article comment count is: 0

Bujumbura : « ng’uku uko nibwe mu buryo ntari nibaza »

Ahatari hake mu gisagara, muri ino minsi, abantu benshi baridoga cane ko bibwa mu buryo butangaje. Abenshi rero ubu bibwa n’abantu utokwikeka ko ari abasuma, mu gihe muhuriye mw’ibarabara, basa nk’abandi bose. Caritas Ninziza aratwiganira ivyamushikiye.

Ni abasore, inkumi, abagabo n’abagore bakiri bato. Abo basuma bagendana udusakoshi mu mugongo canke mu ntoke. Ku bigeme n’abapfasoni, abenshi bitwaza udukapo canke twa dusakoshi two mu ntoke, ariko twisununuye, umuntu agashobora gushiramwo ikintu kinini. Utwo ni two batwaramwo ivyibwe.

Ibintu bikunda gukarirwa n’ibikoresho vyo mu nzu vy’agaciro nka twa twuma dufasha abakoresha imboneshakure kuraba amasanamu ari two bita « lecteurs-CD » mu gifaransa, amaradiyo, amateleviziyo, impuzu, ibirato eka n’ibindi bintu vy’agaciro basanze hafi.

Amayeri akoreshwa n’abo basuma

Akarorero ka vuba cane kajanye n’ivyashitse ku muhana iwanje, aha mu gisagara ca Bujumbura.

Hari mu gatondo, ngiye ku kazi ka minsi yose. Haheze nk’iminota itanu, ni ho hinjira umusore aradodora ku muryango wo mu rugo. Maze rero umukozi arateba kumwumva. Bugingo agiye kuraba uwudodoye, asanga wa muhungu yamaze guca inyuma y’inzu ngo yinjirire mu muryango wo mu kigo. Akibona umukozi aca aramwitanga amubaza ngo « Tantine ni ho ari ? ». Umukozi nawe ati « Ego », eka mbere agirako amuha ikaze mu nzu. Uwo muhungu aba aricaye aho twakirira abashitsi, hama umukozi aja mu vyo yariko arakora mu kigo.

Haheze umwanya muto, umukozi abona wa muhungu amuciyeko asohoka. Hama aramubaza ko yabonanye na wa  tantine; uri uwundi ati « Eyego », maze aribandaniriza. Ata n’ukubica n’ikanda, ngendanwa zibiri z’agaciro zari ku muriro ziba zibwe gutyo.

Icatumye rero umukozi ataco yikeka, ni uko uwo musuma yaje avuga nk’uwoba yari ahejeje kuvugana na inabuja, hama akibaza ko aca ava mu cumba akaza kumuramutsa kuko yari akiryamye.

Nshimikiye ku turorero twinshi maze kubona hirya no hino, biribonekeza ko benshi muri abo basuma baba bafise amakuru ku kuntu inzu baja kwibamwo itunganije hamwe n’uko ibintu vyoroshe kwiba bibikwa. Eka mbere bakamenya n’amasaha ba nyene inzu batondera ku kazi hamwe n’igihe bagarukira i muhira.

Ahandi naho bimaze gushika, usanga ari abakozi bataramenyera akazi, maze bamwe bakabeshwa ngo sebuja canke inabuja hari ico abatumye. Umukozi agatanga ivyo umusuma asavye vyose, maze ivyo bikaba biragiye.

Kandi rero baza mu gihe bazi ko umukozi ari mu kazi kenshi, ategura imfungurwa kugira ngo ntagire akanya kenshi ko kubaguma iruhande. Maze bakaronka akaryo ko kwiba ivyo bashatse mu gihe asimbiye mu gikoni.

Impanuro rusangi

Akagohe novunira abanyagisagara ca Bujumbura, na cane cane muri ino minsi mwe n’ubwo busuma bwimonogoje, ni uko iyo hagize umuntu aza aramutsa mu muhana batamuzi, bobangira gushoka bamwinjiza mu nzu. Vyoba vyiza babanje kumusaba umwidondoro.

Mu gihe naho aje avuga ko hari umwe mu bahaba amutumye ikintu, bobanza guhamagara uwo muntu kugira amakenga ahere. Canke ari hamwe uwo mushitsi avuga ko arindira, umukozi yari akwiye gusaba mu rupfasoni uwo mushitsi ko yoba aratembera mu micungararo, hama akaza kugaruka mu nyuma, uwo akaneye agarutse i muhira.

Ahandi ho, ibintu vyinshi vyibwa muri ubwo buryo, na cane cane iyo usize uwo muntu mu nzu ngo abe aricayeho mu kurindira.

 


Soma kandi :  Umusuma agumana agateka ka kiremwa muntu !

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion