Reta iherutse gutanguza isekeza “Ndakira, sinandura kandi sinanduza” mu ntumbero yo kurwanya ikiza Covid-19. N’aho biri uko, hari inyifato zimwezimwe zibonekeza mu bunywero no mu butambiro butandukanye mu gisagara ca Bujumbura, hakaba hakwiye gufatwa ingingo zibereye. Ahandi ho, amazi ararenga inkombe.
Kuva ikiza ca Covid-19 gitanguye gusasika inganda kw’isi, ingingo zitandukanye zifasha mu kugabanya umurindi wo kuyandukizanya zarafashwe mu bihugu bitandukanye. Aho twovuga ahanini, ihagarikwa ryo kurundana kw’abantu benshi mu bibaza bahuriramwo, gukaraba neza kenshi gashoboka, kwibangikanya udufukamunwa, kwubahiriza imetero imwe hagati y’abantu babiri, n’izindi.
Ivyo vyose, hano iwacu mu Burundi, vyarigishijwe impande zose biciye mu buhinga butandukanye bwo kumenyesha amakuru. Eka mbere, n’ingingo zibereye zarashizweho. Uno musi, uciye ahatandukanye, urabona ko hari abafashe nkama uburyo bwose bushoboka bwo kurwanya ico kiza. Aho twovuga mu bitaro bitandukanye, amabanki, n’ahandi. Ariko rero, n’abica amatwi ntibabuze.
Itegeko ryavyunyuye
Haraciye imisi, Reta itanze uruhusha rwo gusubira kwugurura ubutambiro. Urwo ruhusha rwaramenyesha ko mu makoraniro yose, ategerezwa kwubahiriza ingendo nyamukuru zo kwikingira ico kiza covid-19. Yamara utembereyeyo, wokwibaza ko ico kiza ata kibarizwa hano iwacu.
Kuri uyu wa gatanu uheze, nahanye isango n’abagenzi, dutegura gusohoka; na rirya agasozayinga kari gatanguye. Ku kagoroba, ni ho nabaza aho baherereye, maze bambwira ko bari mu butambiro bukunzwe cane hano mu gisagara. Naciye nyaragasa ndabasangayo.
Maze kuhashika, ubwanwa bwarafutse umunwa. Ni vyo, hariho akadobo kamwe, uretse ko ata n’agasabuni kari hahari, kandi kadashobora gukwira abinjira aho hantu bose, no mu binjira hari abatibuka gukaraba. Icibagiwe co ni uwari ajejwe gusaka abinjira ata kintu na kimwe co kwikingira yari afise.
Ninjiye mu butambiro nasanze hose hazimye. Abantu, agacupa ku kandi, akaziki ku kandi ; abashaka kukanyukura ntibitinya. Kamaze kubashika hoho, batanguye gutamba ingwatiramubiri ataco binona, nk’uko ata kiza ca covid-19 coba kihari.
Aho mpagaze ndavuga nti nka hamwe umwe gusa yoba afise uwo mugera atabizi, yoba yanduje iryo sinzi ry’abantu; na rirya batambira mu kivayagi, umwe avana n’uyu atambana n’uriya.
Twarijajaye
Mbajije abakozi bo muri ubwo butambiro igituma batubahiriza amabwirizwa yo kwikingira ico kiza, banyishuye bati : “Mbe wishinze birya bisabwa vyo kwikingira ico kiza ubona hano hokwinjira abangana iki ?”. Mu bari muri ico kirori nabo, hari ababona ko ico kiza caziye abageze mu myaka y’abakuze, bakavuga ngo: “Reka reka twebwe tukibasha tukanyukure nayo abakukurutse baje kuruhuka.”
N’aho biri uko, ntitwari dukwiye kwigira ba sindabibazwa. Uko biri uno musi, Reta yari ikwiye gukurikirana neza ishirwa mu ngiro ry’amategeko asohoka, koko “Ndakira, sinandura kandi sinanduza” ukaba umugambi wa twese ; ukatunyura, tukawugendera. Ni ho ibitigiri vy’abandura ico kiza bizogenda biragabanuka. Ahandi ho, tuzokwibuka kuyora twasheshe.