Mu Burundi, abarwayi bakize koronavirisi bageze kuri ndwi. Kuva bahawe uruhusha rwo gusohoka ibitaro bakaja mu miryango yabo, abatari bake baciye batangura gufata iyo ndwara nk’iyisanzwe, maze batangura guhororokerwa mu bijanye no kuyikingira. Ingendo itari nziza ishobora kudukwegera akarambaraye.
Nta ndwi irahera, ku gituro c’imodoka hagati mu gisagara, sinzi uwinjiye mu modoka yunguruza abantu adakaravye, maze ndamusaba ko yosohoka akinjira akaravye. Erega ndi bwicuze ico nabimubwiriye! Umusore yari inyuma yanje yansamiye hejuru ati : “Kura ubwoba ngaho, ubu koronavirisi ntiwabonye ko ari ingwara isanzwe, ivurwa igakira, aho n’abayirwaye badasiba gusohoka ibitaro bakize!”
Aho nyene, n’umudereva yagira anyonge iyo bisi ntiyanyihanganiye. We yansiguriye ati : “Kuba hari abarwayi cumi n’icenda gusa ugereranije n’umurindi twumva mu bindi bihugu, ukagereranya uko ata banyafirika iriko irahitana nk’uko ibiharuro bivyerekana, biragaragara ko ata woguma ahagaritse umutima ngo karaba karaba kuko iyo ndwara ataco igira abanyafrika.”
Ni uko ndaruca ndarumira, ubwanwa burafuka umunwa, ndinda nshika iyo nja ntongeye gukurako umunwa.
Twahororokewe…
Ni je jenyene maze kubibona ? Akarorero ka hafi, ni umusi abarwayi ba koronavirisi basohoka ibitaro, aho abaje kubategera batatanzwe kubagwa mu nda, n’igishika cinshi. Ivyo tukaba tuzi neza ko biri mu vyo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida bwari bwabujije mu ntumbero yo kwikingira ico kiza.
Utereje amaso ku gituro c’imodoka zunguruza abantu, mu gisagara ca Bujumbura, ukagereranya uko vyari vyifashe umugwayi wa mbere agitorwa iyo ndwara mu Burundi, urabona ko za ndobo zirimwo amazi yo gukaraba zagabanutse. Si ivyo gusa, urabona ko n’ivyo gukaraba bitacitwararitswe na benshi, aho abinjira muri izo modoka badakaravye basa n’abangana n’abinjira bakaravye. Eka n’abakokayi bahora bacunga ikurikizwa ry’iyo ngingo urabona ko bahororokewe.
Urugamba ntirurahera
Si agaseseshwa rumuri, uwobona uko ubu dufata minenerwe ivyo kwikingira koronavirisi, agatereza amaso uko abantu barundana mu myiyamamazo, ntiyoreka kugira amakenga. Kukaba nka kwo, nimba ibihugu vya Buraya na Amerika bigeramiwe nk’uko tubibona ubu, ni kubera vyabanje gufata minenerwe iyo ndwara, bikaguma biyikekeza ngo “ni iy’Ubushinwa gusa”; maze biza kwikangura akaba kabaye. None ni vyo dushaka ko mbona twahororokewe ?
Ntitwari dukwiye kwibagira ko mu Burundi, ata ndwi ihera hatigaragaje abarwayi bashasha banduye ico kiza. Ndetse tukibuka ko ibihugu bidukikije bifise ico kiza ciyongera ku murindi uteye ubwoba, kandi imbibe zacu zifise inzira z’ibinywabi zishobora gutuma twandura.
Ni kwo, Imana yatugiriye neza kuba tutageramiwe nk’ahandi; ariko, duhagarike kuyikora mu jisho muri ukwo guhororokerwa. Bizohava bituma ibiharuro vy’abandura bigwirirana. Twibuke ko uwutambana na mukeba adakubita urugohe.
Commentaire *abarundi ntitwumva tuzokwemera tubone dushiz
Ntitwari dukwiye kubifata minenerwe