenya naho mukeger inzego zibijejwe kuko ku rubuga ni nko mw’isoko umuntu yisoney ntahavugir cnk Ngahavugirw. N’ahanyu rero kwikebuka kuko urik urasoma commentaires urasangamw impari zitandukany zishobora gukwega des conflits inter- Universitaires. Merci
    [email protected]

      1. Yokwubahwa nande abundanye amanota gusa mu mufuko hera!!!!Nabure kuvyaza ayo manota amahera nayo ahandi ho ruramwuzuriyeko budakeye na kabiri!

        1. Commentaire *uvuze ngo uwubahwa n’uwuba afise amahera uba wibesh kuko nimba uno musi uyafise ejo buzoca yagiye uce uva mu bantu.kumbura utegure n’umutwe ugire n’akenge ko kuzohangana n’ibizogushikira.uwo nawe yiyita ngo ko atize kaminuza y’uburundi ngo niwe akaze haba namba irya izokwama iziruta zose kanatsinda niyo babahaye udukorwa dutandukanye mwirika ku ba poils muti dufashe.

  3. Commentaire *nibarabe bihereze agaciro, bige ubwenge batandukanye maze babishire ahagaragara tubikorereko, nayahandi kunywa ivyo baguhaye uko nyene, na gasuku yobishobora

    1. Ikibazo cavuy kw-izina poilissime, none kigez muvyo kunywa ama notes?? Es wotahura gut ivyo utashiz mumutw?? Kandi mumenye umuntu yiga en fonction y’uko abazwa! Vyongey, turaja muma bibliothèque, kand niyab ama laboratoire yacu yaratey imber, ty allais voir nos découvertes! Utavyemera urafatira akarorero kubaja kwiga mubihugu vyo hanz, uzoheza ubone ko tutazi kunywa ama notes gusa! Soyez plus raisonable can!

  4. Ndagaye iciyumviro ca Adelin Habonimana mbega poilissime ashobora kwibeshaho mumafaranga adashika ibihumbi mirongo itatu mu kwezi agafotoza sylabus akanafungura uyo muntu ntazi kwibeshaho?natwe turiyizi poilissime w1999 ntiwomugereranya nuw2017 dufate kuko ibintu vyarahindutse ariko rero nta mu poil asega umu poil arasaba umu poil azi kwisuganya muri vyose uko ikibazo kimushikiye niko anagitorera inyishu poilissime wubahwe

  5. Ivyo vyerekeye imishatsi n’imvanda sivyo na gato, Kuko umugenzo wo kumwa abanyeshure batanguye mu wa mbere vyatanguye dans les années 1995 kuba bise aba Tchechènes. Abari muri kaminuza muri iyo myaka barazi ingene vyagenze. Hari promotion yinjiye muri Kaminuza hanyuma ntiyoronka baptème kubera amagume de 1993. Haheze umwaka, haza iyindi promotion, baptème isubira gutangura. Bamwe batayironka baja mu bandi ngo babatize. Abandi bati ahubwo mubaza kuyironka na mwebwe. Induru ziba ziratanguye. Bamwe ngo turi ngaha kuva kera ntitwemera, abandi bati murabesha. Baca bafata ingingo yo kubamwa. Niyo promotion ya mbere yatanguye kumobwa, bica birakurakira na cane cane ko abakurikiye baje bavuye muri SMO.

    Murumva rero ko izina abapoilisime ou abapoelisime ryariho avant ko batangura kumwa aba « puants ». HAca hasigara insiguro ya mbere gusa rero, naho ntoyishingira intahe, iya kabiri yo novuga ko atari yo namba.

  6. Naho muvyirengagiza murabizi uwize UB ntaho asa asaniye nuwiga muyandi makaminuza ariho yitwa imyonga noneho amwe muriyo baraye bayahagaritse!

    1. (1) Nibaza ko mushatse kuvuga ko abize UB ataho basaniye n’abize mu yandi ma kaminuza mu Burundi !?!?! Kuko hariho abize mu bindi bihugu 😉

      (2) Yamara rero… Biragoye kugereranya abantu batize ibisata bimwe naho boba bavyiza mu ma kaminuza atandukanye!

