article comment count is: 1

Kubandwa : ibintu twomenya kuri iryo banga (igice ca mbere)

Twakuze twumva ko, aho hambere hahise, Abarundi bambaza Imana babicishije mu mugirwa wo “kubandwa”. Ariko icibonekeza, ni uko hari vyinshi tutazi kuri uwo mugirwa, canke ivyo tuzi ukutari ko, kuko umwe canke uwundi abivuga uko yavyumvise, canke avyibaza. Umuco ku co ari co kubandwa, ababirekurirwa, n’ingene vyakorwa. 

“Kubandwa, ni irivuga rigobotowe mu rivuga kubanda. Kubanda ni nka kurya abantu bagundana cane iyo ari benshi. Baca bavuga ngo barabandana. Uwubandwa rero bavuga ko abandwa na Kiranga. Ngo Kiranga aba amuhagazeko. Ni ukuvuga ko Kiranga abanda umutima w’uno muntu. Ni co gituma uwubandwa bamwita, imbandwa, imandwa.” Iyo ni indangurakintu itangwa n’umutohoji Patiri Adiriyano Ntabona.

Avuga ko uwuriko arabandirwa, yumva mu mutima ko hari ububasha bumujemwo burengeye abantu, buva ku Mana.
Ico abantu birengagiza, ni uko Abarundi bamye bemera Imana. Patiri akagira ati : “Imbere y’uko haza amadini y’ibitabo, twaremera Imana. Irya nyene twahavuye tumenyera mu gitabo Bibiriya.”

Urubanza rwo kubandwa rwaba rufise ico rwerekeye, uwatumyeko imbandwa, yabanza kumenyesha ico ashaka ko babandirwa. Uwabahuza n’Imana nawe akaba yari Kiranga.

Amamuko ya Kiranga ntahurizwako

Ku bwa Adrien Ntabona, Imana ntiboneka. Abantu na bo ngo baba bakeneye ikintu bibonera n’amaso, bagakorako. Ni co gituma bari baratoye Kiranga. Kiranga “si uw’ino iwacu gusa, mbere yavuye muri Tanzaniya, ahantu bita mu Banyamwezi. Se yitwa Wamara”. Ino rero barabishimye, baca barabikwirikira na bo.

Ariko Gilbert Negamiye wo muri komine ya Gisozi we abizi ukundi. Avuga ko yakuze bamubwira bati : “Kiranga yaje ava mw’Ijuru, akorokera ku musozi witwa Ngara, muri komine ya Kayokwe, intara ya Mwaro. Ngo yaciye ashogomanga yigira mu gasumo ka Mwaro. Ni co gituma bavuga ko gasuma ntigatware, kandi kuzura ntigatware.”

Patiri Ntabona avuga ko batigeze basenga Kiranga ku gatwe kiwe. Ngo babona ko Imana yiyerekana muri we, kugira ngo abantu bakoreko, bumve, baganire, kuko Imana itaboneka.

Kenshi yaba ari umukenyezi 

Kiranga kenshi yaba ari umukenyezi, w’igicamvyaro. Umuhinga Ntabona na we nyene aravyemeza. Ahantu hose habaye amatohoza, wasanga ahenshi abagira uruhara rwa Kiranga, baba ari abagore bakuze, “abakamakare”*. Ni bo barongora igisabisho co gusenga, akaba ari bo bavumera, Imana ikabacako. 

Ivyo ngo ni iteka ridasanzwe ku bakenyezi, akagira ati : “Umugore yabanzwe, umugabo agira amukubite, yaca avumera. Ni nk’uko mu ntambara, umukenyezi yabaye Kiranga agiye hagati y’abarwana, na canecane yifashe ku mabere yerekana ko ari umuvyeyi akavumera, abarwana baca bashira ibirwanisho (amacumu, imyampi…Ndlr) hasi, bagakoma amashi, intambara igahagarara, kuko babona ko Imana ibibategetse imuciyeko.”

Ariko mu ntango, Kiranga yari umugabo.

Ikimenyetso c’ubumwe ku Barundi 

Abarundi babandirwa hamwe bose, ata vangura: Abahutu, Abaganwa, Abatwa n’Abatutsi. Umupfasoni Florida Nijimbere w’i Gisozi, amenyesha ko Umututsi aramutse abandwa, urwo rubanza rutaba hatarimwo Abahutu ; n’Umuhutu yateguye kubandwa kwari uko nyene. 

Patiri Ntabona aravyemeza, akongera ati : “Erega na harya batanga umwaka, uburo bwo gusya, Abatutsi babukura mu Bahutu, Abahutu bakabukura mu Btautsi.”

