article comment count is: 1

Ubusuma bw’amanota mu mashure : nta gishasha !

Haraheze iminsi itari mike, aha mu Burundi, mu ntara zitandukanye, haza haravugwa ubusuma mu mashure bufatiye ku manota. Abatari bake bavuga ko utwo ari uturorero duke tuba dushoboye kwibonekeza. Umuntu rero yokwibaza icokorwa kugira ngo hasukwemwo mabisi maze, buke buke, iyo ngeso mbi iranduranwe n’imizi nk’ukwo Caritas Nizinza abituyagira.

Inyuma y’inkuru yamenyekanye cane mu gihugu aho hari umuyobozi w’ishure yafashwe ariko akora ikibazo ca Leta mu kibanza c’umunyeshure, abatari bake vyarabatangaje cane aho wasanga mu biyago hirya no hino bamwe bavuga ngo « N’abambwe ! », abandi ngo « Aramenje ! », eka abandi bakagira bati « Nibamucire inkoni ngufi ! »

Umuntu rero agerageje kwihweza izo nyifato zitandukanye abantu bagize kuri ivyo vyabaye, biraboneka neza ko iyo ngeso itavutse ejo canke hirya y’ejo. Kira noneho, uburyo ubwo busuma bukorwamwo si bumwe kandi si bubiri. Icari caratevye gusa ni ubuhinga ngurukanabumenyi kugira inkuru ikwiragire vuba.

Bukorwa kwinshi

Uturorero tw’aho abanyeshure bamwe bamwe bagiye baramenya batabikwiye ku mvo z’ubusuma bw’amanota ni twinshi kuko bikorwa mu buryo bwinshi. Ico umuntu atokwirigwa aragarukako ni bimwe vy’umwumvikano hagati y’abanyeshure n’abigisha maze bakabaha igiturire nabo bagatanga amanota. Ivyo ni birebire kuko bikorwa kwinshi, mu buryo bwinshi kandi bikanagora kwibonekeza iyo abariko barabikora batanyomoje.

Ubundi busuma bw’amanota bwagiye buribonekeza kandi n’ubu bukihari n’ubukorwa ku mugambi uba usanzwe uzwi kandi ushigikiwe n’abigisha canke abayobozi bo mu mashure amwe amwe.

Muti bigenda gute? Muramaze kubona intonde z’abanyeshure usanga bafise amazina akurikirana mu ndome, hama waja kuraba ugasanga baje baturutse kw’ishure rimwe inyuma y’ikibazo ca Leta? Ivyo vyaragiye birakorwa muri ca kibazo cahora giha uburenganzira abanyeshure bavuye mu mwaka wa gatandatu kwinjira mu mwaka w’indwi. Ugasanga abanyeshure bahinduriwe amazina kugira ngo mu kibazo bazokurikirane n’abo bazi ko baciye ubwenge, gutyo babereke inyishu canke vyorohe kubaha inyishu zateguwe.

Mu ntumbero yo kubugwanya

Kiretse ko umunyeshure wese yiba amanota kugira ngo amenye, abarezi nabo baravyinjiramwo kubera izindi mvo. Akenshi abarezi b’ayo mashure baba bashaka ibiturire canke ko ayo mashure aronka amanota meza ku rwego rw’igihugu maze bagakoresha uwo mugambi. Umuntu araheza akibaza ukwo ivyo vyohagarara maze abanyeshure bakunguruzwa mu mategeko.

Nk’uko bisanzwe, umunyeshure afashwe ariko ariba mu kibazo aca yirukanwa. Hari n’ibihugu canke amashure bene abo banyeshure bashobora no kuja mu munyororo. Na hano iwacu, vyari bikwiye gukurikiranirwa hafi kugira ngo n’ayo mashure aba aya mbere ariko abanyeshure bayo ntibabandanye batera imbere neza agakorwako ivyigwa hama vyibonekeza ko hari ubusuma bwabaye mu bibazo agafatirwa ingingo uhereye ku bayobozi bayo kugira ngo iyo ngendo mbi iranduranwe n’imizi.

 


Soma kandi : « Amashure atazoshikana amanota 20% mu kibazo ca leta azoca afutwa »

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Ego n,ukuri.erega ntaho turiko turaja.Detruire un pays ne s,agit oas d,utilser les bombes atomoques mais il s,agit de faciliter la tricherie.les patients meurent aux mains de ces docteurs mediocres.