Muri zone Ruziba, abahumure, urwaruka, abavyeyi… bemeza ko kwibeshaho bigoye. Ukuzimba kw’ibitari bike, kubura akazi, amatongo yaze, igwirirana ry’abantu n’ibindi, ni zimwe mu ntambanyi zituma ubukene bwiyongera muri ako gace. Aha ikibazo akaba ari kimwe: ni iyihe igiki cofasha kugira ababa muri iyo zone bave muri ubwo bukene ?
“Ubukene buratugeramiye. Udafise aho wisumamwo canke ngo udandaze, ntushobora kuba ngaha mu Ruziba.” Bivugwa na Claudine, umukenyezi w’imyaka 25 adandariza amamesa hafi y’isoko ya Ruziba. Yicaye munsi y’umutaka n’umwana mu minwe, yemeza ko ata nyugu aronka, naho biruta kwicara muhira.
Uyu mukenyezi amenyesha ko yunguka amahera aterenga 1 500 ku musi. Aharuye amahera bakoresha ku kwezi mu muryango, ahitamwo kuza kwirirwa yicaye kuri iryo zuba: “Inzu tubamwo tuyiriha 20 000 ku kwezi, dufungura amahera arenga ibihumbi 4 500 ku musi, kandi ntitugira aho turima.”
Charlotte yariko adandaza ivyamwa impande ya Claudine, na we ati: “Uyu arivugisha kuko afise abana bake. Jewe ngaburira abana batanu kandi harimwo abo ndihira amahera y’ishure.”
Nk’uko abandanya abitwiganira, aho hambere nta bantu benshi bari mu Ruziba. Hari indimiro gusa. Se na nyina bari abarimyi. Barakota aho barima imyumbati, ibigori, inkore n’ibindi, bagatungwa no kurima.
Aremeza ko yagiye mu vyo kudandaza kubera kubura uko agira: “Abo twahora dukotera amatongo barayagurishije abandi barayubatsemwo. Ubu tubayeho ku musi ku musi kuko ntitugira aho turima kandi nta n’imitahe dufise.”
Kubaho uteze amashi
Abari mu rugero rw’urwaruka na bo nyene ntiborohewe. Emmanuel tumusanze ari kumwe na mugenzi we Thomas, bafasha abantu kubika no kubikura amafaranga hakoreshejwe iterefone. Yararangije kaminuza, mu gisata c’indimi. Nawe akagira ati: “Ubwanwa bwarapfutse umunwa. Maze umwaka ngaburirwa na bashikanje bandandaza ibiyoba bikaranze mu gisagara ca Bujumbura.”
Uwo musore w’ imyaka 26, yakuze atagira se. Igihe yatangura amashure ya kaminuza yibwira ko agiye gufasha nyina kurera batoya biwe, mugabo ubu ni bo bariko baramugaburira. N’umubabaro mwishi, ati : “Kimwe mu bintu bimbabaza ni uko mbura ico nkora mfise inguvu.”
« Urwaruka ni rwo duhanze amaso »
Makurata, ni umutakazi w’imyaka 74, ari mu bakozi bariko barakubura ibarabara. Atwiganira ati : “Raba akazi ndiko ndakora n’imyaka mfise. Ndafise aho mba ariko singira ico ndya kuko ata ho mfise ndima.”
Avuga ko amosozi akoroka iyo yihweje amagorwa abuzukuru biwe bahejeje amashure barimwo. Ikimubabaza, ngo ni ukuntu badashobora kwigurira agahusuzu canke kwivuna inyota. Icibagiwe co ni umugambi wo kurongora. Uwo mukamakare ati: “Jewe nibaza ko bazotanwa ikara.”
Abona ko ubukene bwatewe n’igwirirana ry’abantu. Aho hambere hahise, ngo bararima bagashikana ku kiyaga Tanganyika. Inyumbati yari yariraye: “Ubududu ntitwaburya ngo tubushobore. Bumwe twarabuca nk’inkwi kuko nta n’umwe twaronka abutugurira.”
Arangiza avuga ati: “Kugira tuve muri ubu bukene, urwaruka rufise inguvu ni rwo duhanze amaso kuko baronse amahera yo kwiteza imbere, ibintu vyohinduka.”
Nta nkeka ko gushigikira urwaruka rukijukira ingendo yo kwiteza imbere ari yo nzira irashe yofasha gutorera umuti ikibazo c’ubukene muri ako gace k’igisagara. Urwaruka ni rwo rugifise inguvu n’ivyiyumviro bishasha vyofasha muri urwo rugamba. Ariko ikibazo kihari akaba ari: ko urwo rwaruka rwama ruvuga ko rufise ivyiyumviro ariko rubuze umutahe, uwo nawo wova hehe ?
Cet article s’inscrit dans le cadre du projet EEYP – Economic Empowerment of Youth towards Peacebuilding and Crisis Prevention in Burundi soutenu par IFA & GFFO et exécuté par WAR CHILD et AJEBUDI-YAGA