Kwiraba ingondo (ingwa yera)

Imbere yo kwambaza Imana, ababandwa bose babanza kwiraba ingwa. Bayikura mu kimanga citwa ikinyengwa. Bahejeje kwiraba, baca bitwa ibihweba, ari vyo bishegu. Mu kwiraba, baratoba mu tuzi dukeya, bagaheza bakisiga ku matama no mu ruhanga. Ni na ho mbere ibihweba baheza bakavyita amasera. Uwuza kuba Kiranga yaba azwi, akambara ivyisa. Aje kwisiga imvyino zaca zisekera kurushiriza.

Nk’uko bimenyeshwa na Gilbert Negamiye, uwufise urubanza yaratereka harya bugorovye, ababanyi bakaza, bagasoma rugasosa, agaheza akamenyesha urubanza afise. Ku bwiwe ngo kari akaryo ko gutekanya abantu baza kwumva abavyina ijoro ryose, bamenye ibiriko biraba ntibibaze ko hari umudugararo. 

Igituma biraba ingwa yera, ngo isanzwe ari ikimenyetso c’Imana nk’uko umwigisha Ntabona abivuga. Iyo mbere ngo baranayikoresha mu kwatira abashingantahe kera.

Vyarashika hakagira abatiraba kubera imiziro itandukanye. Cassilde Inagakima, avuga ko uwuri mu butinyanka, canke uwugandaye atashobora kwiraba, mugabo baraja mu bandi bakabandwa. 

Inyifato y’uwatiwe mu kubandwa

Umupfasoni Florida Nijimbere, asanzwe ari umukirisu yabatijwe mw’idini rya gatorika. Avuga ko kera yari yaratiwe muri iryo banga ryo kubandwa, kuko yari ageze mu bigero. Ngo kera uwuja kwubaka urwiwe babanza kumubandirwa, akanatirwa muri iryo banga. 

Uwugira yatirwe mw’ibanga yaba yitwa Nyakere. Mu kwatirwa rero, bamugaburira ku ngasiro, agaheza akarisha umunwa, kurya kw’ibikoko.

Patiri Ntabona ati : “Babigira uko, kugira ngo berekane ingene akiri Nyakere, yari ubusa, akicisha bugufi, akigira nk’ikigugu kugira ngo asabe. Baranamwita ‘Nyakute’. Ni ukuvuga, amase atawe n’inka yuta. Ni igitutsi kibi mugabo yaravyemera, kugira ngo ahabwe ibanga. Ni ho bavuga ko kubandwa ari uguheba.”

Ivyo vyuhirwa n’imbandwa yitwa Bernadette Mbanzendore. Avuga ko iyo ngasiro yaba iriko amababi y’umurinzi, ari wo bita umugumya. Ico giti kikaba cari gihambaye cane kera. Ingasiro ngo bayita inganji. Iruhande y’ivyo baca bamuremeka ku mutwe urugiga rw’umurinzi (umugumya), bakamubwira bati : “Ukarimena rizokumena inda…”, bagaca batererako akavyino.

Uwatiwe rero yaca aronka irindi zina rijanye n’iryo banga. Mu gihe co kubandwa yahamagarwa iryo, kanatsina yaba yabaye uwundi muntu.

*: umukamakare, ni umukenyezi w’umutamakazi

Turabaramukije,
Mwoshobora kudutiza iminota itarenze ibiri, mukishura kuri utu tubazo twerekeye ivy’imfashanyo mw’iterambere zihabwa Uburundi ? Ivyo mutwishura bizokingirwa, kandi bihejeje gukoreshwa bizoca bifutwa.
https://surveyr.datacoll.nl/uyloczloje

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Le culte de kubandwa a été combattu par l’administration belge et les églises européennes, l’église catholique en tête. Celà qui fait que pour les nouvelles générations, ce culte a été assimilé à une abomination. Dans ma jeunesse, un vieux couple du voisinage pratiquait ce culte la nuit en cachette et on les évitait comme la peste. A l’église on chantait des chansons dénigrant Kiranga et remerciant Jésus de nous en avoir débarassé. Yezu mukiza wa bose…wabonye abantu bagowe bicwa nabi na Kiranga bikagutera ikigongwe ukaza kubacungura. Un exemple parfait de l’acculturation,l’aliénation et une haine de soi très graves. L’abbé Ntabona justement parlait dans ses écrits et conférences de la fin des années soixante de l’aliénation causée par l’enseignement secondaire ou du vide culturel comme facteur de sous-développement. La situation n’a pas changé.