  7. Sinibaza k hakozw ibiharuro vyerekana k abantu bize kaminuza y’Uburundi aribo badashoboy kwibeshaho!
    Aruko twohavura dusanga mu Burundi nka 75% batoshobora kwibeshaho!
    Ivyo navyo sinibaza k benshi bovyemeza!Burundi nka75%

  8. Vyukuri tugiy kuraba uyu Adelain Habonimana avuz ukuri kumy kuko,nanj iyo mvuy kukazi ndabaraba ndi mumodoka yakazi nkumigwa kuko biragoy kuvuga ko igihugu kizogorora mubantu bahonda agatoke lbih vyose akiri kwishule,Jew naragenz ndabona ntaho umunyeshur wa Kaminuza yigihugu yifata nkuko abahano iwacu bifata,abiwac barisuzugura.ninaco gituma kenshi usanga baronse akazi bagakirana inzigo bakanacinyiza nabandi bakorana.

  9. Lui qui dit avoir parcouru pas mal d’universités et avoir fait de constants est chanceux, mais qu’il n’oublie pas les niveaux de vie des cas qu’il compare, le PIB
    Quelqu’un a dit : Vaux mieux allumer la bougie plutôt que maudire les ténèbres. Et un autre: Les grands hommes sont ceux qui ont fait ce que l’histoire attendait d’eux
    S’il a des oreilles qu’il entende.

  10. mMuraho incuti za yaga umuntu yiyita anonyume nomumenyesha ko yoreka kugira comment zo gutukana.université y’uburundi irikwije cane mugihe utahiga ntushobora kumenya amaja m bo ahavugirw a ni c o asi gura kandi nigiyuma akoreshwa .ivyo vyokwambara uvuga canke zimanza uwuragusega ni nde canke uwusorera ninde.U.B si catholica urabaza ntiyagenewe bose urabaza.mbe ko batazi kwibeshaho haruwuraza kudeo-posa i wanyu.genda mumwonga sha badandaza ubujuju.ubuho vayatanguye gutora inzira ziriko zugarwa.

  11. Jewe ngerageje gusoma coments ndabona benshi agashavu karaniga kw’umva ijambo <>.Kuko ntivyizana umuntu aba yarabikoreye.kandi kurira umusaya umuntu ngo ni poilissime uvuga ayamuhe grade yiwe utari buyihindure ntakamaro bifise.#yaga nayo ikwiye kuza iragabanya debat kub universitaires kuko aba neants baba barose aho bavugira ayamuhe.Niharambe <>Ijambo aho!!!!

    1. @Anonyme
      Sinumva ingene muri debats za Yaga, debat kub universitaires yoba sujet tabou, kandi sinumva igituma abo ba universitaires batoba barigishijwe ubwenge bukwiye kugira ngo bashobore kwiyamiriza ivyo aba neants babavugako.
      Jewe ico natahuye n’uko universite yose ugiyemwo izogerageza kukwemeza qu’elle est la meilleure du monde (hanyuma ugaca utanga minerval umengo ntaco winona, kandi ugaca wiha akazina k’ubuhizi nk’aka ka poilissime wiyumvira ngo bose urabarengeye).

  12. Ijambo aho!!! Nasomye vyose bury nasanze umu poilissime yarengewe none université du burundi siyo yigihugu niyo nkuru rero mbe ubwo bumenyi baja kugazura ko batabwerekanye igihe bariko bitegurir kuja mur kaminuza noneho bazihagaritse rekana numu poile basha n’umuntu w’ubuntu ijambo aho!

  13. Je ndabona mubiteye ingorane urwaruka ari » mauvaise orientation ».
    Ivyo kuyagako vyariho kandi ni vyinshi inyuma y’ivyo biyago haba umwimbu mwiza.
    Kumara umwanya uharira kw’ijambo atangorane riteje kandi atan’iterambere rizana ni kutamenya iyo uva n’iy’uja.
    Kiretse namba muri mugashomeri niho ivyo bibatwara umwanya ariko ivyo kuri bamwe bibavugisha nabi ataco bibamarira bitewe na bamwe babona bataryiswe batavyanse bakaryankir ico gusa.
    Yaga# iterambere muve mumajambo y’ubusa!

  14. Sinsuzuguy iciyumviro caw Adelin Habonimana, ariko uzobaze neza bikunze wishikirindani uzobona katarukunwa ama notes, kubuzi nahonyene uzobona kohariho itandukaniro ryumu « Poil » nuwutariw,,,

  15. Kaminuza y’uburundi sicokimwe nayandi ma kaminuza ari mu burundi bose barabiziko abananiwe nikibazo ca leta gitanga uburenganzira bwokuja muri kaminuza y’uburundi baca baja muyandi ma kaminuza ayo nayo arazwi kandi mbona bayarembeje bayafuta. rero mwavyanka mwareka itandukaniro rirahari kandi rinini cane kandi uwariwe wese vyiza yokwemera icari kko ntiwokwigira ico utari. sinotyoza umunt ngo yize aha cank hariya mugabo ndemezako hariho itandukaniro.

  16. Commentaire muvukanyi Adelin nibazako vyukuri waraciy kumakaminuza atandukany mubihugu bitandukanye?? kutabidondaguye ?? hanyuma igikenew sico kunegurana kuko abo bigoy muriki kinjana turimwo sabaciy muri kaminuza y Uburundi gusa kko nabize murayo yabigenga abeshi school fees barihigwa nabavyeyi cank abavukanyi babo ! Gusa hari nabandi birihira kugiti cabo !
    kandi mumakaminuza yose hari abaciy ndabizi ntakekeranya ko hari bamw basohoka bagifise ningorane yururimi atonashobora gushikiriza ijambo mukukinyamazuru

    1. sinshatse gusuzugura aba cnk bariya arik tutavyirengagij ndaziko abo bose biyita ko bize mumwonga ivyo bashikiriza vyose nico bita mecanisme de defense bariko bagira kuk batagiriwe ayo mahirwe yokujayo ataruk batahashaka ahubwo aruk yatsinzwe na leta mukibazo ikoresha mukwinjira mwiyo kaminuza y’ijambo ryishi reo kuba bavugivyo bishakiye n’uburenganzira bwabo ntaco bahindura kucum poil ari kandi ntaco bongerako kuk ntaburenganzira babifitiye bwokuvyongerako .ndakunda yaga ariko sinumvigituma igum iy debat yama iguma igaruka kurubuga rwayo mwirambire bapoilissime ,ukirundi niho bayamawe ng uwutaz umuti awunyako.

  17. Kaminuza y’Uburundi iracafatirwako akarorero mu gihugu cose. Mu gifaransa bayita Université de référence. Nikimenyamenya abategetsi nka bose barongoye igihuhu ndetse n’abagiye barakirongora muri ka hise baba baramuwe n’iyo kamminuza nyene. Ikindi bitandukaniyeko n’amakaminuza yigenga n’uko nk’uko mubizi ntihapfa uwugiyeyo. Barinda kurobanura ababishoboye bakaba aribo barungikwayo. Je rero ndatangazwa n’abantu bashaka kwifatira mu gahanga kaminuza y’akarorero ku gihugu. Agakwavu naho woba ukanka uremera ko kazi kwiruka. Ku kijanye n’inyifato y’abamwebamwe mubiga muri kaminuza y’Uburundi, nobahanura ko bohindura kuko amase ya kera ntagihoma urutaro. Bamenye ko inintu vyahindutse bakwiye kuraba aho igihugu kigeze gurtyo rero bajane n’igihe. Ikigira kabiri n’uko bokwana na ntaryo akaranga kamye karanga kaminuza y’Uburundi « gutanga akarorero keza aho bari hose »

  18. Burya rero les neants na critique birajana. Twebw aba poilissimes turi abantu b’ubuntu ntidupfa kuvuga ivyo arivyo vyose ngo duhangane naba néants. Muregera aba poils tubahe ibanga. Poilissimes inkingi z’igihugu aho mûri hose mwijombe akantu mwarateguye kweli

  19. Nd’umu poil azi icari,iryo jambo nibaze KO ritotera ingorane abaryumva,kimw butahura igituma twarihise mwo
    ubwambere poêle barihinduye kugira aba néant bikunde KO bashobora ni kurivuga,poêle nayo ntawutazi icimaze mubihe bitoroshe,rero umunyeshure wo muri kaminuza y’uburundi ni bitumwako cane cane mubikomeye

  20. Kubumupoil si ekleziya yagenewe Bose. Tuje turatahurana kuko ibintu ntibisa vyose. Iryo Jambo ntaryo mwoshobora murahebera beneryo.

