Ikena ry’akazi mu Burundi si agaseseshwarumuri. Urwaruka rwo muri komine ya Rumonge ruragerageza kwiteza imbere muri twinshi rwiyungunganyamwo. Naho biri uko, hariho inzitizi zibabuza gushika kw’iterambere. Reka babitubwire, bongere bavuge n’umuti wavyo.
Akazi
Ubuzima bwaranse muri Zambiya, mugabo mu Burundi aribeshejeho
Urwaruka rurangije amashure canke rwayaciriye hagati rwo mu ntara ya Rumonge ruraja kwisumamwo mu bihugu vyo muri aka karere. Naho hari abagira amahirwe bakaharonka amasumiro, abahagorerwa ntibabuze. Léonidas Ndayipfukamiye afise imyaka 24, akaba ari imvukira ya Makamba. Atunzwe n’ugukora amapikipiki […]
Ruziba: ni igiki cofasha gutsinda ubukene bwugarije iyo zone ?
Muri zone Ruziba, abahumure, urwaruka, abavyeyi… bemeza ko kwibeshaho bigoye. Ukuzimba kw’ibitari bike, kubura akazi, amatongo yaze, igwirirana ry’abantu n’ibindi, ni zimwe mu ntambanyi zituma ubukene bwiyongera muri ako gace. Aha ikibazo akaba ari kimwe: ni iyihe igiki cofasha kugira […]
Entreprendre dans les zones périphériques de Bujumbura: un atout ?
Beaucoup de jeunes pensent que le centre-ville de Bujumbura regorge de beaucoup d’opportunités. Ce n’est pas le point de vue de certains d’entre eux qui trouvent plutôt avantageux de travailler dans les quartiers périphériques. Témoignages des jeunes de Ruziba.
Intahe : uko naronse akazi inyuma y’imyaka irenga cumi y’ubushomeri
Ubushikiranganji bujejwe abakozi n’akazi buherutse gukoresha ikibazo burondera abigisha igihumbi (1 000) mu gihugu cose. Mu baherutse kugirirwa ibakwe ryo kuronka akazi, Gilbert na Béatrice b’i Makamba bariruhutsa kuko bari bamaze imyaka myinshi cane bashomereye ku buryo babona ko “amashure […]
#AbapishiBugariwe: ikibazo kigoye cari coroshe
Ni ko imyidogo yarabayeho, ingingo zirafatwa ku neza y’ingo zasambuka bikagirizwa abapishi boba bigarurira abaroyi. Icakurikiye, ni amarira, inzara n’ubukene bwinjiye mu miryango y’abo bapishi. Ariko none hari habuze izindi ngingo zari gufatwa kugira abo bapfasoni babandanye bakora, ubona ko […]
#AbapishiBugariwe: “abaterekwa” ni bo bahatoreye akoyokwe
Si agaseseshwarumuri ko abarovyi bama bakeneye abantu babategurira imfungurwa bafungura iyo bavuye mu kiyaga. Kukaba nka ko, baza barushe, bashonje kandi banyotewe, batoshobora kuvyitegurira bo ubwabo. Ni co gituma rero naho abapishi bari bahejeje kubuzwa kudandaza, haciye haza abandi bakora […]
#AbapishiBugariwe: abahora bakora uwo mwuga babayeho gute ?
Abakenyezi barenga ijana batakaje akazi ku mweha wa Rumonge gusa. Aho ni inyuma y’ingingo yahagaritse abapishi gukora akazi kabo kubera imyidogo y’abatambukanyi b’abarovyi bavuga ko bano babatwara abagabo. None ubu babayeho gute ?
#AbapishiBugariwe: umwuga nyabaki, ukomoka hehe ?
Abakunda kujana mu ntara canke mu burere haberamwo uburovyi, barakunda kwumva abantu bita « Abapishi », ariko ntibashobore kumenya iyo iryo jambo risigura canke iyo uwo mwuga wazananye. Twaragerageje kubatohoreza ukuntu uwo mwuga ujanye n’uburovyi wavutse hamwe n’iyo watanguriye.