Abakenyezi barenga ijana batakaje akazi ku mweha wa Rumonge gusa. Aho ni inyuma y’ingingo yahagaritse abapishi gukora akazi kabo kubera imyidogo y’abatambukanyi b’abarovyi bavuga ko bano babatwara abagabo. None ubu babayeho gute ?
“Turi mu kangaratete, abana bari mu kwicwa n’inzara.” Iyo ni imyidogo y’abakenyezi bari batunzwe n’akazi ko gutegura imfungurwa z’abarovyi ku myeha yo mu ntara ya Rumonge. Kuva aho ingingo yo kubahagarika ifatiwe, bamwe muri bo barashoboye kwiyungunganya bararonka umutahe wo kudandaza. Naho biri uko, abenshi ntibagira ico bakora. Marita ni umupfakazi akaba, n’umwe mu bataronse amahirwe yo kuronka umutahe ngo yiyungunganye. Aho twamusanze mu rugo iwe hafi y’ikiyaga Tanganyika, atwiganira ubuzima abayemwo. Akagira ati:
“Mfise abana ariko ubu nta n’umwe akija kw’ishure ku mvo zo kubura amahera yo kubarihira”. Uwo mukenyezi aboneka ko ahumuye amenyesha ko umwuga w’ubupishi wari umutunze kuva akiri mu buhungiro : “Nawutanguye nkiri muri Tanzaniya. Kuva aho tugarukiye mu gihugu nca mbandanya nkora akaba ari wo wari utunze umuryango”.
Ubu rero ngo ntivyoroshe, akamenyesha ko kugira abandanye aronka ico afungurira abana biwe aja gusaba abo yahora akorera ku kiyaga. Ahandi na ho akarondera uwo akorera mu kumesura impuzu maze akamuha na makeya.
Hari abataye baromoka
Nk’uko tuvyiganirwa n’umupfasoni yari arongoye ishirahamwe ry’abapishi, ingingo yo kubahagarika yatumye imiryango itari mike isambuka. Abakenyezi bamwe bahisemwo kuja kubandanya umwuga w’abapishi muri Kongo aho bikigendeka. Aho rero inkwirikizi mbi zikaba zibonekeza. Akagira ati : “Abo bakenyezi naho bagiye basize abana ngaha. Ubu rero bakaba batanguye kuba ba mayibobo ku kiyaga”.
Uwo yahora abarongoye iryo akabandanya avuga ko ingingo yo kubahagarika itakurikije amategeko kuko batagishijwe inama. Amenyesha kandi ko batumweko umusi wo kubahagarika gusa. N’agashavu kenshi ati: “Twaguye mu gahundwe kuko ntitwanagabishijwe ko tugiye guhagarikwa. Bamwe mbere bakaba batari banafise amikoro yo kubandanya babaho ni co gituma baciye bahungira mu bihugu bibanyi”.
Basaba kurenganurwa
Bamwe mu bahora barangura umwuga w’ubupishi twashoboye kuganira basaba ko umwuga wabo wosubira kurekurirwa gukora. Agira ati: “Ivyo batwagiriza ko twasambuza ingo z’abarovyi ntibifashe kuko bari kurondera ababikora bagashengezwa hanyuma umwuga ukabandanya. Mbega ubu hoho aho baduhagarikiye nta zirirwa zirasambuka ?”
Bamenyesha ko ingingo yafashwe gihutihuti ata matohoza abaye. Barongera bagasaba inzego nshasha z’intara ya Rumonge ko zobarenganura kuko naho muri abo bakenyezi hoba harimwo abakora ubwo bubisha, ntivyotuma umwuga wose uhagarara. Bakagira bati : “Naho umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango, abategetsi ni barabe bace inkoni ngufi. Badusubize ku murimo hama iyo ngeso mbi isubiriye kwibonekeza hafatwe ingingo ku babikora”.
N’ubwo abo bapfasoni bahagaritswe, umwuga wo gukinjikira abarovyi ukaba warabandanije ariko ukorwa n’abasore. Abo na bo bakaba baciye biyita “Abaterekwa” nk’uko tubibwirwa na Sad Mukanya, icegera c’uwurongoye ishirahamwe ry’abarovyi.