Amezi atatu arikokoye imiti yahora ihabwa abagendana umugera w’igitigu wo mu bwoko B (hépatite B) wabuze aho wahora utangirwa. Ivyo bikaba bibabaza cane abawugendana babona ko ata kabuza bagiye guhona. Umve akamo k’umwe mu bawugendana.
Amafaranga
Urudandazwa rwo musi y’umutaka: « Tugiye kuba abande?»
Ku wa 21 munyonyo 2019, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa, mw’itangazo yasohoye, yarahagaritse urudandazwa rwo mu mitaka, hamwe n’abatembereza ibintu mu mabarabara. Iyo ngingo ntiyakiriwe neza n’abari babeshejweho n’urwo rudandazwa, Pierre* aradushingira intahe y’aho rwamukuye n’aho rwari rumugejeje.
#KwitunganirizaImigambi: imyibutsa itanu iduhimiriza gukunda ibikorwa
Tumaze imisi tubashikiriza urukurikirane rw’ibisomwa ku kibazo kijanye n’ukwitunganiriza imirimo. Mu kurangiza urwo rukurikirane, twashimye kubatororokaniza imyibutsa 5 itera intege abakozi ikajinjibura abanebwe, hamwe n’insiguro zayo.
#KwitunganirizaImigambi : kwigana, vyica benshi, bigakiza bake
Kubera kubura inyigisho zikwiye n’uguherekezwa mu vyerekeye kwitunganiriza imigambi, urwaruka rufise umwete wo kubikora rusanga ruguye mu mutego w’urwiganwe, rugahereza guhomba. Mariko* ni umwe mu baruguyemwo. Aratuyagira.
#KwitunganirizaImigambi : impanuro ngenderwako
« Uwufise umugambi wese ntiyitinye, ni atangure ariko yirinde gutambikiza n’ukugenza umutwe nk’uruyuzi » ; Pierre-Claver Nduwumwami, umuhinga mu vyo gutunganya imigambi akaba anarongoye ikigo BBIN, aratanga impanuro ku bitunganiriza imigambi. Uwuri n’amatwi ni yumve.
#KwitunganirizaImigambi: ko inganda zivuka ku bwinshi, ziherera he?
Ishirahamwe API rijejwe kworohereza abanyamitahe riremeza ko amashirahamwe n’inganda zotanga ubuzi zivuka ku bwinshi buri mwaka, mu Burundi. Yamara, biratangaje ukuntu ubuzi buguma bukena, kandi n’ayo mashirahamwe ugaheruka avutse, ntubone impinduka ku rubuga. Umuco.
#KwitunganirizaImigambi: abavyigiye bo bagereye he?
Mu mwaka w’2011, Kaminuza y’Uburundi, yaratanguje igisata c’Ukwitunganiriza Imigambi mu vy’imico n’akaranga. Abanyeshure barangiza ico gisata bahereza he ? Ni izihe ngorane bagira bashitse mu buzima busanzwe?
#KwitunganirizaImigambi : tuve mu majambo, tuje mu bikorwa
Urugero rw’ubukene bw’akazi mu rwaruka rwavuye ku bice 60% mu mwaka w’2016 ruja kuri 65% mu 2017. Yamara, iciyumviro c’uko abakeneye ubuzi « bokwitunganiriza imigambi bo nyene » catanguye kuvugwa cane kuva mu myaka y’2013. None, ni ukutumva ? Ni umuzi w’ibuye ? Canke […]
Ubutinyanka : buri murundikazi atanga imiriyoni zirenga zitanu mu buzima bwiwe
Mu Burundi, ikiguzi c’ivyo umukenyezi ari mu bihe akenera, nta wucitaho. None, mu buzima bwiwe bwose, umurundikazi yoba akoresha amafaranga angana gute kubera ubutinyanka ? Tubirabire hamwe.