Abakunda kujana mu ntara canke mu burere haberamwo uburovyi, barakunda kwumva abantu bita « Abapishi », ariko ntibashobore kumenya iyo iryo jambo risigura canke iyo uwo mwuga wazananye. Twaragerageje kubatohoreza ukuntu uwo mwuga ujanye n’uburovyi wavutse hamwe n’iyo watanguriye.
Igihe igihugu c’Uburundi kigiriye ivyago vy’intambara mu1993, Abarundi batari bake harimwo n’abarovyi barahungiye mu bihugu bibanyi. Hari abarashoboye kujana ubwato bwabo, abenshi bafata inzira ya Tanzaniya.
Kubera abarovyi baba baraye mu mazi baba barushe cane kandi bashonje, biba bikenewe ko bavuyeyo baronka ico bashira mu nda. Ni ko gusanga muri Tanzaniya hoho babimenye kera, maze hari abantu bakora umwuga wo guteka, abavuye ku mwehe bagasanga bihiye. Niho ba barundi rero baca babonerwaho, maze barondera ababafasha kubategurira ibifungurwa.
Kubera muri ico gihugu kibanyi basanze abategura izo nfungurwa basanzwe ari abakenyezi, abo barovyi bavuye mu Burundi na bo bahavuye barondera abakenyezi mu mpunzi z’Abarundi kugira babafashe kubategurira “akaboga” igihe bavuye mu kiyaga. Abo rero ni bo bitwa “Abapishi”.
Mu mwaka w’2012 aho abantu batanguriye kuva mu buhingiro, abo bakenyezi bakora uwo mwuga baciye baza kuwubandaniriza kumyehe yo ku kiyaga Tanganyika. Uko imisi yagenda, abarangura uwo mwuga batanguye kugwira aho gushika mu mwaka w’2018 bari hagati y’ibihumbi bibiri n’ibihumbi bitatu. Ubwato bumwe bwose bwari bufise umupishi, ariko hari aho wasanga hari umupishi atekera abarovyi barenga batanu canke batandatu bivanye n’uko bumvikanye na ba nyene bwo.
Umwuga wabatunze
Mu guhemba abo bakenyezi bajejwe gukinjika, abarovyi babaha imboga (aha mwumve ifi, imikeke,… kuko muri ako karere bavyita imboga). Ariko hari naho babongererako amahera yo gusuma ibijana n’izo mboga. Iyo uburovyi bwagenze neza, barashobora kuronka imboga nyinshi ugasanga barazishoye nabo bakikenura kandi bagateza imbere imiryango yabo.
Icegera c’umukuru w’abarovyi mu kiyaga Tanganyika atwiganira ati: « Mu kiringo c’indwi zitatu zemewe ko abarovyi bamara mu kiyaga, abapishi barashobora kuronka amafaranga ibihumbi mirongo itanu canke ibihumbi ijana bivanye n’uko badandaje umusesekara w’imboga bahawe n’abarovyi”. Ivyo bikerekana ko uwo mwuga wari utunze imiryango y’abawurangura.
Nk’uko tuvyiganirwa n’umwe muri abo bakenyezi, batanguye uwo mwuga badashika na mirongo ibiri. Gertrude Nsabiyabandi ati : “Twavuye muri Tanzaniya turi abapishi nka cumi na babiri. Dushitse mu Rumonge, niho abandi bagiye baraza umwe umwe bafata ibipe vyo ngaha nyene hanyuma abakora uwo mwuga bahava baragwira.” Nk’uko yabandanije abitwiganira, abo bakenyezi bava mu mihingo yose y’igihugu kuko kuva i Kabonga gushika mu Kajaga hose hari abapishi. Eka ngo hakaba harimwo n’abava mubihugu bibanyi nka Kongo n’Urwanda.
Icaterera kiravoma…
Kubera ko wari umwuga urimwo akarusho ugereranije n’iyindi myuga abakenyezi bakora, warahurumbirwa kandi abenshi barashoboye gukuramwo amatongo, abandi ibitungwa eka n’abandi bararonka imitahe batangura urudandazwa. Nadine Sinzinkabo, umupishi wo ku mweha wa Rumonge yatwiganiye ko yashoboye kurihira abana biwe amashure barabandanya kandi umwana mukuru akaba yararangije amashure yisumbuye.
Ariko mu mwaka w’2018, abategetsi b’intara ya Rumonge bafashe ingingo yo guhagarika uwo mwuga. Mu mvo zatumye iyo ngingo ngo ni kubera ko “abo bakenyezi bari inkwezi y’amarere y’isambuka ry’ingo”. Kuva ico gihe, imiryango myinshi yari itunzwe n’uwo mwuga iba igiye mu bihe bitoroshe. Ingo nyinshi zirasambuka nyabuna, abakenyezi bahora bahora uwo mwuga bamwe bahitamwo kuja kuronderera ahandi abandi baja mu bundi buzima.