  21. Burya turakwiye kumenya ko ibintu vyahindutse . Aho umuntu yize cank ivyo yize sivyo bituma agira ubuzima bwiza mu gihe atitunganije neza . Abariko mutukana mwese na mwebwe ntakarorero keza muriko mutanga atari gutanako ishavu mufatira abantu mu kivunga . Mbega harya muri UB ntabahiga bafise ubuzima bwiza gusumba abiga privé canke ntabize muri privé bari bafise amanota meza kurusha abize UB ?

    1. Kurimwese Mwaro mufise raison muga ntimutahurana kimwe kuvuga KO bishika bakambara izitabutse canke ikirato gihengamye nubundi… Kimwe uwohambere bamuhimiriza kwiga kuko arabuze benshi hariho kandi iration barabamenya nibindi ..utibagiye KO barya nkabazungu nne Ubu KO aringurane bazishura nahone bakayironka bakubititse ukamara amezi âne urinda am n’a pm icokirato wokwama ucisha muriryakaburimbi bidahera vyokorwa muki mbega none ubona umuryango uvamwo waricungeereye ucubona KO nabandi babayeho nkawe erega ABA généraliste mubaho mubonye muriye mugira ngo isiyose irariye kandi mwisite birigwa batora ivyohasi batagira abiwabo ufashamwo bangahe kutabibuka bobo nubwo poelissime yihagararako kuko babayeho nka ba robel kimwe onda niyuwayirayeko Aho baguhaye imitahe iwanyu uwutagira abiwabo ugire ntajambo luxe se differe de life namba imana yaraguhaye fashabandi haraho womera nkabo ukabasega uziga ubukene bafise

  22. Jewe nshigikiye kandi nshimiye vy’umwihariko phil wewe avuga ko avant qu’on décidait de les raser iryo zina ryariho.Kubanje nshaka commentaire y’umuntu yize muri UB muri 1 ou 2-3e promotion atubwire vyagenze gute!ivy’ibirato n’impuzu zatabutse vyo:jewe nemera ko abenshi biga muri UB bava mumiryango ikenye.Ivyo nanje mbona ko ari ukwiyaka iteka n’ivyo kugondag.Nanje ndigayo ariko naho uhoraho atari bwampe déplacement,sinigera namba ntonda.Nkishika ino bujumbura,nafashe nkaho atamuntu numwe tuzinanye,nongera nishiramwo ko uwufise umuduga wiwe yawurose bimuvunye:ko rero kumusaba lift kwob ari ukumutera iseseme!ikindi nemera 28000:nta projet yokora niyo woba uri professeur muri entrepreuneriat!murakoze!

  23. Ba mwubaha abana b’igihugu nukuvuga ko kaminuza y’uburundi ariyo irera akadakura yonyene kwisi nzima ngo nta migambi hmmmmm agatimariko ubu wwe ko wumva wacie henshi woba ufise umugambi uwuhe ku buryo tuwutwaye nko guhiganawa au niveau mondial woba uwambere shaaa urambabaje kuko ntuzi insiguro yivyo wanditsee

  24. Ark uwugutuka ntagutorera ikosa rikozwe numuntu nibarabe nyene kurikora .
    Nkubu winamuye ukavuga kaba poils aribo batwara nabi ,Aho uba wiyumviriye neza ? Uwokubaza wobisigura neza ?
    Aho uworaba mubize muyigenga twosanga aribo batunze ? Rr ico mbona kuduza umunwa kugira muteshe agaciro umu poil ntaho bizobashikana knd izo zina ntabwo muzorifuta ikindi mbe abo muhayagiza muri harabo mwokwerekana bashoboye kwirihira ishure sintererano y’umuryango nn aba poils wibaza KO bava kubiti ? Rr mugabanye urunwarunwa uwagize amahirwe yo kwiga iyuburundi yige knd nuwagize amahirwe yo kwiga ayabigenga yige kk hari beshi batarose amahirwe namwe .
    Norangiza mvuga nti ibikorwa vyishi amajambo make

  25. Wamugwanya wareka azokwamaho pour avant-hier,hier et aujourd’hui, demain et après demain et il le sera pour toujours,pour le siècle et des siècles

  26. Abantu bize bahiriwe ntibabura kwivugira Ayo bashaka , Ubu uwoguha 60ml ngo uze urimenya rasiyo nahuba nimpuzu wobishobora ubona n’ubuzima ukuntu bumeze ubu